URURIRIMBO RWA 124
Ntitwigere duhemuka
Integuro icapuwe
1. Ntitugeza guhemuka
Ku Mana yo Segaba.
Bwa basavyi biyeguye
Dushits’ivy’idusaba.
Impanuro ituronsa
Ni zo zidukingira.
Ntihemuka, tuyizere.
Ntituzoyivirira.
2. Ntitugeza guhemuka
Ku bavukanyi bacu
Ntituguma turondera
Kubator’amahinyu.
Twama tubater’iteka
Mu buryo tubafata.
Ntitugeza guhemuka;
Oya ntituzobata.
3. Ntitugeza guhemuka
Ku nyobozo duhabwa,
Tukaguma tuzisunga.
Kwumvira birasabwa.
Ni kamere nziza nk’izo
Yehov’ahezagira.
Nitwirinda guhemuka,
Na w’azotwikundira.
(Raba kandi Zab. 149:1; 1 Tim. 2:8; Heb. 13:17.)