Ikigabane ca 100
Ikigereranirizo c’Imina
YEZU kumbure aracari i muhira kwa Zakayo, aho yaciye ariko aja i Yeruzalemu. Abigishwa biwe bibaza ko nibashika i Yeruzalemu aza kumenyesha yuko ari we Mesiya kandi agashinga Ubwami bwiwe. Yezu atanga ikigereranirizo kugira ngo abogore ico ciyumviro yongere yerekane ko ubwo Bwami bukiri kure.
Yigana ati: “Hābaye umuganwa yagiye mu gihugu ca kure kwimikirwayo, ngw agaruke.” Yezu ni we “muganwa,” ijuru na ryo ni nya “gihugu ca kure.” Yezu ashitseyo Se azomuha ububasha bwo kuba Umwami.
Imbere y’uko agenda, nya muganwa ahamagara abashumba cumi hanyuma umwe wese muri bo amuha imina y’ifeza, avuga ati: “Muyacuruze, mugeze aho nzozira.” Mw’iranguka rya mbere, nya bashumba cumi bagereranya abigishwa ba mbere ba Yezu. Mu nsiguro yagutse, bagereranya abo bose bazosangira na we kuba basamuragwa mu Bwami bwo mw’ijuru.
Izo mina z’ifeza ni ibiceri vy’agaciro, imwe yose ikangana n’umushahara w’amezi nk’atatu w’umukozi w’umurimyi. Ariko izo mina zigereranya iki? Kandi ni urucuruza nyabaki abo bashumba baribumukorere?
Izo mina zigereranya ubutunzi abigishwa bavyawe n’impwemu bokoresha mu kugira ngo bimbure abandi basamuragwa b’Ubwami bw’ijuru gushika Yezu aje ari Umwami mu Bwami bwari bwarasezeranywe. Inyuma y’aho azukiye akabonekera abigishwa biwe, yarabahaye imina z’ikigereranyo kugira bahindure abandi bigishwa, hanyuma maze babone kwongerereza umugwi w’abogize Ubwami bw’ijuru.
Yezu arabandanya ati: “Arikw abantu biwe bāramwanka [uwo muganwa], bamukurikiza intumwa, bat’Uyo ntitugomba kw atuganza.” Abo banyagihugu ni Abisirayeli, ari bo Bayuda, tudashizemwo abigishwa biwe. Yezu amaze kugenda mw’ijuru, abo Bayuda baramenyesheje ko batashaka ko aba Umwami wabo, mu guhama abigishwa biwe. Muri ubwo buryo bariko bakora nk’abo banyagihugu barungitse umugwi w’ivyariho.
None abo bashumba cumi bakoresha bate imina zabo? Yezu arasigura ati: “Agarutse, amaze kwimikwa, ahamagaza ba bishikira yasigaranye ya mahera, ngw amenye inyungu umuntu wese yungutsemwo mu kuyacuruza. Uwa mbere arengutse, aravuga, ati Mugenzi, mina yawe yungutsemw’izindi mina cumi. Aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza, ko wabaye umwizigirwa no kuri gito cane, n’ube umutware w’ibisagara cumi. Uwa kabiri arengutse, aravuga, ati Mugenzi, mina yawe yungutsemw’izindi mina zitanu. Uwo na we aramubarira, ati Nawe twara ibisagara bitanu.”
Wa mushumba w’imina cumi agereranya umugwi w’abigishwa bo kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C. gushika ubu, hakaba harimwo n’intumwa. Wa mushumba yungutse imina zitanu na we nyene agereranya umugwi wo muri ico kiringo nyene na wo nyene wongerereza ubutunzi bwo kw’isi bw’umwami wabo, bakurikije uburyo hamwe n’ubushobozi bafise. Iyo migwi yompi iramamaza inkuru nziza n’umwete, bigatuma abari n’umutima ugororotse benshi bacika Abakirisu. Icenda muri abo bashumba bagize urucuruza rwunguka, barongerereza ivyo bafise.
Arashishikara ati: “Uwundi arengutse, aravuga, ati Mugenzi, ngiyi mina yawe, nabītse itekeye mu kiremo: kuko nagutinye k’ur’umuntu w’umuhambazi, uterura ivyo utāhateretse, wimbura ivyo utārimye. Aramubgira, ati Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko war’uzi yuko nd’umuntu w’umuhambazi, nterura ivyo ntāhateretse, nimbura ivyo ntārimye: none se n’iki cakubujije guha abacurūza amahera yanje, nanje nagaruka nkayakwaka n’inyungu yayo? Abarira abahagazeho, ati Ni mumwake ya mina, muyihe ūfise mina cumi.”
Kuri uwo mushumba mubi, uguhomba imina y’ikigereranyo bisigura uguhomba ikibanza mu Bwami bw’ijuru. Egome, arahomba agateka ko kuganza ibisagara cumi canke ibisagara bitanu, mu buryo bw’ikigereranyo. Urabona kandi yuko wa mushumba atitwa mubi kubera ibibi binaka akora, ariko nyabuna kubera ko atakoze ngo yongerereze ubutunzi bw’ubwami bwa shebuja.
Ya mina y’umushumba mubi ihawe umushumba wa mbere, haba ukugagaza ngo: “Mugenzi, mbega kw afise mina cumi!” Yamara Yezu yishura ati: “Ūfise wese azohabga, arik’ūdafise azokwakwa n’ico yar’afise. Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.” Luka 19:11-27; Matayo 28:19, 20.
▪ Ni igiki gituma Yezu atanga ikigereranirizo c’imina?
▪ Umuganwa avugwa ni nde, kandi igihugu ajamwo ni ikihe?
▪ Abo bashumba ni bande, kandi imina zigereranya ibiki?
▪ Abanyagihugu ni bande, kandi berekana urwanko rwabo mu buryo ki?
▪ Ni kuki umushumba umwe yitwa mubi, kandi ukwakwa imina yiwe bisigura iki?