ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g23 no. 1 rup. 12-14
  • Umuyaga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuyaga
  • Be maso!—2023
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibigeramiye umuyaga
  • Iyi si yacu yaremwe mu buryo ishobora kurokoka
  • Utwigoro abantu bariko baragira
  • Ni ibiki Bibiliya ivuga biduhumuriza?
  • Akayaga n’akazuba vyoba vyica imigera?
    Be maso!—2015
Be maso!—2023
g23 no. 1 rup. 12-14
Umugabo n’umugore bariko baragendagenda ku bibarafu bihweza ikiyaga gikikujwe n’imisozi iriko amashamba, ikirere kikaba gikeye.

IYI SI YACU YOBA IZORUSIMBA?

UMUYAGA

TURAKENEYE umuyaga, ariko atari gusa kugira duheme. Umuyaga urakingira iyi si yacu imishwarara y’izuba yoyigirira nabi. Ata muyaga uhari, urugero rw’ubushuhe rwoca rukoroka cane rukamera nk’ibarafu.

Ibigeramiye umuyaga

Ivyuka bibi bija mu kirere birashobora kubangamira ibinyabuzima biri kw’isi. Igice kimwe gusa kw’ijana c’abantu baba kw’isi ni bo bahema impemu zikwije ibisabwa n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS).

Ivyuka bibi bija mu kirere birashobora gutera indwara zo mu bihimba vy’ihemero, kanseri y’amahaha n’indwara z’umutima. Ivyo vyuka biratuma urupfu rukubiranya abantu nka 7.000.000 buri mwaka.

Iyi si yacu yaremwe mu buryo ishobora kurokoka

Iyi si yacu yaremwe ku buryo ishobora gutuma ibinyabuzima vyose biba kuri yo bironka impemu nziza bikeneye. Ariko ivyo bishoboka gusa igihe abantu batonona ibidukikije. Raba uburorero bukeyi:

  • Ivy’uko amashamba akwega umwuka wa gaze karubonike biramenyerewe cane. Ariko ibiti vyitwa mangroves vyo mu turere tujaga turi ku nkengera y’ibahari birawukwega cane kuruta. Ivyo biti bikwega umwuka wa gaze karubonike uruta incuro zitanu uwo amashamba akwega.

  • Ivyigwa biheruka kugirwa vyerakanye ko ibimera vyo mu mazi bimwebimwe, nk’ivyitwa kelp, bikwega umwuka wa gaze karubonike mu kirere bikawugumya. Ibintu bimeze nk’amababi biri kuri ivyo bimera birafise udusaho dutoduto twuzuyemwo impemu dutuma bishika kure bireremba ku mazi. Iyo bishitse kure cane y’inkengera, twa dusaho turimwo impemu turuguruka, maze vya bimera bigaca vyibirana na gaze karubonike mw’ibahari. Birashoboka ko bica bimara imyaka amajana bizitse mw’ibahari.

  • Mu kiringo ca Korona, vyaragaragaye ko ikirere cacu gifise ubushobozi bwo kurwanya ivyuka bibi vyonona. Mu 2020 igihe menshi mu mahinguriro yo kw’isi n’ingendeshwa vyamara ikiringo bidakora maze ntibisubire gusohora ivyuka vyonona ikirere, ikirere nticatevye kwityorora. Twisunze «Raporo yo mu 2020 ivuga ibijanye n’ikirere», mu bihugu birenga 80 kw’ijana vyagizwemwo icigwa, basanze inyuma gato y’aho hafatiwe ingingo yo kudacaruka, ikirere caciye gisa neza.

    WARI UBIZI?

    Ikirere cacu kirashobora gusubirana

    Igicapo cerekana urugero rw’umuyaga mwiza i New Delhi mu Buhindi. Ibipimo vyavuye ku bice 120,1 muri Nzero 2020, ivyo bikaba bibangamira amagara y’abantu, bishika ku bice biri munsi ya 35,5 muri Myandagaro 2020, ivyo bikaba bigereranye.

    Igihe abantu batacaruka mu kiringo ca Korona, ivyuka vyonona ikirere bisohorwa n’amahinguriro be n’imiduga vyaragabanutse cane i New Delhi mu Buhindi. Ubucafu butosekaza ikirere bwaragabanutse mu buryo bwihuta. Ubwo bucafu buratera indwara zo mu bihimba vy’ihemero hamwe n’izindi ndwara zikomeye. Naho ako gahengwe kamaze igihe gito, ivyo vyarerekanye ko ikirere gishobora gusubirana ningoga kikavamwo ivyo vyuka vyonona.

    Ifoto y’i New Delhi mu Buhindi mu mpera za 2019, yerekana igipfungu cinshi kivuye ku kuba ikirere carononekaye ku rugero runini.

    [Abo dukesha amafoto]

    Mu mpera ya 2019

    Ifoto y’i New Delhi mu Buhindi yo mu mpera z’ikiringo co kudacaruka ca Korona yerekana ikirere gikeye kubera ivyotsi vyonona ikirere vyagabanutse.

    [Abo dukesha amafoto]

    Ikiringo co kudacaruka co muri Korona

Utwigoro abantu bariko baragira

Umuntu ariko araparikinga ikinga yajeko ku kazi.

Kuja ku kazi canke kw’ishure n’ikinga birafasha kugabanya ivyuka vyonona ikirere

Abategetsi baguma basaba amahinguriro kugabanya ivyuka vyonona ikirere. Vyongeye, abahinga barabandanya gutora uburyo bushasha bwo kugabanya ingaruka z’ivyo vyuka. Nk’akarorero, barakoresha ama mikorobe kugira batume ivyo vyuka bitonona ubuzima. N’ikindi kandi, abahinga bahanura abantu kugenda n’amaguru canke kugendera ku makinga aho kugenda n’imodoka. Babahanura kandi kurondera ukuntu bogabanya gukoresha ibintu bisohora imyotsi muhira iwabo.

Umugore ariko arateka yicaye hasi mu nzu yiwe iciye bugufi. Imbabura yiwe ntoyi irasanzwe ariko ntirekura umwotsi mwinshi.

Abategetsi bamwebamwe bararonsa abanyagihugu babo amashiga yo gutekako agezweho kugira bagabanye ivyonona ikirere ariko abantu benshi ntibarayaronka

Ariko nk’uko biboneka muri raporo yo mu 2022 y’amashirahamwe mpuzamakungu, harimwo n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) be n’Ibanki y’isi yose, haracakenewe gukorwa n’ibindi.

Iyo raporo yavuze ko mu 2020, hafi ica gatatu c’abantu baba kw’isi bakoresha ahanini ibintu bisohora ivyuka vyonona ikirere mu guteka. Mu mihingo myinshi, abantu bake ni bo bashobora kuronka amashiga mashasha ya kijambere canke bashobora kuronka ibintu vyo gutekesha bitabangamira ikirere.

Ni ibiki Bibiliya ivuga biduhumuriza?

«Ibi ni vyo Imana y’ukuri Yehova ivuze, Umuremyi w’ijuru . . . Umwe yarema isi n’ibiri kuri yo, Umwe aha impemu abantu bayibako.»—Yesaya 42:5.

Imana ni yo yaremye izi mpemu duhema be n’ubuhinga bwo mu bidukikije butuma ziguma zityoroye. Irafise ububasha bugera kure kandi irakunda cane abantu. Wumva none yoreka gukuraho ivyuka bituma ikirere cacu cononekara? Raba ikiganiro kivuga ngo «Imana isezerana ko iyi si izorusimba.»

MENYA N’IBINDI

Isi uyirabiye mu kirere.

Iki kirere cabayeho gute? Nurabe kuri jw.org ividewo ivuga ngo Ibiriho vyoba vyararemwe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika