Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
© 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
2-8 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 41-42
«Ntutinye»
ip-2 20 ing. 10
Ubuhanuzi buremesha bukwerekeye
10 Yehova arabona ibizoba nko mu myaka 200 iri imbere, akabona uko ibintu bizogenda kw’isi. Ingabo zikomeye ziyobowe na Kuro ziraza zihuta zikarwanya abansi bazo kandi zikabatsinda. Amahanga menshi, mbere n’abantu baba mu mazinga ya kure, baratekerwa n’ubwoba. Kubera ubwoba, baraja hamwe ngo barwanye uwo Yehova yahamagaye amukuye mu buseruko ngo ashitse urubanza rwiwe. Bararemeshanya, bakabwirana ngo «komera.»
Yesaya 41:10—“Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe”
“Ndi kumwe nawe.” Yehova arabwira abasavyi biwe imvo yotuma batagira ubwoba. Ababwira ko batari bonyene. Kubera ko abona ingorane bacamwo, akumva n’amasengesho yabo, ni nk’aho ari kumwe na bo.—Zaburi 34:15; 1 Petero 3:12.
“Ndi Imana yawe.” Yehova arahumuriza abasavyi biwe mu kubibutsa ko akiri Imana yabo be n’uko abashima. Barashobora kwizigira badakeka ko ata kintu na kimwe cotuma Imana itabafasha.—Zaburi 118:6; Abaroma 8:32; Abaheburayo 13:6.
“Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.” Yehova arakoresha amungane atatu ashimika ku ciyumviro kimwe mu gukura amazinda abasavyi biwe ko azobafasha. Arakoresha imvugo ngereranyo mu guserura ukuntu avyifatamwo igihe bari mu nkenero. Igihe umuntu atemvye, Imana iramuhagurutsa ikoresheje ukuboko kwayo kw’ukuryo.—Yesaya 41:13.
Ikintu nyamukuru Imana ikoresha mu gukomeza abasavyi bayo no mu kubafasha ni Ijambo ryayo Bibiliya. (Yosuwa 1:8; Abaheburayo 4:12) Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana riratanga impanuro zifasha ababa bari mu ngorane, nk’ubukene, indwara canke ukubura uwabo. (Imigani 2:6, 7) Imana kandi irakoresha impwemu yayo nyeranda, ari zo nguvu zayo, mu gutuma abasavyi bayo bashobora kwihanganira ingorane zibashikira.—Yesaya 40:29; Luka 11:13.
“Ntutinye. Jewe nzogufasha”
Ayo majambo arahumuriza vy’ukuri! Niwihe ishusho y’ico kintu Yehova adusezeranira. Mu bisanzwe, ng’aho ntihavuga ko ugenda ufatanye ukuboko na Yehova, naho n’ico nyene coba ari ikintu gihimbaye. Iyaba kwari ukugenda ufatanye na we, ukuryo kwiwe kwociye gufata ukubamfu kwawe. Ahubwo Yehova aramvura ‘ukuryo kwiwe kw’ubugororotsi’ agafata ‘ukuboko kwawe kw’ukuryo,’ akamera nk’uwugukwega agukura mu ngorane urimwo. Amaze kugufata ukuboko, aca aguhumuriza ati: “Ntutinye. Jewe nzogufasha.”
None wewe Yehova woba umubona nk’Umuvyeyi be n’Umugenzi ashobora kuguserukako mu marushwa? Arakwitwararika, akitaho ineza yawe, kandi ariteguriye kugufasha. Igihe uri mu ngorane, Yehova yipfuza ko utekana kubera yuko agukunda cane. Vy’ukuri, Yehova ni “imfashanyo yoroshe kuronka mu gihe c’amarushwa.”—Zab. 46:1.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
w01 1/10 20 ing. 3
Kudahemuka bisobanura iki?
Yehova yabwiye umugenzi wiwe Aburahamu ati: «Ndi inkinzo yawe.» (Itanguriro 15:1; Yesaya 41:8) Ako ntikari akarimi gusa. Yehova yarakingiye Aburahamu n’umuryango wiwe yongera arabarokora mu maboko ya Farawo na Abimeleki. Yarafashije Aburahamu kurokora Loti igihe abami bane bari bagize urunani bamutera. Yehova yaratumye Aburahamu umutama w’imyaka 100 na Sara umutamakazi w’imyaka 90 bashobora kuvyara kugira rwa ruvyaro rwari rwarasezeranywe ruboneke biciye kuri bo. Yehova yama avugana na Aburahamu biciye ku mayerekwa, mu ndoto no ku bamarayika. Emwe, Yehova ntiyigeze ahemukira Aburahamu, haba igihe yari akiriho canke haheze igihe kirekire apfuye. Mu kiringo c’imyaka amajana, Yehova yagumye ashitsa ivyo yasezeraniye uruvyaro rwa Aburahamu, ari ryo hanga rya Isirayeli, naho bagumye bamugarariza. Ibintu Yehova yakoreye Aburahamu birerekana neza ico kudahemuka bisobanura: ni urukundo rwigaragaza mu bikorwa.—Itanguriro ikigabane ca 12 gushika ku ca 25.
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ni igiki cogufasha kudatinya urupfu?
Inyishu Bibiliya itanga
Mu vy’ukuri turatinya urupfu nka kurya dutinya umwansi kandi turagira ivyo dushoboye vyose kugira turwirinde. (1 Abakorinto 15:26) Yamara, gutinya urupfu bivuye ku binyoma canke ku kwemera ibintazi, biratuma abantu baba mu “buja ubuzima bwabo bwose.” (Abaheburayo 2:15) Kumenya ukuri bizotuma utaba ugitinya urupfu, ukwo gutinya kukaba gushobora gutuma ubuzima butakuryohera.—Yohani 8:32.
Ukuri ku vyerekeye urupfu
● Abapfuye nta co bazi. (Zaburi 146:4) Ntukwiye kugira ubwoba wibaza ko niwapfa uzobabazwa canke ukaja mu muriro udahera, kuko Bibiliya igereranya urupfu n’itiro.—Zaburi 13:3; Yohani 11:11-14.
● Abapfuye ntibashobora kutugirira nabi. Mbere n’abahora ari abansi katwa kandi b’inkazi “[n]ta co bashoboye mu rupfu.” (Imigani 21:16) Bibiliya ivuga ko “urwanko rwabo n’ishari ryabo [vyamaze] gushira.”—Umusiguzi 9:6.
● Si ngombwa ngo iyo dupfuye bibe biheze. Imana izosubiza ubuzima abantu bapfuye, ivyo ikaba izobigira mu kubazura.—Yohani 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15.
● Imana irasezerana igihe ‘urupfu rutazoba rukiriho.’ (Ivyahishuwe 21:4) Ku bijanye n’ico gihe, Bibiliya ivuga iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera,” badatinya gupfa.—Zaburi 37:29.
9-15 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 43-44
Ubuhanuzi bwanditswe hagisigaye imyaka amajana abiri ngo buranguke
gm 124 ing. 16-17
Ubuhanuzi bwarangutse
16 Mu 539 imbere ya Kristu, Babiloni yaratakaje ikibanza co kuba intwaro nganzasi igihe Kuro umutegetsi akomeye w’Umuperesi, ari kumwe n’ingabo z’Abamedi, yaza gutera ico gisagara. Ariko Kuro yasanze ibintu bitoroshe. Babiloni yari ikikujwe n’ibihome amahero kandi bikomeye. Uruzi runini Efurate rwaca muri ico gisagara na rwo nyene rwaragikingira.
17 Umutohozakahise w’Umugiriki Herodote aravuga ukuntu Kuro yatoreye umuti ico kibazo c’uruzi ati: «Yashize abasoda bakeyi aho urwo ruzi rwinjirira mu gisagara, abandi abashira aho rusohokera, aca abategeka ko nibabona amazi agabanutse boca binjira mu gisagara baciye muri urwo ruzi . . . Yarakatishije Efurate mu guca umugende waja mu runogo runini rumeze nk’ikiyaga [rwari rwimbwe n’umutegetsi yahoze atwara Babiloni], ico gihe rukaba rwarimwo ivyondo. Ivyo vyatumye amazi y’uruzi Efurate agabanuka ku buryo umuntu ashobora kurucamwo. Ba basoda bari aho urwo ruzi rusohokera baciye binjira mu gisagara baciye muri rwo, rukaba rwabagera ku matako.»
it «Cyrus» ing. 6
Kuro
Babiloni itsindwa. Ubu Kuro yiyemeje gutera Babiloni igisagara gikomeye. Kuva ico gihe, aragira uruhara mu gushitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Mu buhanuzi Yesaya yavuze bujanye no gusubira kwubaka Yeruzalemu n’urusengero rwaho, uwo mutegetsi w’Umuperesi avugwa ko yagenywe na Yehova Imana ngo atembagaze Babiloni maze arekure Abayuda bari barajanywe mu bunyagano. (Yes 44:26–45:7) Ubwo buhanuzi bwanditswe hagisigaye imyaka irenga 150 ngo Kuro abe umutegetsi kandi bishoboka ko Yeruzalemu yacitse umusaka Kuro ataravuka. Ariko Yehova yari yaravuze ko Kuro yobaye «umwungere» atunganiriza Abayuda. (Yes 44:28; gereranya na Rm 4:17.) Kubera yari yaragenywe imbere y’igihe, yitwa ‘uwo Yehova yatoye’ (ijambo ryakoreshejwe ng’aho rifitaniye isano n’ijambo ry’igiheburayo mashiaḥ, ni ukuvuga mesiya, n’ijambo ry’ikigiriki khristos, ni ukuvuga kristu). (Yes 45:1) Bibiliya ivuga ko Imana «[yamu]hamagaye mw’izina» kuva imbere y’igihe. (Yes 45:4) Ivyo ntibisigura ko Imana ari yo yamwise iryo zina igihe yavuka. Ahubwo bisigura ko Yehova yamenye imbere y’igihe ko umuntu yitwa iryo zina yovutse kandi ko Yehova yomuhamagaye mw’izina ryiwe.
it «Cyrus» ing. 16
Kuro
Ingene Kuro yafashe Abayuda vyari bitandukanye cane n’ingene abandi bategetsi bari barabafashe. Yarasubije ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova Nebukadinezari wa 2 yari yarajanye i Babiloni, aratanga uruhusha rwo kuzana ibiti vy’amasederi babikuye i Libani, yongera aremera ko amahera yokoreshwa mu kwubaka yova mu kigega c’i bwami. (Ezr 1:7-11; 3:7; 6:3-5) Nk’uko biboneka ku candikano citiriwe Kuro, uwo mutegetsi muri rusangi yisunze amategeko yabo yerekana ingene bafata abantu batsinzwe. Kuri ico candikano herekana ko ari nk’aho yavuze ati: «Hari ibisagara biri hakurya y’uruzi Tigiri vyari bimaze igihe kirekire ari umusaka. Muri ivyo bisagara narasubijeyo ibishusho vyahorayo kugira vyigumireyo ibihe bidahera. N’abantu bahora babayo narabakoranije ndabasubizayo.»—Vyakuwe mu gitabu Les inscriptions de la Perse achéménide, rup. 184.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibibazo vy’abasomyi
Akarorero ka kabiri kerekeye ubuhanuzi bwavuga ivy’umwami yitwa Kuro yokwigaruriye Babiloni. Kuro yorekuye Abayuda bakava mu bunyagano akongera agatanga itegeko ryo gusubira kwubaka urusengero rwa Yehova. (Yes. 44:26–45:4) Uwo mwami Kuro w’Ubuperesi yarashikije ubwo buhanuzi. (Ezr. 1:1-4) Ariko rero ntiyasenga Imana y’ukuri. Yehova yaramukoresheje kugira ngo ashitse ubwo buhanuzi atarinze kumugobera ngo abe umusavyi wiwe, narirya yari afise uburenganzira bwo kwihitiramwo uwo yosenga.—Imig. 21:1.
16-22 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 45-47
«Ndi Imana, nta n’imwe imeze nkanje»
“Izina ryawe niryezwe”
14 Nta co Shetani atakoze kugira ngo aburabuze umugambi wa Yehova. Ariko vyagumye bimuta ku w’amazi. Bibiliya yerekana ko Yehova yagiye aragira ico akoze, ikerekana n’uko ata wuriho ameze nka Yehova Imana. Mu vy’ukuri, Yehova yaratuntujwe cane n’ubugarariji bwa Shetani n’abifadikanije na we bose. (Zab. 78:40) Ariko rero ico kibazo yagitunganije akoresheje ubukerebutsi, ukwihangana n’ubutungane. Yarerekanye kandi ko ari Mushoboravyose mu buryo butandukanye. Ikiruta vyose, urukundo rwiwe rurigaragaza mu vyo akora vyose. (1 Yoh. 4:8) Yehova yagumye akora adahengeshanya kugira ngo yeze izina ryiwe.
«Yehova . . . afise ububasha bwinshi»
14 Nk’uko tuza kubibona, Imana irakoresha ububasha mu kurema, mu gusangangura, mu gukingira no mu gusubiza ibintu mu buryo. Muri make, irabukoresha mu gukora ikintu ico ari co cose gikenewe kugira irangure imigambi yayo itunganye. (Yesaya 46:10) Mu bihe bimwebimwe, Yehova arakoresha ububasha bwiwe mu guhishura imice ihambaye ya kamere yiwe n’ingingo mfatirwako ziwe. Ikiruta vyose, arakoresha ububasha bwiwe mu kurangura umugambi wiwe, ni ukuvuga kweza izina ryiwe biciye ku Bwami bwa Mesiya no mu kwerekana ko uburyo ategeka ari bwo bwiza kuruta ubundi bwose. Nta kintu na kimwe gishobora kwigera kimubuza gushitsa uwo mugambi.
it «Le retour des exilés de Babylone» ing. 1
Abari mu bunyagano bava i Babiloni
MU 607 imbere ya Kristu, igihugu c’Ubuyuda caracitse ‘umusaka, gisigara ata wukibamwo’, naho cahora gisagamvye. Abayuda bari bajanywe mu bunyagano i Babiloni, abasigaye bahungira mu Misiri. (Yr 9:11) Ariko rero, Imana y’urukundo ntiyogumije abasavyi bayo mu bunyagano ibihe vyose. Yehova yari yaravuze ko Abayuda «[botegerejwe] gukorera umwami wa Babiloni imyaka 70», irangiye agaca akura mu bunyagano aboba basigaye. (Yr 25:11, 12; 29:10-14) Naho intwaro nganzasi ya Babiloni yasa n’aho ata woyinyiganyiza, ntiyari gushobora kubuza Imana gushitsa umugambi wayo. Kuba Abayuda barasubiye mu gihugu cabo, birerekana ko ubuhanuzi Yehova avuze buranguka urudome ku rundi.
w99 1/6 14 ing. 18-19
Turahimbarwa kubona Yehova atwereka inzira yiwe
18 Muri iki gihe, cokimwe no mu bihe vyaheze, kugendera mu nzira ya Yehova bisaba kuba intadohoka—akaba ari ukwiyemeza kuba ari we musa dusukurira. Bisaba kwizigira—kukaba ari ukwizera tugaherezako yuko ivyo Yehova yasezeranye ari ivy’ukuri kandi ko bizoranguka. Kugendera mu nzira ya Yehova bisaba kugamburuka—ivyo na vyo akaba ari ugukurikiza amategeko yiwe tudakevya be no kwitondera ingingo ngenderwako ziwe ziri hejuru. “Uhoraho [ni] umugororotsi, kand’akunda ivyo kugororoka.”—Zaburi 11:7.
19 Ahazi yahanze amaso imana z’i Siriya kugira ngo atekanirwe. Abisirayeli bari mu Misiri bizigiye yuko ikimanakazi casengwa hose mu Buseruko bwo Hagati bwa kera bita “umwamikazi wo mw’ijuru” cobazaniye ugusagamba mu vy’umubiri. Muri iki gihe, nyinshi mu mana zisengwa si ibishushanyo bushushanyo. Yezu yaraburiye abantu kudakorera “Itunga” aho gukorera Yehova. (Matayo 6:24) Intumwa Paulo yaravuze ivyerekeye “kwifuza ivy’abandi, [ar]i kwo gusenga ibigirwamana.” (Ab’i Kolosayi 3:5) Yaravuze kandi abantu usanga “imana yabo [ar]i inda.” (Ab’i Filipi 3:19) Ni vyo, amahera be n’ibintu vy’umubiri biri mu mana nkurunkuru zisengwa muri iki gihe. Mu vy’ukuri, benshi—tutibagiye n’abari mu madini—‘bizigira ubutunzi butar’ubwo kwizigira.’ (1 Timoteyo 6:17) Benshi barakora bagatama bakorera izo mana, kandi hari abagira ico babikuramwo—kuba mu nzu nzizanziza, gutunga ibintu bizimvyezimvye be no gufungura ibitayega. Ariko rero si bose binovora ubwo butunzi. Mbere n’abagize ngo barabwinovora barateba bagasanga ivyo bintu ubwavyo bitabamara akanyota. Si ivyo kwishimirwa, ni ivy’akanya gato kandi ntibironsa umuntu ivyo akenera mu vy’impwemu.—Matayo 5:3.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Imana yoba yari izi ko Adamu na Eva bocumuye?
Ivyanditswe birerekana kandi ko Yehova ari “inkerebutsi [we]nyene.” (Abaroma 16:27) Abamarayika b’Imana bariboneye ibintu vyinshi bigaragaza ubwo bukerebutsi butagira uko bungana. Igihe Yehova yarema ivyo kw’isi, baciye batangura “gusamiriza impundu.” (Yobu 38:4-7) Nta gukeka ko ivyo biremwa vy’impwemu bifise ubwenge vyakurikiranira hafi ibiba mw’itongo ry’i Edeni. Wumva none vyumvikana ko Imana y’inkerebutsi, imaze kurema ikirere giteye akoba hamwe n’ibitangaza vyo kw’isi bitagira uko bingana, yari guca irema ibiremwa bidasanzwe bibiri izi neza ko bitazororanirwa, ikabirema abana bayo b’abamarayika babona? Tuvugishije ukuri, cobaye ari ikintu kitumvikana Imana iteguye ibintu bibabaje nk’ivyo.
Ariko hari uwoca avyura ikibazo ati: ‘None vyagenze gute ngo Imana nyene ubukerebutsi bwose ntimenye ko vyobaye?’ Ego ni ko, kimwe mu bintu biranga ubukerebutsi buhambaye bwa Yehova ni ubushobozi bwiwe bwo kumenya ‘iherezo kuva mu ntango.’ (Yesaya 46:9, 10) Ariko rero, si ngombwa ko akoresha ubwo bushobozi, nk’uko nyene bitama ari ngombwa ko akoresha ububasha bwiwe bwose butagira urugero. Ubwo bushobozi Yehova afise bwo kumenya ibintu imbere y’igihe, abukoresha ku bintu bimwebimwe gusa abigiranye ubukerebutsi. Abukoresha igihe haba hari imvo yumvikana yo kubigira, akaraba n’uko ibintu vyifashe.
23-29 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 48-49
Numenye ivyo Yehova akwigisha wongere uvyisunge
it «Enseignant, Enseignement» ing. 2
Umwigisha, inyigisho
Yehova Imana, Umuremyi wacu, ni Umwigisha ahambaye w’abasavyi biwe. (1Bm 8:36; Zb 27:11; 86:11; 119:102; Yes 30:20; 54:13) Ivyaremwe biratwigisha ko hariho Imana ifise ubukerebutsi. Turashobora kugira ubushakashatsi mu vyaremwe canke tukavyihweza kandi gushika ubu abantu bamaze kwubura utuntu dukeyi gusa. (Yb 12:7-9) Vyongeye, biciye ku mayerekwa adasanzwe, Yehova Imana yarigishije abantu izina ryiwe, umugambi wiwe, n’amategeko yiwe. (Gereranya Kv 4:12, 15; 24:12; 34:5-7.) Ayo mayerekwa turayasanga mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya, kandi biciye kuri Bibiliya turamenya neza ivyo Imana igomba. (Rm 15:4; 2Tm 3:14-17) N’impwemu y’Imana iratwigisha.—Yoh 14:26.
Bibiliya ivuga iki ku burenganzira bwo kwihitiramwo? Imana yoba ari yo ishinga ibidushikira?
● Imana yaremye abantu mw’ishusho yayo. (Itanguriro 1:26) Twebwe abantu ntitumeze nk’ibikoko kuko vyo bigenza itima. Tumeze nk’Umuremyi wacu kuko dushobora kugaragaza kamere nk’urukundo n’ubutungane. N’ikindi kandi, turafise uburenganzira bwo kwihitiramwo nk’uko n’Umuremyi wacu abufise.
● Ku rugero runini, turashobora gushinga ukuntu kazoza kacu kazomera. Bibiliya ituremesha “guhitamwo ubuzima . . . mu kwumviriza ijwi [ry’Imana],” ni ukuvuga mu guhitamwo kugamburuka amategeko yayo. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20) Ico kintu idusaba coba ata co kivuze, eka mbere kikaba kiranga ububisha, hamwe tutoba dufise uburenganzira bwo kwihitiramwo. Aho kuduhata ngo dukore ivyo ishaka, Imana idutumira n’igishika iti: “Ese iyaba wokwumviriza koko amabwirizwa yanje! Amahoro yawe rero yomera nk’uruzi.”—Yesaya 48:18.
‘Mwiyubake ku kwizera kwanyu kweranda rwose’
8 Ng’aho Yehova atwibutsa ko kumugamburukira ari twebwe bigirira akamaro. Adusezeranira ko azoduhezagira mu buryo bubiri nitwamugamburukira. Ubwa mbere: amahoro yacu azomera nk’uruzi runini ruguma rutemba kandi rutekanye. Ubwa kabiri: ubugororotsi bwacu buzomera nk’imipfunda y’ikiyaga. Igihe uhagaze ku nkengera y’ikiyaga maze ukitegereza ukuntu imipfunda yaco iguma yisukira, nta gukeka ko uca ubona mu bwenge ikintu kitigera gihera. Iyo mipfunda izoguma iza, yisuka kuri iyo nkengera uko imyaka irengana. Yehova avuga ko ushobora kuguma ukora ibigororotse gushika ibihe bidahera. Emwe, niwaguma winanata ngo ntumuhemukire, na we ntazokwigera aguheba! (Soma Zaburi 55:22.) None iyo mihango yeza umutima ntituma urushiriza kwizera Yehova be n’ivyo adusaba bigororotse?
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it «Temps agréé» ing. 1-3
Igihe c’ukwemerwa
Mu 2 Bakorinto 6:2 intumwa Pawulo asubiramwo ubuhanuzi buri muri Yesaya 49:8 bugira buti: «Yehova avuze ati: “Mu gihe c’ugushimwa narakwishuye, kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye. Nagumye ndakuzigama kugira ndagutange ngo ubere abantu isezerano, ngo igihugu gisubizwe umutamana, ngo ntume basubira ku ntoranwa zabo zacitse umusaka.”» Biboneka ko mu ntango ayo majambo yabwiwe Yesaya aserukiye ihanga rya Isirayeli. (Yes 49:3) Bigaragara ko bwari ubuhanuzi bw’ingene Abisirayeli bosubiye mu gihugu cabo. Bwatanguye kuranguka igihe barekurwa bakava i Babiloni. Babwiwe bati: «Nimusohoke!» Baciye basubira mu gihugu cabo, maze ico gihugu cari caracitse umusaka kirasubira kwubakwa.—Yes 49:9.
Ku murongo wa 8 w’ico kigabane nyene havuga ngo «kugira ndagutange ngo ubere abantu isezerano.» Ku murongo wa 6 na ho havuga ko «umusavyi» wa Yehova yotanzwe ngo abere «umuco amahanga, kugira ngo ubukiriro bw’[Imana] bushike ku mpera z’isi.» Ayo majambo yerekeza ku buhanuzi bwerekeye Mesiya, akaba yarangukiye kuri Kristu Yezu «umusavyi» w’Imana. (Gereranya Yes 42:1-4, 6, 7 na Mt 12:18-21.) Kubera ko «igihe c’ukubonwa neza» cari igihe Yehova ‘yokwishuye’ umusavyi wiwe akongera ‘akamutabara’, iyo mvugo itegerezwa kuba yerekeza ku gihe c’ubusuku bwa Yezu bwo kw’isi, aho «[yatakambiye] Umwe yari ashoboye kumukiza urupfu yongera aramusaba, hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi, kandi yarumviwe kubera ko yatinya Imana.» (Heb 5:7-9; gereranya na Yoh 12:27, 28; 17:1-5; Lk 22:41-44; 23:46.) Rero, uwo wari «umusi w’ubukiriro» ku Mwana w’Imana. Ico gihe yaragaragaje ugutungana kutagira agahaze, gutyo aba «[acitse] uwujejwe kuronsa ubukiriro bw’ibihe bidahera abamugamburukira bose.»—Heb 5:9.
Vyongeye, kuba Pawulo yarasubiyemwo ubwo buhanuzi birerekana ko bwerekeye n’abakirisu, abo yahimirije ‘kutemera ubuntu bw’Imana buhebuje, hanyuma ngo bahushe intumbero yabwo.’ Yababwiye kandi (ahejeje gusubiramwo ibivugwa muri Yes 49:8) ati: «Raba! Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa. Raba! Ubu ni wo musi w’ubukiriro.» (2Kr 6:1, 2) Abo bakirisu baracitse «Isirayeli y’Imana» yo mu buryo bw’impwemu kuva kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu kubandanya. (Gl 6:16) Ariko bari bakeneye kwerekana ko babereye ubuntu bw’Imana buhebuje kugira «igihe . . . c’ukwemerwa» kibabere «umusi w’ubukiriro.»
6-12 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 50-51
Niwumvirize uwigishijwe n’Imana
Kumenyereza abasuku b’Ubwami
5 Igihe kigeze, Yehova yarigishije Umwana wiwe ibijanye n’ubusuku yoranguye kw’isi. Zirikana ubuhanuzi budondora ubucuti bwari hagati y’uwo Mwigisha Ahambaye n’Umwana wiwe w’imfura. (Soma Yesaya 50:4, 5.) Ubwo buhanuzi buvuga ko Yehova yakangura Umwana wiwe “uko bukeye.” Iyo mvugo ngereranyo itanga iciyumviro c’umwigisha akangura umunyeshure wiwe kare mu gitondo kugira amwigishe. Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga giti: “Yehova . . . ni nk’aho amutwara mw’ishure nka kurya kw’umunyeshure, akamwigisha ivyo ategerezwa kwamamaza n’ukuntu ategerezwa kuvyamamaza.” Muri iryo “shure” ryo mw’ijuru, Yehova yarigishije Umwana wiwe ‘ivyo ategerezwa kumenyesha n’ivyo ategerezwa kuvuga.’ (Yoh. 12:49) Se yarigishije kandi Umwana wiwe ukuntu yokwigisha. Igihe Yezu yari kw’isi, yarakoresheje neza ukumenyerezwa yari yararonse, mu kurangura ubusuku bwiwe no mu kumenyereza abayoboke biwe kurangura ubusuku bwabo.
“Ndakunda Data”
13 Imbere y’uko uwo Mwana aza kw’isi, yaremeye abishashaye kwigishwa na Se. Ubuhanuzi bwo muri Yesaya 50:4-6 buhishura ko Yehova yahaye Umwana wiwe ukumenyerezwa kudasanzwe ku bijanye n’uruhara rwiwe rwo kuba Mesiya. Naho ukwo kumenyerezwa kwarimwo n’ivyo kwiga ibijanye n’imibabaro imwimwe yomushikiye, uwo Mwana Yehova yarobanuye yavyize abishashaye. Mu nyuma, Yezu amaze kuza kw’isi akaba umuntu akuze, yagumye ashashaye kuja ku nzu ya Se kugira yifatanye n’abandi mu gusenga yongere yungukire ku nyigisho Yehova yashaka ko itangirwa ng’aho. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko Yezu yama aja ku rusengero no kw’isinagogi. (Luka 4:16; 19:47) Nimba dushaka ko urukundo dukunda Yehova ruguma rukomeye, turakwiye kuja ku makoraniro ya gikirisu n’umwete, aho dusengera Yehova tukongera tukarushiriza kumumenya no kumukengurukira.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it «Carrière» ing. 2
Ahantu bimba amabuye
Yehova abicishije kuri Yesaya, arakoresha imvugo ngereranyo yerekeye ahantu bimba amabuye n’ibikorwa bihakorerwa. (Yes 51:1) Nk’uko umurongo ukurikira uvyerekana, ico «gitandara» biboneka ko ari Aburahamu, uwo ihanga rya Isirayeli ryakomotseko. Aho «hantu bimba amabuye» na ho ni Sara, uwibungenze Izahaki sekuruza wa Isirayeli mu gitereko ciwe cogereranywa n’ikinogo. (Yes 51:2) Ariko rero, kubera ko ivuka rya Izahaki ryabaye ku gitangaro bivuye ku bubasha bw’Imana, iyo mvugo ngereranyo y’ahantu bimba amabuye irashobora no kugira insobanuro ikomeye yo mu buryo bw’impwemu. Ni co gituma mu Gusubira mu vyagezwe 32:18 havuga ko Yehova ari ‘Igitandara cavyaye’ Isirayeli, ko ari we «yabavyaye [irivuga nyene ryakoreshejwe kuri Sara muri Yes 51:2] mu bubabare bw’ibise.»
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Kwizera Yezu vyonyene vyoba bihagije kugira dukizwe?
Habe namba! Naho kwizera Yezu bikenewe kugira turonke ubukiriro, hariho n’ibindi bisabwa. (Ivyakozwe 16:30, 31) Bibiliya ivuga iti: “Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye, ni ko n’ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.”—Yakobo 2:26.
13-19 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 52-53
Yezu yarerekanye urukundo rudasanzwe
Rwaruka, nimunanire akosho k’urunganwe
2 Abo mu runganwe rwawe boba bakugirako akosho gakomeye? Nimba ari ukwo biri, ni kubera iki? Vyoba biterwa n’uko wipfuza ko bakwemera? Ico cipfuzo ubwaco si kibi. Nkako, n’abantu bakuze usanga bipfuza kwemerwa n’abo mu runganwe rwabo. Nta muntu n’umwe, yaba umuto canke uwukuze, ashima ko bamuharira ivomo. Ariko rero, birumvikana yuko gushigikira ibigororotse bitazokwama bituma abandi bagushima. Mbere na Yezu ivyo vyaramushikiye. Naho ari ukwo, yama nantaryo akora ibigororotse. Naho bamwebamwe bamukurikiye bagacika abigishwa biwe, abandi barasuzuguye uwo Mwana w’Imana, ‘bamubona nk’ubusa.’—Yes. 53:3.
ip-2 205 ing. 25
Yehova ashira hejuru Mesiya Umusavyi wiwe
25 Yezu yoba yari afise umutima ukunze wo kwemera gufatwa nabi hanyuma akicwa? Yesaya avuga ati: «Yaracinyizwa, akemera gutezwa amarushwa, ariko ntakureko umunwa. Yazanywe nk’intama igiye kubagwa, nk’intama y’ingore yinumiye imbere y’abayimwa ubwoya, ntakureko umunwa.» (Yesaya 53:7) Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze kw’isi, yari gushobora gusaba «legiyoni z’abamarayika zirenga 12» ngo zize kumufasha. Ariko yavuze ati: «None Ivyanditswe vyoranguka gute, ko bivuga yuko bitegerezwa kugenda gutya?» (Matayo 26:53, 54) Uwo «Mwagazi w’intama w’Imana» ntiyigeze anana. (Yohani 1:29) Igihe abakuru b’abaherezi n’abashingantahe bamwagiriza ibinyoma imbere ya Pilato, «nta na kimwe yishuye.» (Matayo 27:11-14) Ntiyashaka kuvuga ikintu na kimwe cotuma adakora ivyo Imana yashaka ko akora. Yezu yaremeye gupfa ari ikimazi c’Umwagazi w’intama, kuko yari azi neza ko urupfu rwiwe rwotumye abantu bagamburuka bakurwako igicumuro, indwara n’urupfu.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it «Ustensiles» ing. 2
Ibikoresho
Akenshi ijambo keli ryerekeza ku bikoresho bitandukanye vyakoreshwa kw’ihema ryeranda. Muri ivyo bikoresho harimwo amasahani, amajage, ibipawa, amabakure, amakanya, udupanu tujamwo umuriro, udukasi, udupensi, ibibesani n’ibikombe. (Kv 25:29, 30, 39; 27:3, 19; 37:16, 23; 38:3; 1Bm 7:40-50; 2Ng 4:11-22) Kubera ko ivyo bikoresho vyakoreshwa mu gikorwa ceranda, na vyo nyene vyari «vyeranda.» (1Bm 8:4) Abayuda bavuye i Babiloni mu 537 imbere ya Kristu baratewe agateka ko kugenda bajanye ivyo bikoresho vyeranda Nebukadinezari yari yarakuye i Yeruzalemu. Ku bw’ivyo, babwirizwa kuguma batyoroye mu bijanye no gusenga no mu nyifato runtu. Babwirizwa gukurikiza iri tegeko ryari ryaratanzwe imbere y’igihe: «Nimuhindukire, nimuhindukire muveyo. Ntimukore ku gihumanye na kimwe. Nimuve iwe, mwirinde guhumana, mwebwe murerura ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova.» (Yes 52:11) Babwirizwa kwityorora ku mubiri, ariko kandi bakityorora no ku mutima. Igihe intumwa Pawulo yandikira Abakorinto, yarasubiyemwo amajambo ari muri Yesaya 52:11 mu kwerekana ko abakirisu na bo nyene babwirizwa kwiyuhagira ibintu vyose bihumanya umubiri n’umutima.—2Kr 6:14-18; 7:1.
20-26 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 54-55
Ni ibiki wokwemera guheba kugira wigishwe na Yehova?
Agaciro gahebuje k’inyigisho iva ku Mana
3 Kubera ukumera neza kwa Yehova, arafise umutima ukunze wo kwigisha abantu b’abanyagasembwa. Mu kuvuga mu buryo bw’ubuhanuzi ibijanye n’abakirisu barobanuwe, muri Yesaya 54:13 hagira hati: “Abana bawe bose bazokwigishwa nanje, jewe Uhoraho, kand’amahoro abana bawe bazogira azoba menshi.” Ku bwa ngingo, ayo majambo arakora no ku bagize “izindi ntama” za Kristu. (Yoh. 10:16) Ivyo birabonekera neza mu buhanuzi buriko buraranguka muri kino gihe cacu. Yesaya yarabonye mw’iyerekwa abantu bavuye mu mahanga yose bariko basendanisha baja ku gusenga kw’ukuri. Avuga ko babwirana bati: “Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’inzira zayo, natwe tuzigenderemwo.” (Yes. 2:1-3) Mbega ukuntu ari agateka kwigishwa n’Imana!
“Gura ukuri, ntukugurishe”
6 Soma Yesaya 55:1-3. Ayo majambo Yehova avuga biciye kuri Yesaya aradufasha kurushiriza gutahura ico bisobanura kugura ukuri. Muri iyo mirongo, Yehova agereranya ijambo ryiwe n’amazi, amata be n’umuvinyu. Ijambo ry’Imana riraturuhurira nka kurya kw’amazi apfutse. Vyongeye, riradukomeza kandi rikadufasha gukura mu vy’impwemu nka kurya nyene amata akomeza akongera agafasha abana gukura. N’ikindi kandi, Ijambo ry’Imana rimeze nk’umuvinyu. Uti gute? Muri Bibiliya, umuvinyu urafitaniye isano no kunezerwa. (Zab. 104:15) Kuba rero Yehova abwira abasavyi biwe ngo ‘bagure umuvinyu,’ biradukura amazinda ko iyo tubayeho twisunga ivyo asaba bituma tunezerwa. (Zab. 19:8) Ese ukuntu ari ikigereranyo ciza kidufasha gutahura ivyiza twironkera igihe twize kandi tugashira mu ngiro ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana! Reka ubu na ho twihweze ibintu bitanu twoshobora kwemera guheba kigura tugure ukuri.
NI IBIKI WAHEVYE KUGIRA UGURE UKURI?
7 Umwanya. Kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami, gusoma Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo, kwiyigisha Bibiliya, gutegura amakoraniro no kuyitaba, bisaba umwanya. Dutegerezwa “[k]wicungurira umwanya,” tukemera guheba ibikorwa bimwebimwe bidahambaye. (Soma Abanyefeso 5:15, 16.) None bisaba umwanya ungana iki kugira turonke ubumenyi butagira amakosa bw’inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya? Ivyo bivana n’uko ivyacu vyifashe. Ntituzokwigera duheza kwiga ivyerekeye ubukerebutsi bwa Yehova, inzira ziwe be n’ibikorwa vyiwe. (Rom. 11:33) Inomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi (mu congereza) yagereranije ukuri n’“agashurwe” maze ivuga iti: “Ntiwamure ishurwe rimwe gusa, iryo twogereranya n’ukuri kanaka. Iyaba ishurwe rimwe ryari rihagije, nta yandi yobaye akenewe. Nugume nyabuna wamura ayandi menshi.” Twoshobora rero kwibaza duti: ‘Mfise ubumenyi bungana gute ku bijanye n’ukuri?’ N’igihe tuzoba dufise ubuzima budahera, tuzoguma twiga ivyerekeye Yehova. Muri iki gihe, igihambaye ni ugukoresha neza umwanya wacu kugira twige vyinshi bishoboka, bivanye n’uko ivyacu vyifashe. Rimbura akarorero k’uwakoze ikintu nk’ico.
“Mwiyubare uburyo mwumva”
Hariho intambamyi nyinshi zozibira ugutega yompi kwacu. Imizirikanyi yacu irashobora kuba inyagaramwo imyitwarariko. Urwamo hamwe n’ibikomye hagati mu bumviriza canke hanze y’ahagirirwa ikoraniro bishobora kudusamaza. Ukwumva tumerewe nabi mu mubiri birashobora gutuma tutagumiza hamwe ivyiyumviro. Abafise abana bakiri bato bakunda gusanga ivyiyumviro vyabo bitaguma hamwe. None ni igiki gishobora kudufasha kugumiza hamwe ubwenge bwacu bukaguma butumberejwe kuri porogarama?
Amaso aragira akosho gakomeye ku hantu dutumbereza ivyiyumviro vyacu. Nukoreshe amaso agufashe kugumiza hamwe ivyiyumviro mu kuyagumiza ku mushikirizansiguro. Igihe avuze igisomwa kinaka ca Bibiliya, naho coba ari ico umenyereye, nukirondere, kandi ukurikire igihe agisoma. Nunanire inyosha yo guhindukiriza umutwe iyo urwamo rwose ruvugiye canke iyo agakomye kose gaherereye. Nimba amaso ariko asehurira umuzirikanyi wawe amakuru asamaza, uzohomba vyinshi mu biriko birashikirizwa ku mukiruruko.
Nimba hagize “ivyiyumviro bidurumbanya” bitumye bikugora gutumbereza ivyiyumviro kuri porogarama, nusenge Yehova umusaba ugutekana kw’umuzirikanyi n’umutima gukenewe kugira ngo utege yompi. (Zab. 94:19, NW; Flp. 4:6, 7) Nubigire kenshi nimba bikenewe. (Mat. 7:7, 8) Amakoraniro y’ishengero ni intunganyo Yehova yashizeho. Urashobora kwizigira yuko ashaka ko uyungukirako.—1 Yoh. 5:14, 15.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
“Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe”
14 Ica mbere, turiteze ko bazotwanka kubera ko turi abayoboke ba Kristu. (Mat. 10:22) Yezu yari yaravuze ko abigishwa biwe bohamwe bikomeye mu misi ya nyuma. (Mat. 24:9; Yoh. 15:20) Ica kabiri, ubuhanuzi bwa Yesaya buratuburira ko abansi bacu batazotwanka gusa, ahubwo ko bazoturwanya bakoresheje ibirwanisho bitandukanye. Muri ivyo birwanisho harimwo uruhendo, ibinyoma vyeruye n’uruhamo rukaze. (Mat. 5:11) Yehova ntazobuza abansi bacu gukoresha ivyo birwanisho mu kuturwanya. (Ef. 6:12; Ivyah. 12:17) Ariko ntidukwiye gutinya. Uti kubera iki?
15 Rimbura ikintu kigira gatatu dukwiye kwibuka. Yehova yavuze ko ‘ata kirwanisho cacuriwe kuturwanya kizororanirwa.’ Nka kurya nyene uruhome rudukingira ikirura c’imvura, Yehova aradukingira “uguhuhuta kw’impemu z’abatwaza umukazo.” (Soma Yesaya 25:4, 5.) Ikibi cose abansi bacu bodukorera ni ic’igihe gito.—Yes. 65:17.
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ukwiga kurazana impera
Aho gusa gutangurira ku ngingo ya 1 no hanyuma ukigīra gushika ku mpera, banza ufate umwanya wo kugenzura muri rusangi nya kiganiro cose uko kingana canke nya kigabane kiri muri ayo mayagwa. Nutangurire ku gusuzuma ingene umutwe w’ijambo uvuga. Uwo ni umutwe-shimikiro w’ivyo uzoba ugiye kwiga. Maze nufate nka nkama uvyitondeye ukuntu imitwe mitomito ijanye n’uwo mutwe-shimikiro. Niwihweze amashusho ayo ari yo yose, ibicapo ivyo ari vyo vyose canke utwumba ntanganyigisho utwo ari two twose biherekeza nya gisomwa. Niwibaze uti: ‘Nisunze iryo genzura ryo muri rusangi, ni ibiki niteze kwiga? Ni mu buryo ki bizoba ivy’agaciro kuri jewe?’ Ivyo birakurongora mu kwiga kwawe.
Ubu rero nufate ibintu mu minwe. Ibiganiro vy’ukwiga vy’Umunara w’Inderetsi hamwe n’ibitabu bimwebimwe birimwo n’ibibazo bicapuwe. Uko usoma ingingo yose, ni ngirakamaro yuko woza urashira akamenyetso ku nyishu. Naho hoba ata bibazo vy’icigwa birimwo, ushobora na ho nyene gushira akamenyetso ku bintu bikurubikuru ushaka kwibuka. Mu gihe iciyumviro usanze ari gishasha kuri wewe, numare akandi kanya gatoyi kuri co kugira wiyemeze yuko ugitahura neza. Uraba maso ku bigereranirizo canke ku buryo bwo kwiyumvira bizokubera ngirakamaro mu busuku bwo mu ndimiro canke ibishobora gushirwa mu nsiguro uzoshingwa gushikiriza. Niwiyumvire abantu kanaka bashobora gukomerezwa ukwizera mu gihe ubabwiye ivyo uriko uriga. Nushire utumenyetso ku vyiyumviro ushaka gukoresha, hanyuma ubisubiremwo igihe uhejeje icigwa cawe.
Uko urimbura ayo mayagwa, nuze urarondera ivyanditswe vyatanzwe. Nusuzume ukuntu icanditswe cose gifitaniye isano n’iciyumviro nyamukuru co mu ngingo.
Ushobora guhura n’ivyiyumviro udashoka utahura canke woshima kurushiriza kugenzura ubinoganza. Aho kureka ngo bigusamaze, nugire utwo wanditse kugira ubirimbure hanyuma. Usanga kenshi ibintu bigenda biratomorwa uko winjira muri nya mayagwa. Atari ukwo, ushobora kugira ubundi bushakashatsi. Ni ibintu ibihe ushobora gufata nka nkama kugira uze kuvyitwararika mwene gutyo? Kumbure hariho icanditswe catanzwe udatahura neza. Cabure ushobora kudashoka ubona ukuntu kijanye n’ikibazo kiriko kiraganirwako. Kumbure wumva yuko utahura iciyumviro kanaka muri ayo mayagwa ariko bimwe bidashemeye ku buryo wogisigurira uwundi muntu. Aho gupfa kubirengana, bishobora kuba biranga ubukerebutsi ugize ubushakashatsi kuri vyo umaze kurangiza ivyo watanguye kwiga.
Igihe intumwa Paulo yandikira ikete ryiwe ry’ido n’ido Abakirisu b’Abaheburayo, arigejeje hagati yarahagaze avuga ati: “Yose arutwa na rimwe, n’iri.” (Heb. 8:1) Woba rimwe na rimwe wiyibutsa nk’ukwo? Rimbura igituma Paulo yabigenjeje gutyo. Mu bigabane biheruka vy’iri kete ryiwe ryahumetswe, yari amaze kwerekana yuko Kirisitu we Muherezi Mukuru w’Imana yinjiye mw’ijuru ubwaho. (Heb. 4:14–5:10; 6:20) Yamara, mu gushira ahabona ico kintu nyamukuru no mu kugishimikako mu ntango y’ikigabane c’8, Paulo yarateguye imizirikanyi y’abasomyi biwe kugira biyumvire bimwe vyimbitse ku kuntu vyari bijanye n’ubuzima bwabo. Yaradomye urutoke ku vy’uko Kirisitu yari yaraserutse mu nyonga z’Imana ubwayo ku bwabo, akaba kandi yari yarabugururiye inzira kugira ubwabo baze binjire “ahēra” ho mw’ijuru. (Heb. 9:24; 10:19-22) Ukuba icizigiro cabo kitagiramwo amakenga vyobasunikiye ku gushira mu ngiro impanuro ikurikira yari muri iryo kete ku biraba ukwizera, ukwihangana, hamwe n’ukuntu Abakirisu bokwigenza. Muri ubwo buryo nyene, igihe twiga, gushimika ku bintu bikurubikuru bizodufasha gutegera ukuntu umutwe-shimikiro ugenda urashikirizwa vyongere vyandike mu mizirikanyi yacu impamvu zumvikana zituma dukora duhuje n’ivyo.
Mbega ukwiyigisha kwawe kwoba kuzogusunikira ku gukora? Ico ni ikibazo gihambaye. Igihe wiga ikintu, niwibaze uti: ‘Ibi bikwiye kugira ico bikoze gute ku nyifato yanje no ku mahangiro mfise mu buzima? Nshobora gute gukurikiza aya makuru mu gutunganya ingorane, mu gufata ingingo, canke mu gushika kw’ihangiro? Nshobora kuyakoresha gute mu busuku bwo mu ndimiro, mw’ishengero?’ Nurimbure ivyo bibazo mw’isengesho, wihweze ibintu bibaho koko ushobora gukoreshamwo ubumenyi bwawe.
Umaze guheza ikigabane canke ikiganiro, nufate akanya ugire isubiramwo rigufi. Raba ko ushobora kwibuka ivyiyumviro bikurubikuru be n’imvo zatanzwe zibishigikira. Iyo ntambwe izogufasha gusigarana nya makuru kugira uze uyikoreko muri kazoza.
27 NDAMUKIZA–3 RUSAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 56-57
Turahimbawe kubona dukorera Yehova
ip-2 269 ing. 14-16
Yehova araremesha abaciye bugufi
14 Ariko rero, ikiringo co kwihangana c’Imana corangiye. Yehova yaravuze ivyo yokoze ati: «Nzomenyesha ivyitwa ngo ni ubugororotsi bwawe be n’ivyo ukora, kandi nta co bizokumarira. Niwatabaza, ibigirwamana warundanije ntibizogukiza. Umuyaga uzobitwara vyose, mbere n’impemu zisanzwe zibigurure.» (Yesaya 57:12, 13a) Yehova yoshize ahabona ubugororotsi bw’uruhendo bw’Ubuyuda. Ubwiyorobetsi bwabo nta co bwobamariye. ‘Ibigirwamana barundanije’ ntivyobakijije. Icago giteye, impemu zisanzwe zoguruye izo mana bizigira.
15 Ivyo Yehova yavuze vyararangutse mu 607 imbere ya Kristu. Ico gihe Nebukadinezari umwami wa Babiloni yarasanganguye Yeruzalemu, araturira urusengero rwaho, atwara n’abantu nka bose mu bunyagano. «Ukwo ni ko ababa mu Buyuda bavuye mu gihugu cabo, bajanwa mu bunyagano.»—2 Abami 25:1-21.
16 Muri ubwo buryo nyene, ibigirwamana vyinshi amadini avuga ko ari ay’abakirisu yarundanije ntibizoyakiza ku musi w’ishavu rya Yehova. (Yesaya 2:19-22; 2 Abatesalonika 1:6-10) Ayo madini azokurwaho, cokimwe n’ayandi madini yose agize «Babiloni Akomeye», ni ukuvuga amadini yose y’ikinyoma ari kw’isi. Igikoko gitukura c’ikigereranyo n’amahembe yaco cumi ‘bizonyaga Babiloni Akomeye ivyo afise vyose, bimusige ari gusa. Bizorya inyama ziwe zose maze bimuturire ashe ahere.’ (Ivyahishuwe 17:3, 16, 17) Ese ingene duhimbawe kuba twaragamburutse itegeko rigira riti: «Nimuve iwe bantu banje, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe no gushikirwa n’ivyago bigira bimushikire!» (Ivyahishuwe 18:4, 5) Ese tutokwigera dusubira muri ayo madini canke ngo dukore ibikorwa vyayo.
“Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si”
16 Ese ukuntu ayo mahinduka akora ku mutima! Bibiliya igereranya abantu bo mw’isi n’ikiyaga gisebagirika, kitagira amahoro. (Yes. 17:12; 57:20, 21; Ivyah. 13:1) Naho ibibazo vya politike bidurumbanya abantu, bikabacamwo imice kandi bigatuma haba ububisha butagira ishingiro, twebwe twigumanira amahoro n’ubumwe. Igihe rero Yehova yihweje iyi si yiciyemwo imice, ategerezwa kuba ahimbarwa cane no kubona ubumwe burangwa mu basavyi biwe.—Soma Zefaniya 3:17.
it «Terre» ing. 21
Isi
Ijambo «isi» rirakoreshwa kandi mu buryo bw’ikigereranyo mu kuvuga ibintu vyo muri ino si bisa n’ibidahungabana. Ibintu na vyo bidatekanye, biguma bihindagurika bigereranywa n’ikiyaga kiguma gisebagirika.—Yes 57:20; Yak 1:6; Yud 13; gereranya na Ivh 12:16; 20:11; 21:1.
it «Paix» ing. 3
Amahoro
Kuronka amahoro. Yehova ni Imana y’amahoro. (1Kr 14:33; 2Kr 13:11; 1Ts 5:23; Heb 13:20) Amahoro akomoka kuri Yehova. (Gh 6:26; 1Ng 22:9; Zb 4:8; 29:11; 147:14; Yes 45:7; Rm 15:33; 16:20) Amahoro ari mu bigize icamwa c’impwemu. (Gl 5:22) Ku bw’ivyo, abafitaniye amahoro n’Imana ni bo bonyene bashobora kugira amahoro nyakuri. Umuntu akoze igicumuro gikomeye ubucuti afitaniye n’Imana burahungabana, ivyo bigatuma adatekana. Umwanditsi wa zaburi yavuze ati: «Nta mahoro mfise kubera igicumuro canje.» (Zb 38:3) Rero uwipfuza kurondera amahoro no kuyakurikirana abwirizwa ‘kureka ikibi, agakora iciza.’ (Zb 34:14) Ahatagira ubugororotsi nta mahoro ahaba. (Zb 72:3; 85:10; Yes 32:17) Ni co gituma abanyakibi badashobora kuronka amahoro. (Yes 48:22; 57:21; gereranya na Yes 59:2-8.) Ariko abihebeye Yehova, bagakunda itegeko ryiwe kandi bakubahiriza amabwirizwa yiwe baragira amahoro.—Zb 119:165; Yes 48:18.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 2
56:6—Abo “banyamahanga” ni bande, kandi ni mu buryo ki ‘[“bacakira”, NW] isezerano ry’Uhoraho’? Abo “banyamahanga” ni abagize “izindi ntama” za Yezu (Yohana 10:16). Bacakira isezerano rishasha mu buryo bw’uko bagamburuka amategeko ajanye na ryo, bagakurikiza bimwe bishitse indinganizo zashizweho biciye kuri iryo sezerano, bakihereza ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu nk’ivyo abakirisu basizwe bihereza, bakongera bakabashigikira mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa.
Nitwerekane ko twubaha imitororokano yacu myeranda
YEHOVA yarakoranije abasavyi biwe, ni ukuvuga abakirisu basizwe be na bagenzi babo, kugira ngo bamusengere ku “musozi [wiwe] wera”. Muri iki gihe, ariko arabanezereza mu “ngoro [yiwe] yo gusengeramwo”, ari rwo rwa rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu, urwitwa “inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose” (Yesaya 56:7; Mariko 11:17). Ivyo vyose birerekana yuko ugusenga Yehova ari kweranda, ko gutyoroye kandi ko kuri hejuru. Mu kwubaha nk’uko bibereye amakoraniro tugira kugira ngo twige kandi dusenge, tuba twerekanye ko tubona ibintu vyeranda nk’uko Yehova abibona.
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Vyoba ari ngombwa ko umuntu aja mw’idini?
Inyishu Bibiliya itanga
Ego cane, kuko Imana igomba ko abantu bakoranira hamwe kugira bayisenge. Bibiliya ivuga iti: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu.”—Abaheburayo 10:24, 25.
Yezu yarerekanye ko abigishwa biwe bobaye bagize umugwi utunganijwe neza igihe yababwira ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Ikintu nyamukuru bokoze mu kwerekana urwo rukundo kwobaye ukwifatanya n’abo basangiye ukwemera. Bobaye bagabuye mu migwi yitwa amashengero, abagize buri mugwi bakaza barahurira hamwe kugira basenge. (1 Abakorinto 16:19) Bose hamwe bobaye bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.—1 Petero 2:17.
Kuba uri mw’idini gusa ntibihagije
Naho Bibiliya yigisha ko abantu bakwiye gukoranira hamwe kugira basenge Imana, ntiyigisha ko kuba umuntu ari mw’idini vyonyene bihagije kugira ahimbare Imana. Kugira yemerwe n’Imana, ategerezwa kubaho yisunga ivyo yigishwa mw’idini. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “Insengo [canke idini] ityoroye kandi idahumanye ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kwitaho impfuvyi n’abapfakazi mu makuba yabo, no kuguma wirinze ntutosekazwe n’isi.”—Yakobo 1:27.