Ikigabane ca 87
Tegekanya Kazoza Ukoresheje Ubukerebutsi Ngirakimazi
YEZU arahejeje kubara ya nkuru y’umuhungu w’igishushungwe ayibwira isinzi ry’abantu ririmwo n’abigishwa biwe, abatozakori b’abagunzi n’abandi bacumuzi karuhariwe, hamwe n’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo. Ubu abwira abigishwa biwe, abiganira ikigereranirizo c’umutunzi yaronse inkuru itari nziza yerekeye uwo yashinze inzu yiwe ari we mubwiriza wayo.
Nk’uko Yezu abivuga, uwo mutunzi ahamagara umubwiriza wiwe amubwira yuko agiye kumukura mu kazi. Nya mubwiriza aribaza ati: “Mbe ngira nte, ko databuja agira ansohore mu bubgiriza bganje? Sinshobora kurima, binteye isoni ko nosēgerereza. Ndazi ico nkora, ngo ni nasohorwa mu bubgiriza baze bantunge mbe mu ngo zabo.”
Uwo mubwiriza ategekanya iki? Ahamagara abafitiye imyenda shebuja. Ababaza ati: “Harya databuja umufitiye ibingana iki?”
Uwa mbere arishura ati: “[Imigereni 580] y’amavuta ya elayo.”
Amubwira ati: “Abīra icete cawe, wicare vuba, wandike [imigereni 290].”
Abaza uwundi ati: “Harya weho umufitiye ibingana iki?”
Aravuga ati: ‘Ibibakure 4.700 vy’ingano.’
‘Fata icete cawe wandike ibibakure 3.850.’
Uwo mubwiriza arafise uburenganzira bwo kugabanya amafagitiri y’ivyo bafitiye shebuja, kuko akijejwe ubutunzi bwiwe. Mu kugabanya ivyo bitigiri, ariko arironderera abagenzi mu bashobora kuzomwishura ineza niyakurwa mu kazi kiwe.
Aho shebuja yumviye ivyabaye, arajorerwa. Kukaba nkako, shebuja “ashima uwo mubgiriza, kuko yakoze ivy’[“ubukerebutsi ngirakimazi,” “NW”].” Si ivy’imbeshere, Yezu yongerako ati: “Abana b’[“uru runkwekwe rw’ibintu,” NW] bagira ubgenge mu vy’ubu bu[zima] kurusha abana b’umuco.”
Buno Yezu akuriramwo icigwa abigishwa biwe, abaremesha ati: “Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.”
Yezu ntashimira uwo mubwiriza kubera ukugabitanya kwiwe, ahubwo ni uko afise ubukerebutsi ngirakimazi buranga ukubona kure. Kenshi “abana b’[“uru runkwekwe rw’ibintu,” NW]” barakoresha mu buryo bw’ubwenge amahera bafise canke igiti bafise kugira bironkere abagenzi bazobishura ineza. N’abasavyi b’Imana nyene, ari bo “bana b’umuco,” birakenewe ko bakoresha “itunga ribi” ry’ivy’umubiri mu buryo buranga ubukerebutsi kugira bibagirire akamaro.
Ariko nk’uko Yezu abivuga, bakwiye gukoresha ubwo butunzi bakironderera abagenzi bazobakira “muri za ngo zitazoshira.” Ku bo muri bwa busho buto, ivyo bibanza biri mw’ijuru; kuri rya “shengero ryinshi,” biri mw’isi y’Iparadizo. Kubera ko Yehova Imana be n’Umwana wiwe ari bo bonyene bashobora kwakira abantu muri ivyo bibanza, dukwiye gushiruka ubute tugatsimbataza ubucuti na bo, mu gukoresha “itunga ribi” twoba dufise mu gushigikira inyungu z’Ubwami. Maze, ubutunzi bw’ivy’umubiri nibwahera canke bukabora, ari na kwo butegerezwa kuzomera, kazoza kacu k’ibihe bidahera nta kizokabuza kumera neza.
Yezu abandanya avuga yuko abantu baba abizigirwa mu kubungabunga ivyo bintu vy’umubiri, ari vyo vyitwa bike, bazoba kandi abizigirwa mu gufata neza ibintu vy’akamaro kanini kuruta. Arabandanya ati: “Namba mutabaye abizigirwa kw itunga ribi mubīkijwe, ni nde azobabītsa itunga nyaryo [ni ukuvuga, inyungu zo mu buryo bw’impwemu, canke z’Ubwami]? Kandi namba mudakora ivyo mwizigiweko ku vy’abandi mwabīkijwe [inyungu z’Ubwami Imana ishinga abasavyi bayo], ni nde azobaha ivyo mwokwiganzira [ya mpêra y’ubuzima mu bibanza bitazoshira]?”
Turumva ko tudashobora kuba abasavyi nyakuri b’Imana ngo twongere tujakarire amatungo mabi, amatungo y’ivy’umubiri, nk’uko Yezu asozera abivuga ati: “Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’itunga.” Luka 15:1, 2; 16:1-13; Yohana 10:16.
▪ Umubwiriza avugwa mu mugani wa Yezu abigenza gute mu kwironderera abagenzi bashobora kuzomufasha mu nyuma?
▪ “Itunga ribi” ni iki, kandi dushobora gute kurikoresha mu kwironderera abagenzi?
▪ Ni bande bashobora kutwakira muri “za ngo zitazoshira,” kandi ivyo bibanza ni ibihe?