URURIRIMBO RWA 130
Tubabarire abandi
Integuro icapuwe
1. Yehova yatumye
Twebwe tubabarirwa
Ibicumuro dukora.
Gupfa tuzobikizwa.
Twigaye vyo ku mutima
Araduh’ikigongwe
Yisunz’incungu ya Kristu
Yaje ngo turokorwe.
2. Turonk’imbabazi
Iyo twigany’Imana
Tukumvir’aband’impuhwe,
Tukababarirana.
Twame twihanganirana
Ata kubabazanya.
Twubash’abo bene wacu
Nta coduhungabanya.
3. Twamany’imbabazi
Tukazitsimbataza,
Tuba turwanij’inzigo,
Urwanko tukabaza.
Yehova nitwamwigana,
Tukabigir’ingendo,
Tuzobabarir’abandi
Bitarimw’uruhendo.
(Raba kandi Mat. 6:12; Ef. 4:32; Kol. 3:13.)