URURIRIMBO RWA 10
Shemeza Yehova Imana yacu!
Integuro icapuwe
1. Shemeza Yehov’Imana,
Mumutazire, bamwumve!
Burira abantu bose.
Wa musi wiwe ntugitevye.
Yavuze ko hageze k’Umwana
wiwe Yezu ategeka.
Gende rero muvug’iyo nkuru
Mwebw’abatew’iryo teka.
(ICITABIRIZO)
Shemeza Yehov’Imana,
Abantu bose bamumenye.
2. Shemeza Yehov’Imana,
Mumuririmbe, bamwumve!
Tangaza bwa bwiza bwiwe,
N’izina ryiwe murivuge.
Iyo Man’iricisha bugufi
Nah’ar’Iman’itangaje.
Yuzuy’impuhwe, arakundana,
Arumva tumutabaje.
(ICITABIRIZO)
Shemeza Yehov’Imana,
Abantu bose bamumenye.
(Raba kandi Zab. 89:27; 105:1; Yer. 33:11.)