URURIRIMBO RWA 132
Ubu rero tubaye umwe
Integuro icapuwe
1. Uyu ni we gufa ryanje,
Si je mbony’araje tubane.
Iman’impay’umugenzi;
Ndons’umukenyezi.
Ubu rero tubay’umwe,
Tunezeranwe turi kumwe.
Bwa mugabo n’umugore,
Twubake rugume,
Tugume dukorer’Imana.
Twigumanire
Maze twikundanire.
Bibe nk’uko turaganye
Twibanire ko twashimanye.
Duter’iteka Yehova,
Wam’uri rukundo rwanje.
(Raba kandi Ita. 29:18; Umus. 4:9, 10; 1 Kor. 13:8.)