ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g25 no. 1 rup. 14-15
  • Nugire icizigiro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugire icizigiro
  • Be maso!—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • IVYO WOKORA
  • UBWAMI BW’IMANA NI IKI, KANDI BUZOKORA IKI?
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Raba ico Bibiliya ibivugako
  • Niwizigire ko kazoza ari keza
    Ibindi biganiro
  • Imvo zotuma tugira icizigiro mu 2023​—Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Be maso!—2025
g25 no. 1 rup. 14-15
Abagize umuryango bagiye gutembera bariko barihweza akarere keza cane.

IBICIRO BIGUMA BIDUGA UKO WOVYIFATAMWO

Nugire icizigiro

Mu gihugu iwanyu ibintu vyoba bizimvye cane ku buryo amahera uronka usanga ata co akumariye? Woba uhagaritswe umutima no kuronka ikikubeshaho n’igitunga umuryango wawe? Nimba ari ukwo, ushobora kuba utabona ico buca bucana. Ariko no mu bihe bigoye nk’ivyo, icizigiro kirafasha cane.

IGITUMA BIHAMBAYE

Abantu bafise icizigiro ntibaba gusa biteze ibintu vyiza. Ico cizigiro kiratuma bagerageza kubaho neza uko bishoboka kwose. Nk’akarorero, ivyigwa vyagizwe vyerekanye ko abantu bafise icizigiro . . .

  • akenshi biborohera kwihanganira ibihe bigoye

  • bashobora guhuza n’uko ibintu vyifashe

  • bafata ingingo nziza zibafasha kugira amagara meza no kubaho neza

IVYO WOKORA

Ubwa mbere, nurabe ingene Bibiliya yogufasha muri iki gihe. Bibiliya irimwo impanuro nziza zogufasha kuvyifatamwo neza igihe ibiciro biguma biduga. Izo mpanuro zirashobora kugufasha kudatakaza icizere, ahubwo ukabona ingene wovyifatamwo neza ubu n’ingene uzovyifatamwo muri kazoza ibintu nivyunyuka.

«Kwiyumvira neza bizogukingira; ugutahura kuzokuzigama.»—Imigani 2:​11, New Century Version.


Ubwa kabiri, nurabe ico Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza. Niwibonera ingene impanuro Bibiliya itanga ari ngirakamaro, bizotuma wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo isezerana muri kazoza. Nk’akarorero, uzokwibonera ko Imana yipfuza ko tugira «kazoza n’icizigiro» kandi ko yashizeho ikintu cotuma twizera ko ivyo bizoba. (Yeremiya 29:11) Ico kintu yashizeho ni Ubwami bw’Imana.

UBWAMI BW’IMANA NI IKI, KANDI BUZOKORA IKI?

Ubwami bw’Imana ni intwaro izoganza isi yose. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:10) Butegeka buri mw’ijuru. Buzokuraho ingorane zose hamwe n’ubukene. Abantu bose bazobaho mu mahoro kandi bafise ivyo bakeneye vyose nk’uko ibi vyanditswe bivyerekana.

«Uzotunga utunganirwe.»—Zaburi 128:2.

«[Abatwarwa b’ubwo Bwami] ntibazoruhira ubusa.»—Yesaya 65:23.

«Hazobaho ibifungurwa vyinshi kw’isi.»—Zaburi 72:16.

Abantu amamiliyoni barizigira ivyo bintu kuko bazi neza ko Imana «idashobora kubesha.» (Tito 1:2) Ubona gute none ufashe akanya ukisuzumira ivyo Bibiliya ivuga? Icizigiro itanga kirashobora kugufasha kwihanganira ingorane z’ivy’ubutunzi no kwizigira kazoza keza.

Ramaz.

«Icizigiro Bibiliya itanga kiramfasha kubona ko ingorane zo kw’isi ari iz’akanya gato. Kuzirikana kuri ico kintu birampa inkomezi zo kwihanganira ingorane z’ivy’ubutunzi zitera zunyuka.»—Ramaz wo muri Jeworojiya.

MENYA N’IBINDI

Woba vy’ukuri wokwizigira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza? Nurabe aya mavidewo kuri jw.org: Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? na Ubwami bw’Imana ni iki?

Umugore ariko aratora Bibiliya ku kantu bashirako ibitabu.
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika