ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/10 rup. 3
  • Umugenzi mubi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umugenzi mubi
  • Be maso!—2010
  • Ivyo bijanye
  • Nkwiye kumenya iki ku bijanye n’ukunywa itabi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Imana ibona gute itabi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Be maso!—2010
g 7/10 rup. 3

Umugenzi mubi

Urafise ico twokwita umugenzi mwamenyanye igihe wari ukiri muto. Yatumye urushiriza kwumva ko ukuze kandi asa n’uwagufashije kubona ko ufise ikibanza mu runganwe rwawe. Igihe waba ufise ivyiyumviro vyinshi warashobora kwama umwitura kugira ngo atume wumva ko hari ukuntu uruhuriwe. Mu vy’ukuri, wahavuye ubona ko mu bihe vyinshi ata co woshobora gukora atagufashije.

Mugabo mu nyuma, warabonye ububi bwiwe. Ashaka yuko mwama muri kumwe igihe cose, naho mbere ivyo bituma utakirwa neza ahantu hamwehamwe. Kandi naho ashobora kuba yatumye urushiriza kwumva ko ukuze, yabigize abanje kukwononera amagara. Kandundura, yarakwivye amahera.

Uherutse kugerageza guhagarika imigenderanire mufitaniye, mugabo yararahiye ararengwa. Mu buryo bunaka, yarabaye shobuja. Uricuza kuba waramenyanye na we.

IYO ni yo migenderanire abanywi b’itabi benshi bafitaniye na ryo. Umugore umwe yitwa Earline, akaba yamaze imyaka 50 anywa itabi, avuga ivyo yibuka ati: “Itabi ryarashobora kumfasha kuruta kuba ndi kumwe n’uwundi muntu. Ntiryari umugenzi wa kera gusa, rimwe na rimwe ni ryo ryambera umugenzi rudende.” Ariko rero nk’uko Earline yahavuye abibona, mu vy’ukuri itabi ni umugenzi mubi kandi w’inkozi y’ikibi. Nkako, amajambo y’intangamarara avugwa aho haruguru yoshobora kuvugwa ku vyerekeye Earline, dukuyemwo ikintu kimwe gusa. Igihe yamenya ko kunywa itabi ari bibi mu nyonga z’Imana kubera ko ryonona imibiri twahawe n’Imana, yaciye ariheba.—2 Abakorinto 7:1.

Umugabo umwe yitwa Frank na we nyene yarafashe ingingo yo guheba itabi kugira ngo ahimbare Imana. Ariko haciye nk’umusi umwe arihevye, yasanze ariko aravura mu nzu yiwe arondera udusigazwa tw’itabi twari twarakorokeye hagati y’imbaho zishashe hasi mu nzu. Frank yavuze ati: “Ivyo vyatumye nca mfata ingingo. Kubona ndiko ndavura nsesangura mu mukungugu ndondera udusigazwa tw’itabi, vyaransesemye. Sinigeze nsubira kunywa itabi.”

Ni kubera iki itabi ryizizira umuntu gushika iyo hose? Abashakashatsi baratoye imvo zitari nke zibituma: (1) Itabi rirashobora kwizizira umuntu nka kurya kw’ibiyayuramutwe. (2) Ubumara bw’itabi bwitwa nikotine umuntu aba akweze bwoshobora gushika mu bwonko mu masegunda indwi gusa. (3) Akenshi kunywa itabi biba mu bigize ubuzima bw’umuntu biciye mu kuza ararinywa igihe ariko arafungura, ariko aranywa, ariko araganira, kugira ngo agabanye ivyiyumviro, n’ibindi n’ibindi.

Ariko rero, nk’uko Earline na Frank bavyerekanye, birashoboka yuko umuntu aheba iyo ngeso mbi imwizizira. Nimba unywa itabi ariko ukaba wipfuza kuriheba, gusoma ibiganiro bikurikira vyoshobora kukubera intango y’ubuzima bushasha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika