IYI SI YACU YOBA IZORUSIMBA?
UMUYAGA
TURAKENEYE umuyaga, ariko atari gusa kugira duheme. Umuyaga urakingira iyi si yacu imishwarara y’izuba yoyigirira nabi. Ata muyaga uhari, urugero rw’ubushuhe rwoca rukoroka cane rukamera nk’ibarafu.
Ibigeramiye umuyaga
Ivyuka bibi bija mu kirere birashobora kubangamira ibinyabuzima biri kw’isi. Igice kimwe gusa kw’ijana c’abantu baba kw’isi ni bo bahema impemu zikwije ibisabwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS).
Ivyuka bibi bija mu kirere birashobora gutera indwara zo mu bihimba vy’ihemero, kanseri y’amahaha n’indwara z’umutima. Ivyo vyuka biratuma urupfu rukubiranya abantu nka 7.000.000 buri mwaka.
Iyi si yacu yaremwe mu buryo ishobora kurokoka
Iyi si yacu yaremwe ku buryo ishobora gutuma ibinyabuzima vyose biba kuri yo bironka impemu nziza bikeneye. Ariko ivyo bishoboka gusa igihe abantu batonona ibidukikije. Raba uburorero bukeyi:
Ivy’uko amashamba akwega umwuka wa gaze karubonike biramenyerewe cane. Ariko ibiti vyitwa mangroves vyo mu turere tujaga turi ku nkengera y’ibahari birawukwega cane kuruta. Ivyo biti bikwega umwuka wa gaze karubonike uruta incuro zitanu uwo amashamba akwega.
Ivyigwa biheruka kugirwa vyerakanye ko ibimera vyo mu mazi bimwebimwe, nk’ivyitwa kelp, bikwega umwuka wa gaze karubonike mu kirere bikawugumya. Ibintu bimeze nk’amababi biri kuri ivyo bimera birafise udusaho dutoduto twuzuyemwo impemu dutuma bishika kure bireremba ku mazi. Iyo bishitse kure cane y’inkengera, twa dusaho turimwo impemu turuguruka, maze vya bimera bigaca vyibirana na gaze karubonike mw’ibahari. Birashoboka ko bica bimara imyaka amajana bizitse mw’ibahari.
Mu kiringo ca Korona, vyaragaragaye ko ikirere cacu gifise ubushobozi bwo kurwanya ivyuka bibi vyonona. Mu 2020 igihe menshi mu mahinguriro yo kw’isi n’ingendeshwa vyamara ikiringo bidakora maze ntibisubire gusohora ivyuka vyonona ikirere, ikirere nticatevye kwityorora. Twisunze «Raporo yo mu 2020 ivuga ibijanye n’ikirere», mu bihugu birenga 80 kw’ijana vyagizwemwo icigwa, basanze inyuma gato y’aho hafatiwe ingingo yo kudacaruka, ikirere caciye gisa neza.
Utwigoro abantu bariko baragira
Kuja ku kazi canke kw’ishure n’ikinga birafasha kugabanya ivyuka vyonona ikirere
Abategetsi baguma basaba amahinguriro kugabanya ivyuka vyonona ikirere. Vyongeye, abahinga barabandanya gutora uburyo bushasha bwo kugabanya ingaruka z’ivyo vyuka. Nk’akarorero, barakoresha ama mikorobe kugira batume ivyo vyuka bitonona ubuzima. N’ikindi kandi, abahinga bahanura abantu kugenda n’amaguru canke kugendera ku makinga aho kugenda n’imodoka. Babahanura kandi kurondera ukuntu bogabanya gukoresha ibintu bisohora imyotsi muhira iwabo.
Abategetsi bamwebamwe bararonsa abanyagihugu babo amashiga yo gutekako agezweho kugira bagabanye ivyonona ikirere ariko abantu benshi ntibarayaronka
Ariko nk’uko biboneka muri raporo yo mu 2022 y’amashirahamwe mpuzamakungu, harimwo n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) be n’Ibanki y’isi yose, haracakenewe gukorwa n’ibindi.
Iyo raporo yavuze ko mu 2020, hafi ica gatatu c’abantu baba kw’isi bakoresha ahanini ibintu bisohora ivyuka vyonona ikirere mu guteka. Mu mihingo myinshi, abantu bake ni bo bashobora kuronka amashiga mashasha ya kijambere canke bashobora kuronka ibintu vyo gutekesha bitabangamira ikirere.
Ni ibiki Bibiliya ivuga biduhumuriza?
«Ibi ni vyo Imana y’ukuri Yehova ivuze, Umuremyi w’ijuru . . . Umwe yarema isi n’ibiri kuri yo, Umwe aha impemu abantu bayibako.»—Yesaya 42:5.
Imana ni yo yaremye izi mpemu duhema be n’ubuhinga bwo mu bidukikije butuma ziguma zityoroye. Irafise ububasha bugera kure kandi irakunda cane abantu. Wumva none yoreka gukuraho ivyuka bituma ikirere cacu cononekara? Raba ikiganiro kivuga ngo «Imana isezerana ko iyi si izorusimba.»