ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 2/13 rup. 4-5
  • Ingene mworeka gushwana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene mworeka gushwana
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BITOROSHE
  • Igihe ubugenzi burenze urugero
    Be maso!—2013
  • Iyo habaye ukutumvikana mu bubakanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Gufata ingingo mu mwumvikano
    Be maso!—2014
  • Igihe mutabona ibintu kumwe
    Icofasha umuryango
Ibindi
Be maso!—2013
g 2/13 rup. 4-5

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene mworeka gushwana

IGITUMA BITOROSHE

Wewe n’uwo mwubakanye, vyoba bibagora kuganira muturuye? Igihe muganira, woba wumva umengo uriko ugendagenda ahantu hateze amamine, ku buryo utinya yuko ico wovuga cose cohava cadukamwo ibihari bikaze?

Nimba ari ko biri, nureme. Ivyanyu birashobora kugenda neza. Ariko imbere ya vyose urakeneye kumenya igituma wewe n’uwo mwubakanye mushwana cane.

IKIBITERA

Ugutahurana ukutari ko.

Umukenyezi yitwa Jilliana avuga ati: “Hari igihe mbwira ikintu umunega wanje mugabo sindakivuge nk’uko navyipfuza. Hari n’igihe nishiramwo yuko namubwiye ikintu kanaka kandi ata co nigeze ndamubwira, canke mu vy’ukuri ugasanga ni ikintu gusa narose ndamubwira!”

Ukutabona ibintu kumwe.

Naho wewe n’uwo mwubakanye mwoba muhuza gute, bizoshika hagire ivyo mutabona kumwe. Kubera iki? Kubera ko ata bantu babiri uzosanga bameze kumwe ijana kw’ijana, ico kikaba ari ikintu gishobora gutuma umubano uryoha canke ugira ingorane. Mu ngo nyinshi usanga ukwo kutamera kumwe gukwega ingorane.

Akarorero kabi k’abavyeyi.

Umukenyezi umwe yitwa Rachel avuga ati: “Abavyeyi banje barakunda gushwana, bakabwirana amajambo ataranga icubahiro. Igihe rero nubaka urwanje, umunega wanje namuvugisha nk’uko mawe yavugisha dawe. Sinari narize kwubaha.”

Imvo zihishije.

Ikintu gituma abantu bashwana bigakomera, akenshi usanga mu vy’ukuri atari co muzi w’ingorane. Nk’akarorero, abubakanye barashobora guterana amajambo igihe umwe muri bo abwiye uwundi ngo “wewe wama watevye!” Ariko ushobora gusanga ingorane idahagaze ku guteba, ahubwo ihagaze ku kuba uwo mwubakanye abona ko utamwitaho.

Imvo zituma mushwana zaba izihe, kwama mushwana birashobora kugira ingaruka mbi ku magara yanyu, bikanatuma muruhira kwahukana. None mwokora iki kugira ngo mureke gushwana?

ICO WOKORA

Ikintu gihambaye gishobora kubafasha kwirinda gushwana ni ukumenya ingorane zihishije ziba zabiteye. Mumaze guturura, nimugerageze gukorera hamwe ibi bintu.

1. Umwe wese natore urupapuro aheze yandikeko ikintu giherutse gutuma mushwana. Nk’akarorero, vyoshika umunega akandika ati: “Wamaze umusi wose uri kumwe n’abagenzi bawe, ntiwananterefona ngo umbwire iyo uri.” Umukenyezi na we vyoshika akandika ati: “Washavujwe n’uko namaranye umwanya n’abagenzi banje.”

2. Nimuganire kuri ibi bibazo ata guhishanya: Ico kintu coba cari gikomeye vy’ukuri? Ubwo ntimwari gushobora kucihoza? Rimwe na rimwe, kugira ngo habe amahoro vyoba vyiza mwemeye ko hari ivyo mudahurizako, mugaca murengera ico kibazo mubigiranye urukundo.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 17:9.

Nimba mushitse ku ciyumviro c’uko ico kibazo kitari gihambaye, nimusabane imbabazi muce mufata ko ico kibazo kirangiye.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abakolosayi 3:13, 14.

Nimba umwe muri mwebwe canke mwempi abona ko ico kibazo gihambaye, nimuce mutera iyi ntambwe ikurikira.

3. Niwandike ukuntu wumvise umerewe igihe mwariko murashwana, usabe n’uwo mwubakanye agire ukwo nyene. Nk’akarorero, vyoshika umunega akandika ati: “Nabonye umengo ushima kuba uri kumwe n’abagenzi bawe aho kuba uri kumwe nanje.” Umukenyezi na we vyoshika akandika ati: “Nabonye umengo umfata nk’umwana ategerezwa kuza arabwira se iyo ari.”

4. Nimuce mukaba ivyo mwanditse, umwe wese asome ivyo uwundi yanditse. Ubona ari igiki vy’ukuri cari kiraje ishinga uwo mwubakanye igihe mwariko murashwana? Nimuganire ico umwe wese muri mwebwe yari gukora kugira ngo ingorane zihishije zitorerwe umuti mutiriwe murashwana.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 29:11.

5. Nimuganire rero ico muhigiye. None ubutaha, bizobafasha gute kwirinda gushwana canke gutorera umuti ugutongana kwovyuka?

a Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

IVYANDITSWE NYAMUKURU

  • “Uwupfuka ikigabitanyo aba arondera urukundo.”​—Imigani 17:9.

  • “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi.”​—Abakolosayi 3:13.

  • “Ikijuju kirekura umutima waco wose, mugabo umuntu w’inkerebutsi atuma uguma utekanye gushika kw’iherezo.”​—Imigani 29:11.

BISHITSE MUGASHWANA . . .

Gerageza kumenya ingorane zihishije: Ufatiye ku vyo uwo mwubakanye yavuze igihe mwariko murashwana, ni igiki vy’ukuri yari akeneye ko ugira? Nurondere kumenya ingorane zihishije zatumye mushwana.

Nusubire wiyumvire ivyabaye: Aho gushwana, ni igiki umwe wese yari gushobora gukora kugira ngo mutorere umuti ingorane zihishije mutiriwe murashwana?

Nimba ico kibazo kitari gihambaye, nimusabane imbabazi muce mufata ko kirangiye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika