ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g23 no. 1 rup. 6-8
  • Amabahari

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amabahari
  • Be maso!—2023
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibigeramiye amabahari
  • Iyi si yacu yaremwe mu buryo ishobora kurokoka
  • Utwigoro abantu bariko baragira
  • Ni ibiki Bibiliya ivuga biduhumuriza?
  • ‘Ubutunzi bubogaboga mu biyaga’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ibirimwo
    Be maso!—2023
  • Ibiri muri iki kinyamakuru
    Be maso!—2023
  • Intangamarara
    Be maso!—2023
Be maso!—2023
g23 no. 1 rup. 6-8
Umuntu ariko aroga hasi mw’ibahari irya n’ino yiwe hari amafi y’amabara, udukoko turundanye two mu mazi n’ibimera vyo mu mazi.

Georgette Douwma/Stone via Getty Images

IYI SI YACU YOBA IZORUSIMBA?

AMABAHARI

MU MABAHARI turahakura vyinshi mu bifungurwa dufungura, ariko kandi turahakura ibintu vyinshi dukeneye kugira dukore imiti. Amabahari aratanga umwuka witwa ogisijeni urenga ica kabiri c’uwukenerwa kw’isi, kandi arakwega umwuka mubi wa gaze karubonike uva mu bintu abantu bakora. Vyongeye, amabahari aratuma ikirere kidahindagurika cane.

Ibigeramiye amabahari

Ihindagurika ry’ikirere rirabangamira udukoko turundanye two mu mazi, ibifyera vyo mu mazi, n’ibindi binyabuzima vyo mu mazi. Abahinga bavuga ko udukoko turundanye two mu mazi nka twose dushobora kuzoba twarapfuye mu myaka 30 iri imbere. Utwo dukoko tugize nk’ica kane c’ibinyabuzima vyose biri mu biyaga.

Abahinga bagereranya ko ibice 90 kw’ijana vy’inyoni zirya ibintu vyo mu mazi zishobora kuba zaramaze kurya ibintu vya plastike, kandi vyiyumvirwa ko ibintu vya plastike biri mu mabahari bishobora kwica ibikoko amamiliyoni biri mu biyaga buri mwaka.

Mu 2022, umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yavuze ati: «Ntitwitwararitse amabahari, none ubu biri mu bintu vyihutirwa.»

Iyi si yacu yaremwe mu buryo ishobora kurokoka

Amabahari n’ibinyabuzima biri muri yo vyaremwe ku buryo vyisukura, kandi bikaguma bimeze neza igihe abantu batavyononye. Igitabu kimwe (Regeneration: Ending the Climate Crisis in One Generation) kivuga ko igihe abantu batoba bonona amabahari «yoshobora kubandanya yisukura.» Raba uburorero bukeyi:

  • Hari utunyabuzima dutoyi turi mu mazi dukwega wa mwuka wa gaze karubonike tukawubika. Uwo mwuka ni wo vyiyumvirwa ko utuma ubushuhe bwongerekana kw’isi. Utwo tunyabuzima twonyene tubika umwuka uhakwa kungana n’uwubikwa n’ibiti, ivyatsi, n’ibindi bimera vyo kw’isi tubifatiye hamwe.

  • Hari utundi tunyabuzima dutoyi turya ibisigarira vy’ifi zapfuye, ivyo bisigarira bikaba vyoshobora kwonona ibahari. Hari ibindi bikoko vyo mu mazi bica birya utwo tunyabuzima. Nk’uko bivugwa n’urubuga rumwe (Smithsonian Institution Ocean Portal), «ivyo bituma ibahari iguma isukuye kandi ityoroye.»

  • Kubera ukuntu umubiri w’amafi menshi usya ivyo yariye, aragabanya ubumara buri mu mazi bubangamira utunyabuzima turundanye two mu mazi, ibifyera vyo mu mazi, n’ibindi biremwa.

    WARI UBIZI?

    Ibimera vyo mu mabahari biratuma aguma ameze neza

    Ishusho yerekana imipfunda yegereye ku nkengera. Umuntu arashobora kubona hasi mu kiyaga, ibimera biriyo n’ibinyabuzima vyo mu mazi. Uko imipfunda yegereza ku nkengera, ivyatsi vyo mu kiyaga biragabanya ubunini n’umuvuduko wayo, bigakura n’ibicafu mu mazi. Amafi n’ibindi binyabuzima vyo mu mazi biramererwa neza vyibereye muri ivyo vyatsi. Amazi ashika ku nkengera aba ari meza, n’imipfunda idakaze.

    Ibimera biri hasi mu mabahari biratuma umusenyi uguma aho uri. Biratuma udukoko two mu mazi tuguma tumeze neza, kandi birakingira inkengera z’amabahari mu gutuma imipfunda iguma ari mitoyi no mu gutuma imisenyi iri ku nkengera y’ikiyaga igumaho.

Utwigoro abantu bariko baragira

Udufoto: 1. Umugabo ariko arakura ivyo avuye gusuma mu gasaho basubira gukoresha abishira ku meza yo mu gikoni. 2. Umugore ariko aravomera mw’icupa basubira gukoresha kw’ibombo ryo mu gikoni.

Gukoresha udusaho n’amacupa bisubira gukora vyogabanya ibintu vya plastike bija mu mabahari

Iyaba ata bucafu bwigera bwinjira mu mabahari, ivyo kuyasukura ntivyokenerwa. Abahinga rero baremesha abantu gukoresha udusaho, ibikoresho be n’ibindi bintu vyo gutekeramwo bashobora gukoresha kenshi, aho gukoresha birya vya plastike bikora rimwe bagaca babita.

Ariko harakenewe n’ibindi. Mu misi iheze, mu kiringo c’umwaka umwe gusa, hari ishirahamwe ryitwararika ibidukikije ryegeranije amatoni 9.200 y’ibicafu vyari ku nkengera y’amabahari mu bihugu 112. Ariko ivyo bicafu vyari bikeyi cane ugereranije n’ivyinjira mu mabahari buri mwaka.

Ikinyamakuru kimwe (National Geographic) cavuze ko “biboneka ko ubumara buboneka mu mabahari budashobora gukurwamwo ngo buhere. Abantu basigaye bakoresha igitoro cinshi ku buryo ibikoko vyo mu mazi bitagishoboye kuguma bisukura amabahari nk’uko vyategerezwa.”

Ni ibiki Bibiliya ivuga biduhumuriza?

«Isi yuzuye ivyo waremye. Raba nk’akarorero ikiyaga kinini kandi cagutse: Cuzuyemwo ibinyabuzima bitagira igitigiri, bininibinini na bitobito.»— Zaburi 104:​24, 25.

Umuremyi yararemye amabahari ayaha n’ubushobozi bwo kwisukura. Rimbura iki kintu: Ko yaremye amabahari n’ibinyabuzima vyose biri muri yo, yonanirwa no gutorera umuti ibiriko birayabangamira? Raba ikiganiro kivuga ngo «Imana isezerana ko iyi si izorusimba», ku rupapuro rwa 15.

MENYA N’IBINDI

Urufi bita baleine-pilote ruri mw’ibahari.

Blue Planet Archive/Doug Perrine

Abashakashatsi bafatiye ku kinyabuzima kimwe co mu mazi, barize ubuhinga bwo gukura ku bwato udukoko tubumatako batarinze gukoresha ibintu vy’ubumara. Nusome kuri jw.org ikiganiro kivuga ngo «Urushato rwisukura rw’urufi bita baleine-pilote.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika