ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • sjj ururirimbo 136
  • Yehova aguhe impembo ikwiye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova aguhe impembo ikwiye
  • Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova aguhe impembo ikwiye
    Turirimbire Yehova
  • Senge Yehova mu buto bwanyu
    Turirimbire Yehova
  • Dushigikire inzu y’Imana
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Ihishurwa ry’abana b’Imana
    Turirimbire Yehova tunezerewe
Ibindi
Turirimbire Yehova tunezerewe
sjj ururirimbo 136

URURIRIMBO RWA 136

Yehova aguhe impembo ikwiye

Integuro icapuwe

(Rusi 2:12)

  1. 1. Yehova wa mwizigirwa arazi

    Abantu bamukorera.

    Arazi yuko har’ivyo baheba

    Kubera bamwihebera.

    Nimba warasiz’inzu n’umuryango,

    Ni Yehov’azogufasha.

    Azokuronsa rer’abavukanyi

    N’ubuzima mw’isi nshasha.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova naguh’impembo yawe.

    Erega n’Iman’ikenguruka.

    Hungira mu mababa yiwe.

    Yehova ntabesha; ni ’ntahemuka.

  2. 2. Har’igihe twumva turemerewe

    N’ubuzima twahisemwo.

    Mber’ukamengo ntako tubigenza

    Kugira ng’umus’uvemwo.

    Ivy’ukener’Iman’irabibona;

    N’Imana yumv’isengesho.

    Rya Jambo, ya mpwemu, be n’abagenzi

    Bizokurons’indemesho.

    (ICITABIRIZO)

    Yehova naguh’impembo yawe.

    Erega n’Iman’ikenguruka.

    Hungira mu mababa yiwe.

    Yehova ntabesha; ni ’ntahemuka.

(Raba kandi Abac. 11:38-40; Yes. 41:10.)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika