ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/13 rup. 6-7
  • Umuhinga umwe asigura icatumye yemera Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuhinga umwe asigura icatumye yemera Imana
  • Be maso!—2013
  • Ivyo bijanye
  • Umuhinga asigura icatumye yemera Imana
    Be maso!—2016
  • Umushakashatsi asigura icatumye yemera Imana
    Be maso!—2014
  • Ibibazo bibiri bihambaye
    Be maso!—2015
Be maso!—2013
g 1/13 rup. 6-7

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | PAOLA CHIOZZI

Umuhinga umwe asigura icatumye yemera Imana

[Ifoto ku rup. 6]

Umuhinga umwe yitwa Paola Chiozzi aramaze imyaka irenga 20 ari umuhinga mu bijanye n’uduhimba dutoduto cane tugize ibinyabuzima, akaba akorera kuri Kaminuza y’i Ferrara mu Butaliyano. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibibazo ku bijanye n’ubuhinga yize be n’ivyo yemera.

Wotubwira ivyerekeye kahise kawe?

[Ifoto ku rup. 6]

Dawe yakora akazi ko gushona ibirato, mawe na we akaba umurimyi. Mugabo jewe nipfuza kuzoba umuhinga mu vya siyansi. Naratamarira cane ubwiza bw’amashurwe, inyoni n’udukoko dutoduto nabona iruhande y’i muhira. Nabona ko vyashizweho n’uwufise ubwenge burengeye ubw’abantu.

Wamye rero wemera ko hariho Umuremyi?

Oya. Mu bisanzwe, natanguye gukekeranya ku bijanye n’Imana igihe nari nkiri umwana. Dawe yapfuye giturumbuka ahitanywe n’indwara y’umutima, bica bituma nibaza nti: ‘Kubera iki Uwaremye ibintu vyiza ukuraho areka abantu bagashikirwa n’imibabaro n’urupfu?’

Kwiga ivya siyansi vyoba vyaragufashije kuronka inyishu y’ico kibazo?

Ntivyashotse bimfasha kuyironka. Igihe naba umuhinga mu bijanye n’uduhimba dutoduto cane tw’ibinyabuzima, naratanguye gutohoza ivyerekeye ugupfa gusanzwe kandi kwateguwe kw’utugingo ngengabuzima tugize umubiri wacu. Ivyo biratandukanye n’ugupfa kw’utugingo ngengabuzima kuva ku ngorane yo mu mubiri gutuma igihimba kanaka c’umubiri kivyimba canke kibora. Naho ico kintu gihambaye cane ku magara, nta myaka myinshi irahaca abahinga mu vya siyansi batanguye kwitaho kumenya ivyaco.

Ukwo gupfa kw’utugingo ngengabuzima kumaze iki?

Urabona, umubiri wacu ugizwe n’utugingo ngengabuzima tunzwinya amamiliyaridi n’amamiliyaridi. Utwo tugingo hafi twose dutegerezwa gupfa hanyuma tugasubirizwa. Utwo tugingo usanga dufise ikiringo kanaka tumara ari tuzima, bivanye n’ubwoko bwatwo; hari udusubirizwa uko haciye indwi nkeya, n’udusubirizwa uko haciye imyaka mikeya. Umubiri wacu utegerezwa gucungera neza ivyo bintu bibera muri wo kugira ngo igitigiri c’utugingo ngengabuzima dupfa be n’ic’utundi duca tuvuka kigume ku rugero rubereye.

Hamwe bitogenda gutyo hari icokwononekara?

Ubushakashatsi bumwebumwe bwerekana yuko iyo utugingo ngengabuzima tudapfuye kandi twabwirizwa gupfa, bishobora guteza indwara ya rumatizime canke ya kanseri. Ku rundi ruhande, iyo utwo tugingo dupfuye hatari bwagere, birashobora guteza indwara y’urujugumizi (maladie de Parkinson) canke indwara yonona ubwonko yitwa Alzheimer. Ubwo bushakashatsi ngira bujanye no kurondera uburyo bwo kuvura izo ndwara.

Kwiga ivyerekeye ugupfa kw’utugingo ngengabuzima vyagize ico bikoze gute kuri wewe?

Mvugishije ukuri, vyatumye nzazanirwa. Narabona neza ko uwashizeho ico kintu c’akajoreza yashaka ko tugira amagara meza. Ivyo rero vyatumye nguma nibaza nti: ‘Kubera iki none abantu bashikirwa n’imibabaro bakongera bagapfa?’ Inyishu y’ico kibazo yaransiga.

Mugabo waremera neza ko ukwo kuntu utugingo ngengabuzima dupfa biri n’uwabiteguye?

Ego cane. Ukuntu ico kintu gitunganijwe mu buryo buhanitse birasiga ubwenge, mugabo uravye ingene kiba mu rutonde rudasanzwe vyerekana ko categuranywe ubwenge buhanitse. Ndemera ko Imana ari yo yabikoranye ubwenge. Ndakoresha rugagamisha zikomeye kugira ngo ntohoze ibintu bitandukanye kandi bihanitse biba mu mubiri bituma ico kintu kigumamwo urutonde. Bimwebimwe muri ivyo birashobora gutuma utwo tugingo dupfa mu masegonda makeya igihe biba bikenewe. Nya tugingo ngengabuzima turagira uruhara mu gupfa kwatwo. Uravye ukuntu ico kintu gitunganijwe ni igitangaza ntiworaba!

Narirya utugingo ngengabuzima twacu hafi twose dusubirizwa uko haciye igihe, birashoboka ko umuntu abaho ibihe bidahera

Waribaza ibibazo ku bijanye n’Imana be n’imibabaro. None wahavuye ubironkera inyishu gute?

Hari Ivyabona vya Yehova bubakanye bangendeye i muhira mu 1991, hanyuma ndababaza igituma dupfa. Baciye banyereka inyishu Bibiliya itanga kuri ico kibazo, na yo ikaba igira iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro.” (Abaroma 5:12) Iyo umuntu wa mbere atagarariza Imana, twokwibereyeho ibihe bidahera. Naciye ubwo nyene ntahura yuko ivyo vyari bihuje n’ivyo nari narubuye mu bushakashatsi nagize. Ndatahura neza yuko Imana itashaka ko abantu bapfa. Narirya utugingo ngengabuzima twacu hafi twose dusubirizwa uko haciye igihe, birashoboka ko umuntu abaho ibihe bidahera.

Ni igiki catumye ujijuka ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana?

Biciye kuri Zaburi 139:16, naramenye ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’Imana, na ho hakaba hagira hati: “Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe.” Kubera ko ndi umuhinga mu vy’ibinyabuzima, ndatohoza ibijanye n’amakuru ngengakamere yanditswe mu tugingo ngengabuzima twacu, ivyo bigatuma nibaza nti: “None uwo mwanditsi w’amazaburi yamenye gute ibijanye n’amakuru yanditswe muri utwo tugingo?” Uko narushiriza kumenya vyinshi muri Bibiliya, ni ko narushiriza kujijuka yuko yahumetswe n’Imana.

Ni igiki cagufashije gutahura ivyo Bibiliya yigisha?

Icabona ca Yehova umwe yaransavye ko twokwigana Bibiliya. Nahavuye menya igituma Imana yaretse abantu bagashikirwa n’imibabaro. Naramenye kandi yuko Imana ifise umugambi wo ‘kumira miyonzwa urupfu’ nk’uko Bibiliya ibivuga. (Yesaya 25:8) Umuremyi wacu ntibizomugora gutuma umubiri wacu ukora mu buryo bwiza igitangaza kandi butagira akanenge, kugira ngo bikunde ko tubaho ibihe bidahera.

Ivyo wamenye muri Bibiliya wabikoresheje gute kugira ufashe abandi?

Nabaye Icabona ca Yehova mu mwaka wa 1995, kandi kuva ico gihe naragize uko nshoboye ndabwira abandi ivyo nize muri Bibiliya. Nk’akarorero, hari umukenyezi umwe dukorana yishwe n’umubabaro igihe musazawe yiyahura. Mw’idini arimwo bigisha yuko Imana itigera iharira uwiyahuye. Mugabo naramweretse icizigiro c’izuka Bibiliya itanga. (Yohani 5:28, 29) Yarahumurijwe cane no kumenya yuko Umuremyi wacu atubabaye. Iyo mfashije umuntu gutyo, kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya birampimbara cane kuruta uko mpimbarwa na siyansi!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika