ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/11 rup. 3
  • Imana ibona gute intambara?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana ibona gute intambara?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Intambara
    Be maso!—2017
  • Ingene Imana ibona intambara muri iki gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ingene Imana yabona intambara mu kinjana ca mbere
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ingene Imana yabona intambara mu bihe vya kera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/11 rup. 3
Abasoda, ibiduga vy’indwano n’indege zitera amabombe

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Imana ibona gute intambara?

Wokwishura gute ico kibazo? Abantu benshi biyumvira ko Imana ishigikira intambara. Bavuga ko yategetse bamwebamwe mu basavyi bayo ba kera ngo baje mu ntambara, kandi Bibiliya ivyo irabivuga. Ariko rero, abandi bavuga ko Yezu Umwana w’Imana yigishije abayoboke biwe gukunda abansi babo. (Matayo 5:43, 44) Biyumvira rero ko Imana yahavuye ihindura ukuntu ibona intambara, ubu ikaba itazemera.

None uvyiyumvirako iki? Imana yoba ishigikira intambara? Nimba ari ukwo, ishigikira uruhande uruhe mu ntambara zo muri iki gihe? Kumenya inyishu z’ivyo bibazo vyoshobora gutuma umenya ingene ukwiye kubona intambara. Nk’akarorero, hamwe womenya ko Imana ishigikira intambara kandi ikaba ishigikiye barya nyene ushigikiye, woshobora kwumva uryohewe, ukizigira udakeka ko uruhande ushigikiye ruzotahukana intsinzi. Ariko none, wokwumva umerewe gute hamwe womenya ko Imana ishigikiye urundi ruhande? Birashoboka ko woca usubira kuraba neza aho uhagaze.

Hariho ikindi kintu gihambaye kuruta. Kumenya ingene Imana ibona intambara vyoshobora guhindura ukuntu ubona Imana. Nimba uri mu bantu amamiliyoni bababazwa cane n’intambara, nta gukeka ko ukeneye kumenya inyishu y’iki kibazo: Imana yoba ikokeza intambara n’amabi aterwa na zo canke yoba itanezwe abantu basinzikazwa n’izo ntambara, nk’uko bamwe bavyiyumvira?

Woshobora gutangara usanze inyishu Bibiliya itanga itandukanye cane n’ivyo abantu biyumvira. Vyongeye, kuva kera na rindi gushika uno musi, Imana ntiyigeze ihindura ingene ibona intambara. Reka turabe ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingene Imana yabona intambara kera be no mu kinjana ca mbere igihe Yezu yari kw’isi. Ivyo biraza kudufasha kubona ingene Imana ibona intambara muri iki gihe no gutahura nimba zizokwamaho ibihe vyose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika