ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 36
  • Yezu yavutse ryari?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yavutse ryari?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Kubera iki Noweli ihimbazwa ku wa 25 Kigarama?
  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Noweli?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kubera iki abantu bamwebamwe badahimbaza Noweli?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yezu Kirisitu akwiye kwibukwa gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Yezu
    Be maso!—2013
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 36

Yezu yavutse ryari?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya ntitomora igenekerezo Yezu Kristu yavukiyeko, nk’uko ibi bitabu bikurikira bivyerekana:

  • “Igenekerezo nyakuri Kristu yavukiyeko ntirizwi.”—New Catholic Encyclopedia.

  • “Igenekerezo nyezina Kristu yavukiyeko ntirizwi.”—Encyclopedia of Early Christianity.

Naho Bibiliya idatomora igenekerezo Yezu yavukiyeko, iravuga ibintu bibiri vyabaye mu kiringo yavukiyemwo bituma benshi bashika ku ciyumviro c’uko atavutse kw’igenekerezo rya 25 Kigarama.

Si mu rushanaa

  1. Ukwiyandikisha. Gato imbere y’uko Yezu avuka, Sezari Ogusito yarasohoye itegeko ry’uko “isi yose yandikwa.” Abantu bose babwirizwa kwiyandikisha mu “gisagara iwabo,” ivyo bikaba vyasaba ko umuntu agira urugendo rw’indwi canke irenga. (Luka 2:1-3) Iryo tegeko rishobora kuba ryatanzwe kugira hatozwe amakori no kugira handikwe abaja mu gisoda. Abenshi ntibari gushima iryo tegeko, naho hari kuba mu kiringo ikihe c’umwaka. Uca wumva ko Ogusito atari kwongera gusomborotsa abo atwara mu guhata benshi muri bo ngo bagire urugendo rurerure mu kiringo c’urushana.

  2. Intama. Abungere “baba hanze bateramiye amasho yabo mw’ijoro.” (Luka 2:8) Igitabu Ubuzima bwa misi yose mu gihe ca Yezu (mu congereza) kivuga ko ubusho bwaba mu gahinga kuva ku “ndwi y’imbere ya Pasika [mu mpera za Ntwarante]” gushika hagati muri Munyonyo. Gica congerako giti: “Bwamara urushana mu ruhongore; kandi ico conyene kirerekana ko igenekerezo Noweli isanzwe ihimbarizwako, mu rushana, rishobora kuba atari ryo, kuko Injili ivuga ko abungere bari mu gahinga.”

Mu ntango z’agatasib

Turashobora kugereranya igihe Yezu yavukiyeko mu guharura dusubira inyuma duhereye ku rupfu rwiwe rwabaye kuri Pasika, ku wa 14 Nisani mu mpeshi yo mu mwaka wa 33 mu gihe cacu. (Yohani 19:14-16) Yezu yari afise imyaka nka 30 igihe yatangura igikorwa ciwe camaze imyaka itatu n’igice, rero ashobora kuba yavutse mu ntango z’agatasi ko mu mwaka wa 2 imbere y’igihe cacu.—Luka 3:23.

Kubera iki Noweli ihimbazwa ku wa 25 Kigarama?

Ko ata kimenyamenya kiriho cerekana ko Yezu Kristu yavutse ku wa 25 Kigarama, kubera iki none Noweli ihimbazwa kuri iryo genekerezo? Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kivuga ko indongozi za Ekleziya zishobora kuba zahisemwo iryo genekerezo “kugira rihurirane n’umusi mukuru wa gipagani w’Abaroma wo guhimbarizako ‘ivuka ry’izuba ntatsindwa,’” mu ntango z’urushana. Ikindi gitabu c’inkoranyabumenyi (The Encyclopedia Americana) cerekana ko abahinga benshi biyumvira ko ivyo vyagizwe “kugira batume abapagani bari baracitse abakirisu barushiriza kwemera ubukirisu.”

a Mu karere Yezu yavukiyemwo, urushana ruhera muri Kigarama gushika muri Ruhuhuma.

b Mu karere Yezu yavukiyemwo, agatasi gahera muri Nyakanga gushika muri Munyonyo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika