ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 9/12 rup. 10-12
  • Ni ibiki nokwitega mu mubano w’ababiranye?—Igice ca 1

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ibiki nokwitega mu mubano w’ababiranye?—Igice ca 1
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Ingene abakirisu botuma umubano uroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Ibindi
Be maso!—2012
g 9/12 rup. 10-12

Urwaruka ruribaza

Ni ibiki nokwitega mu mubano w’ababiranye?—Igice ca 1

“Iyo turi kumwe, ndarengerwa n’umunezero! Si je nzobona turabanye!”

“Ni nk’aho ata na kimwe duhurizako. Womengo ntituri umugabo n’umugore, tumeze nk’abantu basangiye icumba gusa. Irungu riri mu kunyica!”

NK’UKO ushobora kuba ubibona, amajambo ari aho haruguru yavuzwe n’umwigeme atarubaka urwiwe, ayari aho ibubamfu na yo avugwa n’uwumaze kurushinga. Ico ushobora kuba utazi ni uko yose yavuzwe n’umuntu umwe.

None ingorane yabaye iyihe? Nimba wipfuza kwubaka urwawe umusi uri izina, wokora iki kugira ngo ivyo witeze ku wo mukundana ntibize vyonone umubano wanyu?

Ico womenya: Agahimbare ugira mu mubano ahanini kavana n’ivyo uba uwitezemwo.

Iki kiganiro “Urwaruka ruribaza” be n’ikizosohoka muri Be maso! yo mu kwezi kuza bizogufasha kwitega ibintu vyumvikana.

Ni ibintu vyumvikana ibihe wokwitega mu mubano w’ababiranye? Muri make:

  1. Niwitege ivyiza

  2. Niwitege ingorane

  3. Niwitege gushikirwa n’ivyo utari witeze

Reka twihweze kimwekimwe muri ivyo bintu.

NIWITEGE IVYIZA

Bibiliya ivuga ko umubano ari ikintu ciza. (Imigani 18:22) Ng’ibi ivyiza bimwebimwe ushobora kwitega.

Kuronka umugenzi. Bibiliya ivuga ko haciye igihe kinaka wa mugabo wa mbere Adamu aremwe, Imana yavuze iti: “Si vyiza ko uyu muntu aguma ari wenyene.” Yaciye irema Eva ngo abe umugenzi wa Adamu. (Itanguriro 2:18) Umwe wese muri bo Imana yamuremanye kamere yisangije ku buryo bari batandukanye yamara bagahuza. Ku bw’ivyo, umugabo n’umugore baba ari abagenzi nyabo.—Imigani 5:18.

Kuronka uwo mufashanya. Bibiliya ivuga iti: “Babiri baruta umwe, kuko bafise impera nziza ku bw’igikorwa cabo c’ubutame.” (Umusiguzi 4:9) Ukwo ni ko bimeze mu mubano w’ababiranye. Umukenyezi aherutse kurushinga yitwa Brenda avuga ati: “Bisaba gusenyera ku mugozi umwe, kwicisha bugufi no guhebera uwundi rimwe na rimwe.”a

Amabanga y’abubatse. Bibiliya ivuga iti: “Umugabo ahe umugore wiwe ivy’akwiye, kand’umugore na we abigenze artyo ku mugabo wiwe.” (1 Abakorinto 7:3, Bibiliya Yera) Igihe wubatse urwawe, urashobora kurangura amabanga y’abubatse ata guhagarika umutima canke kwicuza nk’uko bikunze gushikira abahuza ibitsina batarabirana.—Imigani 7:22, 23; 1 Abakorinto 7:8, 9.

Iciyumviro nyamukuru: Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana. (Yakobo 1:17) Igihe mubayeho mwisunga ingingo ngenderwako zayo, umubano wanyu urashobora gutuma muronka agahimbare kenshi.

Ico ukwiye kuzirikanako: Woba wiyumvira nabi umubano w’ababiranye kubera ibintu bibi wabonye, kumbure mu muryango iwanyu? Nimba ari ko biri, ni bande bokubera uturorero twiza woshima kwigana?

NIWITEGE INGORANE

Bibiliya irerekana ko umubano utaburamwo ingorane. (1 Abakorinto 7:28) Ng’izi ingorane zimwezimwe wokwitega.

Ukutumvikana. Nta bantu babiri bameze kumwe ijana kw’ijana, uretse ko bose badatunganye. (Abaroma 3:23) Naho rero umugabo n’umugore boba bahuza gute, karacamwo ntibumvikane. Vyoshobora no gushika bakavuga amajambo ababaza, mu nyuma bakicuza. Bibiliya ivuga iti: “Uwudatsitara mw’ijambo, uyo ni umuntu atagira akanenge.” (Yakobo 3:2) Abubakanye baroranirwa si abagerageza kwirinda ukutumvikana ukwo ari kwo kwose, ahubwo ni abiga kuganira ku ngorane igihe zivyutse maze bakazitorera umuti.

Ukuvunika umutima. Umwigeme yitwa Karen avuga ati: “Turakunze kubona amasenema n’ibiganiro vyo kuri televiziyo aho umukobwa akundana n’umuhungu bitwa ngo barahuza muri vyose, agaca yiberaho ibihe vyose ahimbawe.” Igihe abubakanye bitabagendeye gutyo, bose boshobora gutangara. Mu vy’ukuri, inyuma y’ukwabirana, umwe wese arabona ku wundi utunenge n’utugeso atari yarabonye. Icobafasha ni ukwibuka ko urukundo nyakuri “rwihanganira vyose,” mbere n’ibintu bivuna umutima.—1 Abakorinto 13:4, 7.

Amaganya. Bibiliya ivuga ko abubakanye “[b]aganyishwa n’ivy’isi.” (1 Abakorinto 7:33, 34) Ivyo ni ibisanzwe, kandi akenshi usanga vyumvikana. Nk’akarorero, vyoshobora kubagora kuronka ivyankenerwa. Hari aho vyoba ngobwa ko bompi bakora akazi, ayo baronka akaba ayo kuriha gusa ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro. Ariko murashobora kuroranirwa musenyeye ku mugozi umwe kugira mutunge umuryango.—1 Timoteyo 5:8.

Iciyumviro nyamukuru: Nimba kureshanya twobigereranya n’ukwoga mu kidengeri, kwabirana vyovyo ni nk’ukwoga mu kiyaga c’imikuba. Uzokenera ubuhanga n’akigoro vyiyongereye kugira utorere umuti ingorane, ariko urashobora kuroranirwa.

Ico ukwiye kuzirikanako: Iyo utumvikanye n’abavyeyi bawe canke abo muvukana, uvyifatamwo gute ubu? Iyo ibintu bitagenze nk’uko wari uvyiteze, woba uca wihebura? Uvyifatamwo gute uri mu maganya?

MU KIGANIRO “URWARUKA RURIBAZA” GIKURIKIRA: Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gute kugufasha kwitegurira ibishika utari uvyiteze?

Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” urashobora kubisanga ku muhora wa Internet kuri www.pr418.comwww.pr418.com

a Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kuko bitashimwe ko bamenyekana.

IVYO URUNGANWE RWAWE RUVUGA

Brittany—Nibaza ko atari vyiza kurongorwa kubera gusa urambiwe n’abaza barakubaza ngo: “None wewe uzorongorwa ryari?” Nakare ingorane zivyutse ni wewe uzobwirizwa kuziremeka, si abo bantu baba bariko baraguhutagiza.

Ciara—Urukundo rurashobora gutuma umuntu atiyumvira neza. Ku bw’ivyo, mbona ko uruhara rw’abavyeyi ari ntangere mu guhitamwo uwo muzokwubakana. Nkako, baba bakuzi neza cane. Ni co gituma baba bashoboye kugufasha guhitamwo uwo muberanye.

WEWE UVYIBAZAKO IKI?

Josh na Mélanie baramaze umwaka bareshanije. Muri ico kiringo, barahatswe guhebana incuro zibiri. Ubwa mbere, Josh yarashatse kubivamwo kubera yagiriza Mélanie ko akwegana n’abandi bahungu. Ubwa kabiri, Mélanie yaragabishije Josh ko azohava amuheba kubera atashobora kwihanganira ivyo yaguma amwagiriza. Ivyo bihe vyose, barashoboye gutorera umuti ingorane zabo.

Wewe uvyibazako iki? Hoba hari akaga ubona muri ubwo bucuti bwabo? Kuba Josh na Mélanie barahatswe guhebana incuro zibiri zose vyerekana iki? Kuba barashoboye gutorera umuti ingorane zabo vyovyo bikwereka iki? Wibaza ko ari ibiki boshobora kwitega mu mubano wabo?

UBONA GUTE UBAJIJE ABAVYEYI BAWE?

Nuganire n’abavyeyi bawe ku ruzitiro ruvuga ngo “Wewe uvyibazako iki?” Uko babona Josh na Mélanie kwoba gutandukanye n’uko ubabona?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika