IBICIRO BIGUMA BIDUGA UKO WOVYIFATAMWO
Nugire icizigiro
Mu gihugu iwanyu ibintu vyoba bizimvye cane ku buryo amahera uronka usanga ata co akumariye? Woba uhagaritswe umutima no kuronka ikikubeshaho n’igitunga umuryango wawe? Nimba ari ukwo, ushobora kuba utabona ico buca bucana. Ariko no mu bihe bigoye nk’ivyo, icizigiro kirafasha cane.
IGITUMA BIHAMBAYE
Abantu bafise icizigiro ntibaba gusa biteze ibintu vyiza. Ico cizigiro kiratuma bagerageza kubaho neza uko bishoboka kwose. Nk’akarorero, ivyigwa vyagizwe vyerekanye ko abantu bafise icizigiro . . .
akenshi biborohera kwihanganira ibihe bigoye
bashobora guhuza n’uko ibintu vyifashe
bafata ingingo nziza zibafasha kugira amagara meza no kubaho neza
IVYO WOKORA
Ubwa mbere, nurabe ingene Bibiliya yogufasha muri iki gihe. Bibiliya irimwo impanuro nziza zogufasha kuvyifatamwo neza igihe ibiciro biguma biduga. Izo mpanuro zirashobora kugufasha kudatakaza icizere, ahubwo ukabona ingene wovyifatamwo neza ubu n’ingene uzovyifatamwo muri kazoza ibintu nivyunyuka.
Ubwa kabiri, nurabe ico Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza. Niwibonera ingene impanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro, bizotuma wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo isezerana muri kazoza. Nk’akarorero, uzokwibonera ko Imana yipfuza ko tugira «kazoza n’icizigiro» kandi ko yashizeho ikintu cotuma twizera ko ivyo bizoba. (Yeremiya 29:11) Ico kintu yashizeho ni Ubwami bw’Imana.
UBWAMI BW’IMANA NI IKI, KANDI BUZOKORA IKI?
Ubwami bw’Imana ni intwaro izoganza isi yose. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:10) Butegeka buri mw’ijuru. Buzokuraho ingorane zose hamwe n’ubukene. Abantu bose bazobaho mu mahoro kandi bafise ivyo bakeneye vyose nk’uko ibi vyanditswe bivyerekana.
Abantu amamiliyoni barizigira ivyo bintu kuko bazi neza ko Imana «idashobora kubesha.» (Tito 1:2) Ubona gute none ufashe akanya ukisuzumira ivyo Bibiliya ivuga? Icizigiro itanga kirashobora kugufasha kwihanganira ingorane z’ivy’ubutunzi no kwizigira kazoza keza.