-
Yongera guhumanura urusengeroYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 103
Yongera guhumanura urusengero
MATAYO 21:12, 13, 18, 19 MARIKO 11:12-18 LUKA 19:45-48 YOHANI 12:20-27
AVUMA IGITI C’UMUSUKONI KANDI AGAHUMANURA URUSENGERO
YEZU ATEGEREZWA GUPFA KUGIRA BENSHI BARONKE UBUZIMA
Yezu n’abigishwa biwe bamaze amajoro atatu i Betaniya kuva bavuye i Yeriko. Ubu na ho ni ku wa mbere mu gitondo itariki 10 Nisani, bakaba bariko baja i Yeruzalemu. Yezu arashonje. Nuko abona igiti c’umusukoni hama akaja aho kiri. None yoba agisangako insukoni?
Ni mu mpera za Ntwarante, ariko insukoni zitangura kwera muri Ruheshi. Amababi y’ico giti aratotahaye kuko yameze hakiri kare. Ni co gituma Yezu yibaza ko gishobora kuba kiriko insukoni za kare. Ariko rero nta zo ahasanga. Amababi y’ico giti yamuhenze. Yezu rero avuga ati: “Ntihabe hakigira uwongera kurya insukoni zo kuri wewe.” (Mariko 11:14) Ubwo nyene nya giti gica gitangura kwuma, insobanuro y’ico kintu ikaba imenyekana bukeye.
Bidatevye, Yezu n’abigishwa biwe barashika i Yeruzalemu. Aja ku rusengero, urwo yari yasuzumye ku mugoroba w’imbere y’aho. Ubu ho ntasuzuma ibintu gusa: akora ikintu gisa n’ico yakoze imyaka itatu imbere y’aho, kuri Pasika yo mu 30. (Yohani 2:14-16) Arahindira hanze “abari mu vyo kugurishiriza no kugurira mu rusengero.” Arahenagura kandi “imeza z’abakaba amahera be n’intebe z’abariko bagurisha inuma.” (Mariko 11:15) Ntiyemera mbere ko hagira n’umwe atwara ibintu ku rundi ruhande rw’igisagara aciye mu kigo c’urusengero.
Ni kubera iki Yezu akarira abariko baravunja amahera n’abagurishiriza ibitungwa mu rusengero? Avuga ati: “Ntivyanditswe none ngo: ‘Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo ku mahanga yose’? Mugabo mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi.” (Mariko 11:17) Abo bagabo abita abambuzi kuko baca amaboko ababwirizwa kugura ibitungwa batangako ibimazi. Yezu abona ko ivyo bakora ata ho bitandukaniye n’ubusuma.
Abakuru b’abaherezi, abanyabwenge b’ivyanditswe hamwe n’abantu bakurubakuru bo muri iryo hanga barumva ivyo Yezu yakoze bagaca barushirizaho kurondera kumwica. Ariko bari n’ingorane. Ntibabona ingene bokwica Yezu, kubera abantu baguma bamukurikira kugira bamwumvirize.
Uretse Abayuda b’imvukira, hariho kandi n’abinjiye idini ryabo baje kuri Pasika. Muri bo harimwo Abagiriki baje kuri uwo musi mukuru gusenga. Nuko begera Filipo, kumbure kubera afise izina ry’ikigiriki, bakamusaba yuko bobona Yezu. Filipo ashobora kuba atabona neza ko uwo mubonano woba ukenewe. Ni co gituma abiganira na Andereya. Baca bashikiriza Yezu ico kibazo, bikaba biboneka ko akiri ku rusengero.
Yezu arazi ko asigaje imisi mikeyi, kikaba atari co gihe co kurondera kumenyekana canke kwiyereka abashaka kwimara urusaku. Mu kwishura izo ntumwa, abaha akarorero ati: “Isaha irageze y’uko Umwana w’umuntu aninahazwa. Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Agatete k’ingano kataguye mw’ivu ngo gapfe, kaguma ari kamwe gusa; mugabo iyo gapfuye, karaheza kakama vyinshi.”—Yohani 12:23, 24.
Agatete kamwe k’ingano womenga nta co kamaze. Ariko rero, iyo gashizwe mw’ivu hama ‘kagapfa,’ karashobora gukura kakavamwo ihundo ririmwo intete nyinshi. Muri ubwo buryo nyene, Yezu ni we muntu wenyene atunganye. Yamara rero, agumye ari umwizigirwa ku Mana gushika ku rupfu, azoshobora gutuma benshi bafise umutima wo kwitanga baronka ubuzima budahera. Ni co gituma Yezu avuga ati: “Uwukunda cane ubuzima bwiwe aba abwishe, mugabo uwanka ubuzima bwiwe muri iyi si azobuzigama ku bw’ubuzima budahera.”—Yohani 12:25.
Yezu ntariko yiyumvira ivyiwe gusa, kuko avuga ati: “Nimba umuntu ashaka kunkorera, nankurikire, kandi aho ndi ni ho n’umusuku wanje azoba. Nimba umuntu ashaka kunsukurira, Data azomutera iteka.” (Yohani 12:26) Mbega impembo nziza! Abaterwa iteka na Se bazofadikanya na Kristu kuganza mu Bwami.
Yiyumviriye umubabaro ukomeye n’urupfu rubabaje bimurindiriye, Yezu avuga ati: “Ubu umutima wanje urahagaze. None mvuge iki? Data, nkiza iyi saha.” Ariko Yezu ntagomba guhunga gukora ivyo Imana ishaka. Yongerako ati: “Yamara rero, iki ni co catumye nshika kuri iyi saha.” (Yohani 12:27) Yezu arashigikira ivyo Imana ishaka vyose, ushizemwo n’urupfu rwiwe rwo kutubera incungu.
-
-
Abayuda boba bizera naho bumva ijwi ry’Imana?Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 104
Abayuda boba bizera naho bumva ijwi ry’Imana?
BENSHI BARUMVA IJWI RY’IMANA
ISHINGIRO RYO GUCA URUBANZA
Ni ku wa mbere itariki 10 Nisani. Yezu ari ku rusengero, akaba ariko avuga ibijanye n’urupfu rwiwe rwimirije. Kubera arajwe ishinga n’ingaruka bizogira kw’izina ry’Imana, avuga ati: “Data, ninahaza izina ryawe.” Haca humvikana ijwi rikomeye rivuye mw’ijuru riti: “Nararininahaje kandi nzokwongera kurininahaza.”—Yohani 12:27, 28.
Abantu bari ng’aho barazazanirwa. Bamwe biyumvira ko bumvise umuturagaro. Abandi na bo bavuga bati: “Umumarayika avuganye na we.” (Yohani 12:29) Yamara rero, Yehova ni we ahejeje kuvuga! Kandi iryo si irya mbere abantu bumvise ijwi ry’Imana rivuga ku bijanye na Yezu.
Imyaka itatu n’igice imbere y’aho, igihe Yezu yabatizwa, Yohani Umubatizi yarumvise Imana ivuga ivyerekeye Yezu iti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” Haciye igihe, inyuma ya Pasika yo mu 32, Yezu yarahindutse ukundi imbere ya Yakobo, Yohani na Petero. Abo bagabo batatu barumvise Imana ivuga iti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye; nimumwumvirize.” (Matayo 3:17; 17:5) Ariko ubu hoho, kuri iyi ncuro igira gatatu, Yehova aravuga ku buryo abantu benshi bamwumva!
Yezu avuga ati: “Iryo jwi ntiryumvikanye ku bwanje, ahubwo ryumvikanye ku bwanyu.” (Yohani 12:30) Ni ikimenyamenya cemeza ko ari Umwana w’Imana vy’ukuri, Mesiya yari yarasezeranywe.
Vyongeye, ukuntu Yezu yabayeho ari umwizigirwa ni akarorero dukwiye kwigana kandi biremeza ko Shetani wa mutware w’iyi si akwiye gupfa. Yezu avuga ati: “Ubu iyi si iraciriwe urubanza; ubu umutware w’iyi si agira atabwe hanze.” Urupfu rwa Yezu rwimirije si ugutsindwa, ahubwo ruzoba ari intsinzi. Uti gute? Asigura ati: “Yamara jewe, ninaduzwa ngakurwa kw’isi, nzokwikwegerako abantu b’uburyo bwose.” (Yohani 12:31, 32) Biciye ku rupfu rwiwe, Yezu azokwikwegerako abandi bantu, bitume bashobora kuronka ubuzima budahera.
Isinzi ngo ryumve ivyo Yezu avuze ku bijanye no ‘kuduzwa,’ risubizayo riti: “Twumvise mw’Itegeko yuko Kristu agumaho ibihe vyose; none uvuga gute yuko Umwana w’umuntu ategerezwa kuduzwa? Uwo Mwana w’umuntu ni nde?” (Yohani 12:34) Naho bafise ibimenyamenya vyinshi, ushizemwo n’ijwi ry’Imana ubwayo, benshi muri bo ntibemera ko Yezu ari Umwana w’Imana vy’ukuri, umwe Mesiya yasezeranywe.
Nk’uko yari amaze kubigira, Yezu avuga ko ari “umuco.” (Yohani 8:12; 9:5) Ahimiriza iryo sinzi ati: “Umuco uzoba muri mwebwe akandi kanya gatoyi. Nimugende umwanya mugifise umuco, kugira ngo umwiza ntubaneshe . . . Umwanya mugifise umuco, nimwizere umuco, kugira ngo mucike abana b’umuco.” (Yohani 12:35, 36) Yezu aca ava ng’aho akagenda, kubera yuko ari itariki 10 Nisani, hakaba hataragera ko apfa. Kuri Pasika itariki 14 Nisani ni ho ‘azoduzwa’ amanikwe ku giti.—Abagalatiya 3:13.
Dutereje amaso inyuma ku gikorwa ca Yezu, biraboneka ko Abayuda bariko barashitsa ubuhanuzi igihe banka kumwizera. Yesaya yaravuze ko abantu bohumwe amaso, imitima yabo na yo igakomantara ku buryo badahindukira ngo bakizwe. (Yesaya 6:10; Yohani 12:40) Ego cane, Abayuda benshi baranse n’ibigirankana kwemera ibimenyamenya vyerekana ko Yezu ari we Murokozi wabo yari yarasezeranywe, ni ukuvuga inzira ijana mu buzima.
Nikodemu, Yozefu w’i Arimateya n’abandi batware benshi ‘barizeye Yezu vy’ukuri.’ Ariko none, ubwo bazokwatura ko bamwizera canke bazotinya kubigira, kubera banka gucibwa mw’isinagogi canke kubera ‘bakunda ubuninahazwa bw’abantu’?—Yohani 12:42, 43.
Yezu ubwiwe arasigura ico kumwizera bisobanura. Agira ati: “Uwunyizeye ntaba yizeye jewe gusa, ahubwo aba yizeye n’uwandungitse; kandi uwumbonye aba abonye n’uwandungitse.” Ukuri Imana yategetse Yezu kwigisha, ari na kwo Yezu abandanya gutangaza, kurahambaye ku buryo avuga ati: “Uwunkengera ntiyakire amajambo yanje ari n’uwumucira urubanza. Ijambo navuze ni ryo rizomucira urubanza ku musi wa nyuma.”—Yohani 12:44, 45, 48.
Yezu aca asozera ati: “Kuko ntavuze ndavyitumye, ahubwo Data ubwiwe yandungitse ni we yampaye ibwirizwa ry’ivyo ntegerezwa kumenyesha n’ivyo ntegerezwa kuvuga. Kandi ndazi yuko ibwirizwa ryiwe risobanura ubuzima budahera.” (Yohani 12:49, 50) Yezu arazi ko hasigaye igihe gitoyi amaraso yiwe agaseseka kugira acungure abantu bamwizera.—Abaroma 5:8, 9.
-