ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/15 rup. 10-11
  • Tuje muri Uzbekistani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Uzbekistani
  • Be maso!—2015
Be maso!—2015
g 10/15 rup. 10-11
Impome z’inyubakwa yitwa Itchan Kala iri i Khiva muri Uzbekistani

Impome z’inyubakwa yitwa Itchan Kala iri i Khiva

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Uzbekistani

Ikarata ya Uzbekistani

AKARERE kari hakurya y’Uruzi Oxus, igihugu kiri hagati y’inzuzi, Tartarie na Turkistani ni amwe mu mazina yagiye arahabwa akarere ubu karimwo igihugu ca Uzbekistani. Kuva mu ntango z’ikinjana ca 15, ibisagara vyo muri Uzbekistani vyarafashije cane abadandaza bagira ingendo baca mu mabarabara yahuza Ubushinwa n’ibihugu biri mu bumanuko bw’Uburaya. Impuzu nyinshi zigurishwa muri Uzbekistani usanga zikozwe mu nyuzi zihingurwa mw’ipampa. Haragurishwa kandi amatapi meza akozwe mw’ipampa, mu bwoya no mw’iharire.

Abantu bo muri Uzbekistani bafise imico kama bagiye barakura ku bantu batandukanye bo muri kahise. Abantu bazwi cane mu vyo kwigarurira uturere be n’ingabo zabo zikomeye barashitse mu misozi no mu bugaragwa bwo muri ico gihugu. Aho harimwo Alegizandere Mukuru, uwatwaye umugore wo muri ico gihugu yitwa Roxane, Genghis Khan wo muri Mongoliya be na Timur (uwitwa kandi Tamerlane) imvukira y’aho yategetse kamwe mu turere tunini kuruta utundi twose muri kahise.

Abagabo babiri bambaye inyambaro kavukire yo muri Uzbekistani

Inyambaro kavukire

Muri kino gihe, mu bisagara vyo muri Uzbekistani uhasanga inyubakwa nziza z’ivyibutso z’amabara menshi zifise urusenge rwiburungushuye ruriko amategura y’ubururu. Nyinshi muri zo ni amashure.

Inzira bise ngo ni iy’amaharire. Iyo nzira yatanguye gukoreshwa kera cane gushika habonetse inzira yo mu mazi ishika mu Buhindi mu mpera z’ikinjana ca 15 inyuma ya Kristu. Iyo nzira yaca ahari Uzbekistani muri iki gihe, yarafashije cane mu vy’urudandaza.

Abagore babiri bo muri Uzbekistani bariko bahingura amatapi y’iharire

Bariko barakora amatapi yo mw’iharire

Ikiyaga Aral. Ico kiyaga, icahoze kigira kane mu biyaga binini kw’isi, kiriko kirakama kubera imivo baciye itwara amazi yaco kuvomera imirima. Uzbekistani ifatanije n’ibindi bihugu vyo muri Aziya yo Hagati, iriko iragerageza gutorera umuti iyo ngorane.

Indome zagiye zirahindagurika. Kera muri ico gihugu havugwa indimi nyinshi ariko igihe cigarurirwa n’abisilamu mu kinjana c’umunani haciye hakoreshwa icarabu. Ico gihugu kimaze kwinjira mu runani rw’Abasoviyeti, haciye hatangura gukoreshwa indome z’ikilatini mu nyuma zisubirirwa n’igisirilike mu mpera z’imyaka ya 1930. Mu 1993 haratowe itegeko rishiraho indome zo mu rurimi rwo muri Uzbekistani, zikaba zimeze nk’iz’ikilatini.

Ivyamwa vyumye vyanze mw’isoko ryo mu gisagara kimwe co muri Uzbekistani

Ivyamwa vyumye biriko biradandazwa mu kaguriro ko mu gisagara

IBIHARANGA MURI MAKE

  • Abanyagihugu: Imiliyoni 30

  • Umurwa mukuru: Tashkent

  • Ikirere: Henshi haragadutse. Hagwa imvura nke kandi hari ukuntu hashushe

  • Ingene hameze: Hari ibiyaya mu burengero, mu buseruko na ho imisozi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika