-
Imva iragaragara kuko Yezu ari muzima!Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 134
Imva iragaragara kuko Yezu ari muzima!
MATAYO 28:3-15 MARIKO 16:5-8 LUKA 24:4-12 YOHANI 20:2-18
YEZU AZURWA
IVYABAYE KU MVA YA YEZU
ABONEKERA ABAGORE BATARI BAKE
Ese ukuntu nya bagore bagwa mu gahundwe basanze imva ya Yezu igaragara! Mariya Magadalena aca yirukanga kurondera “Simoni Petero [na] wa mwigishwa wundi Yezu yiyumvamwo,” ni ukuvuga intumwa Yohani. (Yohani 20:2) Ariko rero, abandi bagore basigaye ku mva baza babona umumarayika. Indani muri iyo mva hari uwundi mumarayika, akaba “yambaye ikanzu yera.”—Mariko 16:5.
Umwe muri abo bamarayika ababwira ati: “Ntimutinye, kuko nzi yuko muriko murondera Yezu umwe yamanikwa. Nta wuri ng’aha, kuko yazuwe, nk’uko yabivuze. Ingo murabe aho yari aryamye. Nimugende ningoga rero mubwire abigishwa biwe ko yazuwe mu bapfuye, kandi ehe arabitangira imbere kuja i Galilaya.” (Matayo 28:5-7) Nya bagore baca biruka kubibwira abigishwa, bakagenda ‘barahinda agashitsi kandi umutima wabavuyemwo.’—Mariko 16:8.
Ubu Mariya yamaze kubona Petero na Yohani. Ababwira ahezagirika ati: “Bakuye Umukama mu mva, kandi ntituzi aho bamushize.” (Yohani 20:2) Petero na Yohani baca bagenda bariruka. Yohani aramusiga akaba uwa mbere mu gushika ku mva. Ararunguruka indani akabona ibitambara, mugabo akaguma hanze.
Petero ashitse, ubwo nyene aca yinjira. Abona za mpuzu z’ilino hamwe n’igitambara cari kizingiriye mu mutwe wa Yezu. Yohani araheza akinjira, akabona kwemera ivyo Mariya yavuze. Naho Yezu yari yabibabwiye, nta n’umwe muri bo yemera ko yazuwe. (Matayo 16:21) Nuko basubira i muhira bazazaniwe. Ariko Mariya we, aguma aho ku mva, kuko yari yamaze kugaruka.
Muri ako kanya, ba bandi bagore bari mu nzira bagiye kubwira abigishwa ko Yezu yazutse. Bakiriko baranyaragasa, Yezu ahura na bo akababwira ati: “Amahoro!” Baca ‘bikubita imbere y’ibirenge vyiwe.’ Maze Yezu ababwira ati: “Ntimutinye! Nimugende muvyiganire bene wacu, kugira baje i Galilaya; ni ho bazombonera.”—Matayo 28:9, 10.
Imbere y’aho, igihe haba nyamugigima hagaca haseruka abamarayika, abasoda bari barinze imva “barajugumiye ku buryo bacika nk’abapfuye.” Bagaruye akenge, baciye binjira mu gisagara maze “biganira abakuru b’abaherezi ivyari vyabaye vyose.” Abaherezi baciye baja inama n’abagabo b’inararibonye b’Abayuda. Baciye bumvikana guha igiturire nya basoda kugira bahishe ivyabaye maze bavuge bati: “Abigishwa biwe baje mw’ijoro baramwiba dusinziriye.”—Matayo 28:4, 11, 13.
Umusoda w’Umuroma arashobora kwicwa aramutse asinziriye ari ku kirindiro. Ku bw’ivyo, abaherezi babasezeranira bati: “[Ibinyoma vy’uko mwasinziriye] nivyashika mu gutwi kwa buramatari, tuzomwumvisha anyurwe, namwe tubakize amaganya.” (Matayo 28:14) Nya basoda barakira ico giturire hama bagakora ivyo abaherezi babasavye. Ivyo bituma ikinyoma c’uko ikiziga ca Yezu cibwe gikwiragira mu Bayuda.
Mariya Magadalena araciyuha iryosozi ku mva. Nuko arunama akitegereza indani maze akabona abamarayika babiri bambaye ivyera! Umwe yicaye ku mutwe w’aho ikiziga ca Yezu cari kiryamye, uwundi na we hepfo. Bamubaza bati: “Mugore, urizwa n’iki?” Yishura ati: “Batwaye Umukama wanje, kandi sinzi aho bamushize.” Mariya arahindukira, akabona uwundi muntu. Amubaza ca kibazo nyene abamarayika bamubajije, akongerako ati: “Urondera nde?” Mariya yibaza ko ari umurimyi, akamubwira ati: “Mutungwa, nimba wamutwaye, mbwira aho wamushize, ndamukureyo.”—Yohani 20:13-15.
Mu vy’ukuri, Mariya ariko avugana na Yezu yari yazutse, ariko muri uwo mwanya ntamumenya. Ariko rero, igihe amuhamagaye ati: “Mariya!” aca amenya ko ari Yezu, afatiye ku kuntu yari asanzwe amuvugisha. Mariya aranezerwa akamubwira atangaye ati: “Rabuni!” (bisobanura ngo “Mwigisha!”) Ariko rero, kubera yuko Mariya atinya ko Yezu agira aduge mw’ijuru, aramwumirako. Ni co gituma Yezu amubwira ati: “Reka kunyumirako. Kuko ntaraduga kwa Data. Ahubwo genda kuri bene wacu ubabwire uti: ‘Ngira nduge kwa Dawe ari we So, ku Mana yanje ari yo Mana yanyu.’”—Yohani 20:16, 17.
Mariya aca yiruka aja aho intumwa n’abandi bigishwa bakoraniye. Ababwira ati: “Nabonye Umukama!”, ivyo bikaba vyiyongera ku vyo ba bandi bagore bamaze kuvuga. (Yohani 20:18) Yamara rero, ayo makuru ‘aboneka nk’ayatagira mvura kuri izo ntumwa.’—Luka 24:11.
-
-
Yiyereka abantu benshi amaze kuzukaYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 135
Yiyereka abantu benshi amaze kuzuka
YIYEREKA ABIGISHWA KU NZIRA IJA I EMAWUSI
ASIGURIRA IVYANDITSWE ABIGISHWA BIWE
TOMA AHERA AMAZINDA
Ni ku wa mungu itariki 16 Nisani. Abigishwa baracavunitse umutima. Ntibatahura igituma basanze imva ya Yezu igaragara. (Matayo 28:9, 10; Luka 24:11) Mu nyuma kuri uwo musi, Kileyopa n’uwundi mwigishwa barava i Yeruzalemu bakaja i Emawusi nko ku bilometero 11.
Bagenda baraganira ku biherutse kuba. Umuntu batazi arabahamvya, akababaza ati: “Ivyo bintu mugenda muraharirako hagati yanyu ni ibiki?” Kileyopa yishura ati: “Woba wibana i Yeruzalemu uri kavamahanga ku buryo utazi ivyahabaye muri iyi misi?” Nya muntu na we ati: “Ibiki?”—Luka 24:17-19.
Bamubwira bati: “Ivyerekeye Yezu Umunyanazareti. Twari twizigiye ko uyo muntu ari we abwirizwa kurokora Isirayeli.”—Luka 24:19-21.
Kileyopa na mugenziwe baca bamugira ku muriri ivyabaye kuri uwo musi. Bamubwira ko hari abagore bagiye ku mva ya Yezu bagasanga iragaragara be n’uko babonekewe n’abamarayika bakababwira ko Yezu ari muzima. Bamubwira ko hariho n’abandi bagiye ku mva ‘bagasanga ibintu bimeze nk’uko nya bagore bari babivuze.’—Luka 24:24.
Biraboneka ko abo bigishwa babiri bazazaniwe n’ivyo bintu vyabaye. Nya muntu batazi arabakosora adafyina, bikaba bibakora ku mutima cane. Ababwira ati: “Emwe mwa bantu b’imburabwenge kandi b’umutima uteba kwemera ibintu vyose abahanuzi bavuze! Mbega ntivyari bikenewe ko Kristu ashikirwa n’ivyo bintu hanyuma akinjira mu buninahazwa bwiwe?” (Luka 24:25, 26) Aca abasigurira n’ibindi vyanditswe vyinshi bifitaniye isano na Kristu.
Bose uko ari batatu barateba bagashika hafi y’i Emawusi. Abo bigishwa babiri bipfuza kumenya n’ayandi makuru, ni co gituma binginga nya muntu bati: “Gumana natwe, kubera ko buriko buragoroba kandi umusi ukaba umaze kwiterera.” Arabemerera hama bagasangira ibifungurwa. Nya muntu ahejeje gutura isengesho, akamanyura umukate maze akawubaha, baca bamumenya, mugabo agaca akamangana. (Luka 24:29-31) Ubu rero baramenye neza ko Yezu ari muzima!
Nya bigishwa babiri baca batangura kuganira bashwashwanutse ku vyo bahejeje kubona. Bavugana bati: “Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko avugana natwe ku nzira, igihe yariko adusigurira Ivyanditswe?” (Luka 24:32) Baranyaragasa bagasubira i Yeruzalemu, aho intumwa n’abandi bakoraniye. Imbere y’uko Kileyopa na mugenziwe bagira ico bavuze, abandi bababwira bati: “Mu vy’ukuri Umukama yazuwe kandi yiyeretse Simoni!” (Luka 24:34) Abo babiri baca babiganira ingene Yezu yabiyeretse. Emwe, na bo nyene bamwiboneye amaso mu yandi!
Ubu rero bose bagwa mu gahundwe. Baza babona Yezu aserutse mu cumba barimwo! Bisa n’ibisiga ubwenge kuko bari bugaye imiryango yose kubera ugutinya Abayuda. Ariko ng’uyo Yezu ahagaze hagati yabo! Ababwira atekanye ati: “Mugire amahoro.” Mugabo baratekewe n’ubwoba. Nk’uko vyigeze gushika imbere y’aho, “biyumvira ko babonye impwemu” canke umuzimu.—Luka 24:36, 37; Matayo 14:25-27.
Kugira ngo Yezu abereke ko atari umuzimu canke ikindi kintu biyumvira, ahubwo ko afise umubiri w’inyama n’amaraso, abereka ibiganza n’ibirenge vyiwe maze akababaza ati: “Kubera iki muhagaritse umutima, kandi kubera iki inkeka ziza mu mitima yanyu? Raba ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje, mubone yuko ari jewe ubwanje; nimunkorakore murabe, kubera ko impwemu itagira inyama n’amagufa nk’uku mubona ndabifise.” (Luka 24:36-39) Barahimbarwa cane kandi bagatangara naho bataranyurwa neza.
Kugira abafashe kwemera ko ari Yezu vy’ukuri bari kumwe, ababaza ati: “Hari ikintu mufise ng’aho co kurya?” Bamuha igipande c’ifi yokeje maze akakirya. Aca ababwira ati: “Aya ni ya majambo yanje nababwira nkiri kumwe namwe [imbere y’uko mpfa], yuko ibintu vyose vyanditswe mw’itegeko rya Musa no mu Bahanuzi no mu Mazaburi ku binyerekeye bitegerezwa kuranguka.”—Luka 24:41-44.
Yezu yari yafashije Kileyopa na mugenziwe gutahura Ivyanditswe. Ubu na ho abigirira abakoraniye ng’aho bose. Ababwira ati: “Uku ni ko vyanditswe yuko Kristu yobabajwe hanyuma akazuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu, be n’uko mw’izina ryiwe ukwigaya ku bwo kubabarirwa ibicumuro kwokwamamajwe mu mahanga yose—guhera i Yeruzalemu, mubwirizwa kuba ivyabona vy’ivyo bintu.”—Luka 24:46-48.
Nta wuzi igituma intumwa Toma atari ho yari kuri uwo musi. Mu misi ikurikira, abandi baramwiganira n’akamwemwe bati: “Twabonye Umukama!” Toma asubizayo ati: “Ntabonye mu biganza vyiwe aho imisumari yaciye, ngo ninjize urutoke aho imisumari yaciye, ngo nongere ninjize ukuboko mu rubavu rwiwe, sinzogenda nemeye.”—Yohani 20:25.
Haciye imisi umunani, abigishwa bongera gukoranira hamwe biyugaranye, ariko ubu hoho na Toma ni ho ari. Yezu aboneka hagati yabo afise umubiri w’inyama, akabaramutsa ati: “Mugire amahoro.” Arahindukira akaraba Toma, akamubwira ati: “Shira urutoke rwawe ng’aha, urabe n’ibiganza vyanje, wongere ufate ukuboko kwawe ukwinjize mu rubavu rwanje, uheze ureke gukekeranya, ahubwo wemere.” Toma aratangara ati: “Mukama wanje kandi Mana yanje!” (Yohani 20:26-28) Emwe, aranyuzwe yuko Yezu ari muzima, akaba ari ikiremwa c’ububasha giserukira Yehova Imana.
Yezu amubwira ati: “Wemeye kubera umbonye? Hahirwa abemera batarinze kubona.”—Yohani 20:29.
-