Ikigabane ca 86
Inkuru y’Umuhungu Yazimiye
YEZU agiheza kwiganira Abafarizayo ibigereranirizo vyerekeye ukugarura intama yazimiye hamwe n’ihera ryatakaye, ubu abandaniriza ku kindi kigereranirizo. Kino cerekeye umuvyeyi w’umunyarukundo hamwe n’ukuntu afata abana biwe babiri, umwumwe wese muri bo akaba afise amakosa akomeye.
Ubwa mbere, hariho umuhungu w’umuhererezi, ari we avugwa cane muri ico kigereranirizo. Yegeranya intoranwa yiwe, akaba vy’ukuri yayihawe na se. Maze ava i muhira hanyuma yihereza ingendo y’ubushegabo bukomeye. Ariko umviriza Yezu yigane iyo nkuru, hanyuma urabe ko ushobora kumenya abavugwamwo abo bagereranya.
Yezu aratangura ati: “Hābaye umuntu yar’afise abahungu babiri. Umuhererezi abgira se, ati Data, mpa umugabane w’ibintu notwaye. [Se] abagaburira itunga ryiwe.” Uwo muhererezi none ivyo aronse abikoza iki?
Yezu arasigura ati: “Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu.” Mu vy’ukuri, amahera yiwe ayamarira mu kubana n’indaya. Mu nyuma ibintu biragorana, nk’uko Yezu abandanya kuvyigana:
“Abimaze vyose, ikigoyi gikomeye gitera mur’ico gihugu, atangura gufutana. Aragenda, ashumba ku muntu wo mur’ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube. Yifuza guhāzwa n’ibishishwa ingurube zārya, ntihāgira ūmunūtsa.”
Ese ukuntu biteye isoni gutegerezwa kuragira ingurube, kandi ivyo bitungwa vyari ibihumanye dukurikije Ivyagezwe! Ariko icababaje cane uwo muhungu, yari inzara inokora amaso yanatumye yipfuza imfungurwa zagaburirwa ingurube. Yezu avuga ko bitumwe n’ayo marushwa ateye ubwoba, uwo muhungu “yisubiye[ko].”
Mu kubandanya inkuru yiwe, Yezu asigura ati: “[A]ribgira, at’Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahāzwa n’ivyo kurya bakabisigaza, nanje jeho inzara irikw iranyicira hano. Mve hasi, nje kwa data, mmubgire, nti Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe: pfuma ungira umucangero wawe. Ava hasi, aja kwa se.”
Zirikana iki kintu: Iyo se amujako akamuryagagura igihe yata iwabo, uwo muhungu kumbure iyo ngingo si yo yonyene yokwiyumviriye gufata. Yari gushobora gufata ingingo yo kugaruka hanyuma akagerageza kurondera akazi ahandi mu gihugu iwabo kugira ntiyirirwe arahuza amaso na se wiwe. Ariko rero, nta ciyumviro nk’ico camuje mu muzirikanyi. Yashaka kwisubirira i muhira!
Birumvikana, uwo muvyeyi avugwa mu kigereranirizo ca Yezu agereranya Data wa twese wo mw’ijuru munyakigongwe, Yehova Imana. Kumbure urabona kandi ko uwo muhungu yazimiye, ari we gishushungwe, agereranya abacumuzi karuhariwe. Ba Bafarizayo, abo Yezu ariko arabwira, bari baneguye Yezu ngo asangira n’abantu nk’abo nyene. Ariko none wa muhungu w’imfura agereranya bande?
Aho wa Muhungu Yazimiye Atorewe
Wa muhungu yazimiye w’igishushungwe avugwa mu kigereranirizo ca Yezu aho agarukiye i muhira kwa se yakirwa gute? Umviriza Yezu avyigane:
“Se amubona akiri kure, amutera akagongwe, arirukanga, amugwa mw izosi, aramugumbira.” Umve ntuze uwo muvyeyi ukuntu ari umunyakigongwe n’umunyagishika, uwugereranya neza cane Data wa twese wo mw’ijuru Yehova!
Bisa n’uko uwo se yari yarumvise ivy’uko umuhungu wiwe yihereje ubuhumbu. Yamara aramwakira i muhira ata kurindira ngo amusigurire ivyiwe ido n’ido. Yezu na we nyene afise agatima mwene ako k’ukwakira, akibwiriza mu kwegera abacumuzi n’abatozakori, abagereranywa na nya muhungu w’igishushungwe muri uwo mugani.
Ego niko, uwo muvyeyi w’inkerebutsi wo mu mugani wa Yezu nta gukeka aramenya ko umuhungu wiwe afise ukwigaya, mu kubona ukuntu yijiriwe, yacitse intege, igihe agarutse. Ariko ukwibwiriza kuranga urukundo kw’uwo muvyeyi kuratuma uwo muhungu yoroherwa kwivugira ivyaha vyiwe, nk’uko Yezu avyigana ati: “Wa muhungu aramubgira, ati Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe. [“Pfuma ungira umwe mu bacangero bawe,” NW].”
Yamara, uwo muhungu ataranaheza kuvuga ayo majambo, se abwira abashumba biwe ati: “Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge, muzane ya shūri inuze, muyibāge, turye tunezerwe: kuk’uyu mwana wanje yari yarapfuye, non’arazutse; yari yarahavye, non’arahabutse.” Maze batangura ‘kunezerwa.’
Muri ako kanya, uwo muvyeyi “umwana [wiwe] w’imfura yari mu ndimiro.” Raba ko woshobora kumenya uwo agereranya wumvirije igice gisigaye c’iyo nkuru. Yezu avuga ivy’umuhungu w’imfura ati: “Arikw araza, agira ashike ku nzu, yumva inanga n’imihamirizo. Ahamagara umwe mu bashumba, amubaza ibibaye ivy’ari vyo. Aramwishura, ati Murumunāwe yaje, so yamubāgiye ya shūri inuze, kukw amubonye agikomeye. Araraka, yanka kwinjira: se arasohoka, aramwinginga. Maz’abgira se, ati Rāba iyi myaka ingana irtya ngukorera, nta ho nigeze kwanka ico wangezeko, nanje nta ho wigeze kumpa n’agasuguru, ngo nnezeranwe n’abagenzi. Maz’uyo mwana wawe aje, yakomvye ivyawe abisambanisha, umubāgira ishūri inuze.”
Ni nde yabaye nk’uwo muhungu w’imfura akanegura ikigongwe n’ubwitwararitsi bigirirwa abacumuzi? None si ba banyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo? Kubera ko banegura Yezu ngo yakira abacumuzi batumye aca uwo mugani, bategerezwa kuba ari bo bagereranywa n’uwo muhungu w’imfura.
Yezu asozerera inkuru yiwe ku kuntu se yinginga wa muhungu w’imfura, ati: “Mwana wanje, tubana imisi yose, kand’ivyanje vyose n’ivyawe: arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye non’arazutse; yari yarahavye, non’arahabutse.”
Gutyo Yezu asiga adasozereye ivyo uwo muhungu w’imfura agira mu nyuma. Si ivy’imbeshere mu nyuma, Yezu amaze gupfa no kuzuka, “abaherezi b’akavuvu [barumviye] ukwizera,” bigashoboka ko harimwo bamwe mu bagize umugwi w’ab’ “umuhungu w’imfura,” ari bo Yezu ariko arabwira ngaha.
Ariko muri iki gihe ca none ni bande bagereranywa n’abo bahungu babiri? Bategerezwa kuba ari abashoboye kumenya ibihagije ku vyerekeye imigambi ya Yehova yo gushiraho ishingiro ryotuma bagiranira ubucuti na we. Uwo muhungu w’imfura agereranya bamwebamwe mu bo muri bwa “busho buto,” ari ryo “shengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru.” Abo bagize umutima umeze nk’uwa wa muhungu w’imfura. Nta cipfuzo bagize co guha ikaze umugwi w’abo kw isi, rya “shengero ryinshi,” abo biyumviriye ko bariko babatwara icubahiro cabo.
Uwo muhungu w’igishushungwe we agereranya abo mu gisata c’Imana bakivamwo ngo bigire kwinovora ibinezereza isi itanga. Ariko rero haciye igihe, abo baragaruka n’ukwihana kwinshi bagasubira kuba abasavyi b’Imana b’abanyamwete. Vy’ukuri, ese ukuntu uwo muvyeyi ari umunyarukundo n’umunyakigongwe ku bemera ko bakeneye guharirwa no kugaruka kuri we! Luka 15:11-32; Abalewi 11:7, 8; Ivyakozwe 6:7; Luka 12:32; Abaheburayo 12:23; Yohana 10:16.
▪ Ico kigereranirizo Yezu akibwira bande, kandi akibaha kubera iki?
▪ Uwuvugwa cane muri iyo nkuru ni nde, kandi ashikirwa n’ibiki?
▪ Mu gihe ca Yezu, uwo muvyeyi n’uwo muhungu w’umuhererezi bagereranya bande?
▪ Yezu yigana gute akarorero k’uwo muvyeyi w’umunyembabazi wo muri ico kigereranirizo?
▪ Umuhungu w’imfura abona gute ukuntu se yakiriye murumunawe, kandi ni mu buryo ki Abafarizayo bigenza nk’uwo muhungu w’imfura?
▪ Uwo mugani wa Yezu werekeye bande muri iki gihe?