Icizigiro Ntakēkeranywa ku Bapfuye
UMUKENYEZI w’imyaka 25 y’amavuka yanditse ibi: “Mu 1981, mawe murezi yarapfuye yishwe na kansēri. Urupfu rwiwe rwaratugumiye, twe na musazanje murerano. Nari mfise imyaka 17, musazanje na we akagira 11. Naramukumbuye rwose. Kubera ko bari bāmbwiye ko ari mw ijuru, urumva, nashaka kwiyahura kugira mbane na we. Ni we mugenzi mwiza kuruta nari mfise.”
Bisa n’uko bidakwiriye namba ko urupfu rwogira ububasha bw’ugutwara umuntu wakunda. Kandi iyo bishitse, iciyumviro c’uko utazosubira kuganīra, gutwenga n’uwo wakunda canke kumukorako, birashobora kugora rwose kukirinda. Uwo mubabaro si ngombwa ngo ufutwe n’ukubwirwa yuko uwo wakunda yaduze mw ijuru.
Ariko rero, Bibiliya iratanga icizigiro gitandukanye rwose n’ico. Nk’uko twabibonye ubuheruka, Ivyanditswe birerekana yuko bishoboka gusubira hamwe n’uwapfuye umukunda muri kazoza katari kure, si mw ijuru hatazwi ariko ni aha nyene kw isi-butaka, mu bumeremere bw’amahoro, butunganye. Kandi ico gihe, abantu bazoba bafise ikizigizigi c’ukugira amagara akemutse, kandi ntibazokwigera basubira gupfa. ‘Umva nta nkeka ivyo ni ivyipfuzo bisa!’ ni ko bamwe bovuga.
Bisaba iki kugira ujijurwe ko ico ari icizigiro ntakēkeranywa? Kugira wemere umuhango, ni ngombwa ngo ureke gukēka ko uwaguhaye nya muhango atabigize n’umutima ukunze kandi ko adashoboye kuwuguhangūrira. Ni nde none atanga umuhango w’uko abapfuye bazosubira kubaho?
Mu mpeshi yo muri 31 G.C., Yezu yatanze uwu muhango ashize amanga: “Nk’uko Se azura abapfuye akabaha [“ubuzima,” NW], ni ko n’Umwana aha [“ubuzima,” NW] abo agomba. Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe [Yezu], bakazivamwo.” (Yohana 5:21, 28, 29) Egome, Yezu Kirisitu yaratanze umuhango w’uko amamiliyoni ubu bapfuye bazosubira kubaho kuri iyi si-butaka kandi bakagira ikizigizigi c’ukuyigumako ibihe bidashira, mu bumeremere bw’amahoro n’iparadizo. (Luka 23:43; Yohana 3:16; 17:3; gereranya no muri Zaburi 37:29 no muri Matayo 5:5.) Kubera ko Yezu yatanze uwo muhango, nta cotubuza kwemera yuko azowurangūra n’umutima ukunze. Ariko ivyo yoba ashoboye kubigira?
Yezu inyuma y’imyaka iri musi y’ibiri kuva atanze uwo muhango, yarerekanye neza mu buryo buranga ububasha, yuko afise umutima ukunze w’ugukora izuka, kandi ko abishoboye.
“Lazaro, Ngwino, Sohoka”
Yari inkuru ishika ku mutima. Lazaro yari arwaye aremvye. Bashikiwe babiri, Mariya na Marita, barungikira Yezu uwari hakurya y’Uruzi Yorodani ubu butumwa: “Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.” (Yohana 11:3) Bari bazi yuko Yezu akunda Lazaro. None Yezu ntiyokunze kuja kurāba umugenzi wiwe arwaye? Igitangaje, Yezu ah’uguca aja i Betaniya, yagumye aho yari ari imisi ibiri ikurikira.—Yohana 11:5, 6.
Haheze igihe inyuma y’aho harungikiwe nya butumwa bw’uko Lazaro arwaye, yarapfuye. Igihe Lazaro yapfa Yezu yarabimenye, hanyuma afata imigabo y’ukugira ico akoze kuri ivyo. Haciye igihe, Yezu amaherezo ashika i Betaniya, uwo mugenzi wiwe akunda cane hari haheze imisi ine apfuye. (Yohana 11:17, 39) Yezu yoba yari gushobora gusubiza muzima umuntu hari haciye ico gihe cose apfuye?
Marita, umukenyezi w’inkwakwaguzi, aho yumviye ko Yezu ariko araza, yiruka kumusanganira. (Gereranya no muri Luka 10:38-42.) Yezu aho ashikiwe ku mutima n’ikigumbagumba Marita afise, amusubiriza umutima mu nda ati: “Musazawe azozuka.” Aho Marita yerekaniye ko yizera izuka rizoba, Yezu amubwira atamuhisha ati: “Ni jewe kuzuka n’[“ubuzima,” NW]. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho.”—Yohana 11:20-25.
Yezu aho ashikiye ku mva, abwiriza yuko ibuye ryugaye urwinjiriro rikurwa. Maze, ahejeje gusenga n’ijwi rirenga, ategeka ati: “Lazaro, ngwino, sohoka.”—Yohana 11:38-43.
Bose amaso bari bakanuriye kuri nya mva. Maze, ishusho irasokoroka mu mukorane. Amaguru n’amaboko vyiwe vyari bitekejwe ibitambara, mu maso hiwe na ho hari hatekejwe impuzu. ‘Ni mumuhamburure, mumureke agende,’ ni ko Yezu yategetse. Ica nyuma mu bitambara vyari bimutekeye bagikororera hasi. Egome, yari Lazaro, wa mugabo hari hashize imisi ine apfuye!—Yohana 11:44.
Vy’Ukuri Ivyo Vyarabaye?
Iyo nkuru y’ukuvyurwa kwa Lazaro ishikirizwa mu Njili ya Yohani bwa kintu cabaye mu nkuru-kahise. Ibivugwa ido n’ido muri yo birashika umuntu mu muzirikanyi ku buryo bidashobora kuba ivyiganano bisa. Guharīra yuko atari inkuru-kahise yabaye ni uguharīra ibitangaro vyose bivugwa muri Bibiliya, dushizemwo rya zuka rya Yezu Kirisitu ubwiwe. Kandi uguhakana izuka rya Yezu ni uguhakana ukwizera kwa rukirisu kwose uko kungana.—1 Ab’i Korinto 15:13-15.
Mu vy’ukuri, niba wemera ko Imana ibaho, ukwiye kutabangamirwa n’ukwemera izuka. Tubitangire ikirorezo: Umuntu arashobora gufatira kuri videwokaseti ivy’ugutanga iragi rya nyuma, hanyuma amaze gupfa, incuti ziwe n’abagenzi bagashobora kumubona koko kandi bakamwumva neza uko asigura ukuntu ivyo atunze bikwiye kugirwa. Haraciye imyaka ijana, ikintu mwen’ico nticashobora kwiyumvīrwa. Ku bantu bamwe bamwe ubu baba mu mihingo ya kure y’isi na ho, ubuhinga bw’ugufatira ibintu kuri videwo burarengeye rwose ubutahuzi ku buryo bisa n’uko ari igitangaro. Ko ingingo zo mu vya siyansi zashinzwe n’Umuremyi zishobora gukoreshwa n’abantu kugira basubire guterateranya ibiba vyabonetse n’ibiba vyavuzwe mwen’ivyo, Umuremyi none ntakwiye kuba ashoboye kugira ibiruta aho? None si ibitegereka rero yuko Umwe yarema ubuzima ashoboye gusubira kuburema?
Ico gitangaro cerekeye ugusubizwa muzima kwa Lazaro carafashije kwongerereza ivy’ukwizera Yezu n’izuka. (Yohana 11:41, 42; 12:9-11, 17-19) Mu buryo bushika ku mutima, kirahishura kandi ukuntu Yehova n’Umwana wiwe bari n’umutima ukunze hamwe n’icipfuzo vy’ukurangūra izuka.
‘Imana Izogira Ukwipfuza Rwose’
Ukuntu Yezu yitavye ivy’urupfu rwa Lazaro birahishura inyiyumvo y’ikibabarwe Umwana w’Imana afise. Inyiyumvo zishika ibwina yagize ico gihe zirerekana bimwe birongorotse, icipfuzo gikaze afise c’ukuzura abāpfuye. Dusoma uku: “Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, ati Mugenzi, iy’uba wari hano, musazanje ntaba yāhwereye. Yesu abonye kw arira, n’Abayuda bāri kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, arawuhagarika, arababaza, ati Mwamutaye hehe? Bati Mugenzi, ngwino urābe. Yesu ararira. Abayuda baravuga, bat’Eh’ingene yamukunda.”—Yohana 11:32-36.
Imbabazi za Yezu zivuye ku mutima ngaha zirerekanwa n’izi mvugo zitatu: “agira ikigumbagumba,” ‘arahagarika umutima,’ na “ararira.” Amajambo yo mu rurimi rw’iyamuko yakoreshejwe mu kwandika iyo nkuru ishika ku mutima arerekana yuko Yezu yavyuriwe ikizīzi cinshi n’urupfu rw’umugenzi wiwe yakunda cane Lazaro hamwe n’ukubona mushiki w’uno Lazaro ariko arira, ku buryo amaso yiwe adengera amosozi.a
Icibonekeza rwose ni uko Yezu imbere yaho hari abandi babiri yari yasubije bazima. Kandi yari yashinze rwose imigabo y’ukugirira Lazaro nk’ukwo nyene. (Yohana 11:11, 23, 25) Yamara, ‘yararize.’ Ugusubiza abantu bazima rero, si ibintu Yezu azopfa kugira. Inyiyumvo afise z’ikibabarwe zishika ibwina nk’uko zagaragajwe ico gihe, zirerekana birongorotse icipfuzo gikaze afise c’uguhagarika ugusivya kw’urupfu.
Kubera ko Yezu ari we ‘shusho nyayo y’ububeho nyene bwa Yehova Imana,’ birakwiriye ko twitega ivyo nyene kuri Data wa twese wo mw ijuru. (Abaheburayo 1:3) Ku vyerekeye ukuntu Yehova ashaka kurangūra izuka n’umutima ukunze, wa mugabo w’umwizerwa Yobu yavuze ati: “Umuntu niyapfa, mbeg’azosubira kubaho? . . . [Uzompamagara ndakwitabe; uzoba] wifuza igikorwa c’amaboko yawe.” (Yobu 14:14, 15; nitwe duhiritse izo ndome.) Ngaha ijambo ryo mu rurimi rw’iyamuko ryahinzowe ngo “uzoba wifuza” ryerekana ugushaka rwose hamwe n’icipfuzo vy’Imana, bikaze. (Itanguriro 31:30; Zaburi 84:2) Birumvikana neza, Yehova ategerezwa kuba yiteze ivy’izuka n’ubwira bwinshi.
Twoba dushobora vy’ukuri kwemera umuhango w’izuka? Egome, nta nkeka iriho yuko Yehova n’Umwana wiwe bompi bari n’umutima ukunze kandi bashoboye kurishitsa. Ivyo bisigura iki kuri wewe? Urafise ikizigizigi c’ugusubizwa hamwe n’abo wakunda bāpfuye, aha nyene kw isi-butaka, ariko ubumeremere bw’ibintu bwahindutse rwose!
Yehova Imana, uwatanguje ubwoko-bantu mu busitani buteye igomwe, yaratanze umuhango w’ukugarukana Iparadizo kuri iyi si-butaka, hategeka Ubwami bwiwe bwo mw ijuru buri mu maboko ya Yezu Kirisitu, umwe ubu yaninahajwe. (Itanguriro 2:7-9; Matayo 6:10; Luka 23:42, 43) Muri iyo Paradizo izoba yagarukanywe, umuryango w’abantu bazogira ikizigizigi c’ukubaho ubuzima butagira iherezo, butagiramwo ukuja ku musego ukwo ari kwo kwose canke indwara. (Ivyahishuriwe Yohana 21:1-4; gereranya no muri Yobu 33:25; Yesaya 35:5-7.) Ibindi bizoba vyagiye, ni urwanko, ukubara abandi uko batari gushingiye ku bwoko, ubukazi bw’akabira, hamwe n’ugucinyizwa mu vy’ubutunzi. Muri iyo si-butaka izoba yatyorowe ni ho Yehova Imana azozurira abapfuye, abicishije kuri Yezu Kirisitu.
Izuka, irishingiye ku nkuka-ncungu ya Kirisitu Yezu, rizozanira umunezero amahanga yose
Ico rero ni co cizigiro ca wa mukenyezi mukirisu twavuga mu ntango y’iki gihimba. Imyaka mikeyi inyuma y’aho nyina wiwe apfiriye, Ivyabona vya Yehova bāramufashije kugira agire urwigo rwa Bibiliya rwitondewe. Aribuka ibi: “Aho mariye kwegenya ivyerekeye icizigiro c’izuka, naraboroze. Vyari igitangaza kumenya yuko nzosubira kubona mawe.”
Niba ari nk’ukwo nyene umutima wawe wipfuza kuzosubira kubona uwo wakunda, Ivyabona vya Yehova bazogira akamwemwe k’ukugusahiriza kugira wegenye ukuntu ico cizigiro ntakēkeranywa woshobora kuciyinjizamwo vy’ukuri. Ni kuki utobonana na bo ku Ngoro y’Ubwami ikwegereye, canke ukandikira indanzi ikwegereye kuruta yinjijwe, ku rupapuro rwa 32.
a Ijambo ry’ikigiriki ryahinzowe ngo “agira ikigumbagumba” rivuye mu rivuga (em·bri·maʹo·mai) risobanurwa ngo kwuzura umubabaro, canke ngo kuvyurirwa rwose ikizīzi. Hariho incabwenge mu vya Bibiliya umwe avuga ati: “Aha rishobora gusa gusigura yuko akanyengetera ko mu mutima mwen’ako kafashe Yezu gushika aho ikigumbagumba giseruka hanze atabishaka.” Imvugo yahibanuwe ngo ‘ahagarika umutima,’ ivuye mw ijambo ry’ikigiriki (ta·rasʹso) ryerekana ukudatekana. Nk’uko umutohozamajambo umwe yabivuze, risigura “guteza umuntu ukudurumbana muri we, . . . guteza umubabaro mwinshi canke intuntu ikaze.” Imvugo “ararira” ivuye mu rivuga ry’ikigiriki (da·kryʹo) risigura “gucuncubura amosozi, kurira mu gacerere.”
Inyiyumvo za Yezu z’ikibabarwe igihe yazura Lazaro zaragaragaje icipfuzo gikaze afise c’uguhagarika ugusivya kw’urupfu