Yehova
Izina ryiwe
Izina Yehova bitahurwa ko risobanura «atuma biba»
Yehova acika iki? Ni uruhara uruhe arangura kugira yitwararike abasavyi biwe?
Zb 19:14; 68:5; Yes 33:22; 40:11; 2Kr 1:3, 4
Raba kandi Zb 118:14; Yes 30:20; Yr 3:14; Zk 2:5
Kubera iki ukwezwa kw’izina ry’Imana guhambaye kuruta ibindi vyose?
Kubera iki bibereye ko tugamburukira Segaba w’ibiriho vyose Yehova?
Amazina amwamwe y’icubahiro ya Yehova
Data—Mt 6:9; Yoh 5:21
Igitandara—Gus 32:4; Yes 26:4
Mushoboravyose—It 17:1; Ivy 19:6
Musumbavyose—It 14:18-22; Zb 7:17
Nyenicubahiro—Heb 1:3; 8:1
Umukama Segaba—Yes 25:8; Am 3:7
Umwami w’ibihe bidahera—1Tm 1:17; Ivy 15:3
Umwigisha ahambaye—Yes 30:20
Yehova Nyeningabo—1Sm 1:11
Kamere zimwezimwe za Yehova zihambaye
Yehova ashimika gute ku bweranda bwiwe, kandi kuba tubizi bikwiye gutuma dukora iki?
Kv 28:36; Lw 19:2; 2Kr 7:1; 1Pt 1:13-16
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Yes 6:1-8—Umuhanuzi Yesaya yabanje kugira akoba kubera iyerekwa ryashimika ku bweranda bwa Yehova. Ariko umuserafi yaramwibukije ko n’abantu b’abacumuzi bashobora kubonwa ko badahumanye imbere y’Imana
Rm 6:12-23; 12:1, 2—Intumwa Pawulo yarasiguye ukuntu dushobora kurwanya impengamiro zo gukora igicumuro, tugakora ibihuye n’«ubweranda»
Ububasha bwa Yehova bungana gute, kandi abukoresha gute?
Kv 15:3-6; 2Ng 16:9; Yes 40:22, 25, 26, 28-31
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gus 8:12-18—Umuhanuzi Musa yaribukije Abisirayeli ko ivyiza vyose bari bafise, babikesha ububasha Yehova yakoresheje abikunze ku neza yabo
1Bm 19:9-14—Igihe umuhanuzi Eliya yari yacitse intege, Yehova yaramweretse ububasha bwiwe mu buryo buteye akoba kugira amuremeshe
Kubera iki ubutungane bwa Yehova ari ubwa mbere?
Gus 32:4; Yb 34:10; 37:23; Zb 37:28; Yes 33:22
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gus 24:16-22—Amategeko Yehova yatanze biciye kuri Musa arerekana ko ubutungane bwa Yehova bwama bujana n’imbabazi be n’urukundo
2Ng 19:4-7—Umwami Yehoshafati yaribukije abacamanza yagenye yuko bategerezwa gukurikiza ubutungane bwa Yehova, aho gukurikiza ubw’abantu
Ni ibiki vyerekana ko Yehova ari uwa mbere mu bukerebutsi?
Zb 104:24; Img 2:1-8; Yr 10:12; Rm 11:33; 16:27
Raba kandi Zb 139:14; Yr 17:10
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
1Bm 4:29-34—Yehova yahaye umwami Salomo ubukerebutsi buruta ubw’abandi bantu bose bo mu gihe ciwe
Lk 11:31; Yoh 7:14-18—Yezu yari afise ubukerebutsi buruta ubwa Salomo, ariko yarerekanye ko ubukerebutsi bwiwe bwava kuri Yehova
Yehova yerekanye gute ko urukundo ari rwo canecane rumuranga?
Yoh 3:16; Rm 8:32; 1Yh 4:8-10, 19
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Mt 10:29-31—Yezu yarafatiye ku kajuri kugira yerekane ko Yehova akunda cane kandi aha agaciro kanini umuntu wese amukorera
Mr 1:9-11—Yehova yaravuze ari mw’ijuru, arabwira Umwana wiwe ku mugaragaro ko amwemera, amukunda kandi amushima. Ayo ni amajambo umwana wese yipfuza kubwirwa n’umuvyeyi wiwe
Ni izindi mpamvu izihe zituma dukunda Yehova? Bibiliya iravuga ibindi bintu vyiza vyinshi biranga Yehova. Bimwebimwe ni ibi:
Abona vyose—2Ng 16:9; Img 15:3
Afise icubahiro kidasanzwe—Zb 8:1; 148:13
Afise imbabazi—Kv 34:6
Afise impuhwe—Yes 49:15; 63:9; Zk 2:8
Afise ubuninahazwa—Ivy 4:1-6
Aragororotse—Zb 7:9
Arahimbawe—1Tm 1:11
Aratanga cane—Zb 104:13-15; 145:16
Aricisha bugufi—Zb 18:35
Arihangana—Yes 30:18; 2Pt 3:9
Ni umunyabuntu—Lk 6:35; Rm 2:4
Ni umunyamahoro—Fp 4:9
Ntahemuka—Ivy 15:4
Ntahinduka; ni umwizigirwa—Ml 3:6; Yak 1:17
Yamaho; ntagira intango n’iherezo Zb 90:2; 93:2
Bizogenda gute nitwarushiriza kumenya Yehova Imana?
Ingene twokorera Yehova
Ni igiki cerekana ko Yehova adasaba abasavyi biwe ivyo badashoboye?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gus 30:11-14—Amategeko Yehova yahaye Abisirayeli biciye kuri Musa ntiyari agoye gukurikiza
Mt 11:28-30—Yezu arigana neza Se. Yarahumurije abigishwa biwe ko aruhurira abamuyobokera
Kubera iki bibereye ko dushemeza Yehova?
Zb 105:1, 2; Yes 43:10-12, 21
Raba kandi Yr 20:9; Lk 6:45; Ivk 4:19, 20
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Zb 104:1, 2, 10-20, 33, 34—Umwanditsi w’amazaburi yarashemeje Yehova kubera ivyo yaremye
Zb 148:1-14—Ibiremwa vyose n’abamarayika bose birashemeza Yehova, natwe dukwiye kumushemeza
Uburyo twigenza bushobora gute gutuma abandi batera iteka Yehova?
Kubera iki dukwiye kwiyegereza cane Yehova?
Kwicisha bugufi bidufasha gute kwiyegereza Imana?
Gusoma Bibiliya no kuzirikana bidufasha gute kwiyegereza Yehova?
Kubera iki bihambaye ko dushira mu ngiro ivyo twiga ku vyerekeye Yehova?
Kubera iki tudakwiye kugerageza kunyegeza ikintu na kimwe Yehova?
Yb 34:22; Img 28:13; Yr 23:24; 1Tm 5:24, 25
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
2Bm 5:20-27—Gehazi yaragerageje kunyegeza igicumuro, mugabo Yehova yarahishuriye umuhanuzi Elisha ivyo Gehazi yari yakoze
Ivk 5:1-11—Ikinyoma ca Ananiya na Safira carashizwe ahabona maze barahanwa kubera ko babeshe impwemu nyeranda