Ikigabane ca 4
Yibungenze Atabiriwe
MARIYA ageze mu kwezi kwiwe kugira gatatu yibungenze. Uribuka yuko ikiringo ca mbere c’ukwibungenga kwiwe yakimaze ari kuramutsa Elizabeti, mugabo ubu yasubiye i muhira i Nazareti. Vuba, ivyiwe bihava biba akazwi na bose mu gisagara iwabo. Si ivy’imbeshere, ari mu maganya!
Igituma ibintu biyangara, ni uko Mariya yarehejwe ngo azobe umugore w’umubaji Yozefu. Kandi arazi yuko mu vyagezwe Imana yahaye Isirayeli, iyo umukenyezi yarehejwe n’umugabo hanyuma akaryamana n’uwundi mugabo ibigirankana, ategerezwa kwicishwa amabuye. None ashobora gute gusigurira Yozefu ingene yibungenze?
Kubera ko Mariya yagiye akamara amezi atatu, turashobora kwemeza ko Yozefu ashashaye kumubona. Babonanye, bisa n’uko Mariya amumenyesha nya nkuru. Ntako atagira ngo amusigurire ko yibungenze bivuye ku mpwemu yera y’Imana. Mugabo, nk’uko ushobora kuvyiyumvira, kuri Yozefu ico ni ikintu kigoye cane kwemera.
Yozefu arazi ukuntu Mariya azwi neza. Kandi bisa n’uko amukunda rumwe rwo mu mutima. Yamara, ivyo yivugisha vyose, vy’ukuri umengo yibungenze iyo yatewe n’umugabo kanaka. Ariko rero Yozefu ntashaka ko Mariya yicishwa amabuye canke ngo yambare ibara mu bantu. Nuko afata ingingo yo kwahukana na we mu mpisho. Muri iyo misi, abantu bareshanije babonwa nk’ababiranye, kandi kugira ngo bahebane bisabwa ko haba ukwahukana.
Mu nyuma, Yozefu akirimbura ivyo bibazo, aja kuryama. Umumarayika wa Yehova amubonekera mu ndoto, avuga ati: “Ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda [itumwe n’im]pwemu yera. Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’umwite Yesu, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”
Yozefu yikanguye, akura ubwatsi pe! Ata guteba, agira nyene ivyo wa mumarayika yategetse. Atwara i muhira iwe Mariya. Ico kintu kigizwe icese kiba nk’ibirori vy’ubugeni, kikerekana ko Yozefu na Mariya ubu ari ababiranye biciye mu mategeko. Ariko Yozefu ntarangurana na Mariya amabanga y’abubatse igihe acibungenze iya Yezu.
Raba! Mariya araremerewe n’ikibondo, yamara Yozefu ariko amushira ku ndogoba. Mbega bagiye he? Kandi ni kuki bafashe urugendo mu gihe Mariya ari hafi kwibaruka? Luka 1:39-41, 56; Matayo 1:18-25; Gusubira mu Vyagezwe 22:23, 24.
▪ Yozefu amererwa ate igihe yumvise ko Mariya yibungenze, kandi abiterwa n’iki?
▪ Bishoboka gute ko Yozefu yahukana na Mariya kandi batarabirana?
▪ Ni ikintu ikihe kiba icese kikabera Yozefu na Mariya nk’ibirori vy’ukwabirana?