ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuki nobaho nisunga Bibiliya?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
    • IKIGABANE CA 34

      Kuki nobaho nisunga Bibiliya?

      Mwicaranye n’abandi bakobwa babiri kw’ishure muriko murivuna umusase, maze mugiye mubona umuhungu aherutse kwimukira kw’ishure iwanyu araje.

      Umwe muri bo aciye akubwira ati: “Urazi, Bruce aragukunda ntiworaba. Ndabibonera ku kuntu aguma akuraba. Ntagukurako amaso!”

      Uwundi na we aca akwongorera ati: “Kandi uzi n’inkuru? Nta we afise bakundana!”

      Uramaze kuvyicura. Nakare, Bruce aherutse kugutumira iwabo ku musi mukuru. Ariko waranse, naho mu mutima wagumye wibaza ingene vyari kugenda iyo ujayo.

      Ukiriko uriyumvira, wa mukobwa wa mbere aca avuga ati:

      “Ni uko sha nsanzwe mfise uwo dukundana. Ahandiho Bruce ntiyonjanye.”

      Aca akwitegereza azazaniwe, kandi ntuyobewe ivyo agira avuge.

      Aca akubaza ati: “Bishoboka gute ngo ntube ufise umuhungu mukundana?”

      Ico kibazo uracanka ga yemwe! Kuronka uwo mukundana ntivyokugwa nabi, mugabo bakubwiye ko ari vyiza kurindira gushika ugeze kwubaka urwawe. Iyaba atari . . .

      Uwa kabiri aciye yuhirako ati: “Usanga ari rya dini ryanyu, si vyo?”

      Nawe mu mutima uti: ‘Mbe yamenye gute ivyo nariko ndiyumvira?’

      Aciye agusagiriza ati: “Wewe imisi yose wama ari Bibiliya, Bibiliya, Bibiliya. Kuki utocishamwo ukiryohera nk’abandi?”

      VYOBA birashika bakagutwenga kubera ubaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Nimba vyarashitse, ushobora kuba wariyumviriye ko abandi hari ico bakuryanye. Umwigeme yitwa Deborah ni ko yahora yibaza. Yigana ati: “Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya wamengo ziramboha. Nashaka kubaho nisanzuye nk’abandi bana twigana.”

      Ico utokwibagira

      Kwiga ubanje kwibonerako ntivyama ari vyiza. Mu bisanzwe, ni vyiza kwigira ku makosa y’abandi kandi birahuye n’Ivyanditswe, nk’uko umwanditsi w’amazaburi Asafu yavyiboneye. Yaramaze igihe abona ko ingingo ngenderwako z’Imana zimuboha cane. Ariko gusuzuma ubuzima bw’abantu bari barataye inzira z’Imana vyaratumye agarura akenge. Asafu yahavuye atahura ko bari “ahanyerera.”—Zaburi 73:18.

      Ufatiye kuri ivyo, nuzirikane ku vyiyumviro bikurikira vyashikirijwe n’abakiri bato bigeze kureka kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya maze bakisuka mu busambanyi.

      ● Ni ibiki vyakwoheje kuja muri iyo nzira?

      Deborah: “Kw’ishure nabona abandi bose bafise abo bakundana, kandi bagasa n’abahimbawe. Igihe twaba turi kumwe nkabona basomana bongera babumbatirana, naca numva agashari n’irungu. Akenshi naramara amasaha n’ayandi niyumvira umuhungu umwe nakunda. Ivyo vyatuma icipfuzo nari mfise co gukundana na we gikomera.”

      Mike: “Narasoma nkongera nkaraba ibintu bihayagiza ivyo guhuza ibitsina. Kubera ko twaganira ibintu nk’ivyo n’abagenzi banje, naca ndushiriza kuvyipfuza. Igihe rero naba ndi kumwe n’umukobwa turi twenyene, niyumvira ko dushobora gukuyakuyana ariko ntituryamane, nkabona ko noshobora kubihagarika umwanya uwo ari wo wose.”

      André: “Narakunda kuraba amashusho y’ubushegabo kuri Internet. Naratanguye kuza ndanywa inzoga nyinshi. Vyongeye, narajana ku misi mikuru n’urundi rwaruka rutigenza runtu nk’uko Bibiliya ibisaba.”

      Tracy: “Nari nzi ko ubusambanyi ari bubi, mugabo sinabwanka. Sinashaka kuryamana n’umuntu imbere y’uko nubaka urwanje, ariko ivyipfuzo vyanje vyarangondoje. Naramaze igihe ijwi ryanje ryo mu mutima ryaratimvye.”

      ● Ubwo buzima bwoba bwaratumye uhimbarwa?

      Deborah: “Mu ntango, narishima ngo mfise umwidegemvyo kandi narahimbarwa no kubona nsigaye meze nk’abagenzi banje. Ariko vyamaze akanya urume rumara. Naciye ntangura kubona ko mpumanye, nkiyagiriza, nkumva ko ata co maze. Naricujije cane kubona nariyatse ubusugi bwanje.”

      André: “Naciye ndushiriza kworohera ivyipfuzo bibi. Ariko kandi nariyagiriza cane nkongera nkiyanka.”

      Tracy: “Ubuhumbu bwarononye ubuto bwanje. Nagira ngo twe n’umuhungu twakundana tuzoryimara, ariko si ko vyagenze. Twaruhiye guterana intuntu n’amaganya. Naramaze amajoro n’ayandi niyuha iryosozi mu gitanda, nicuza igituma ntakoze ivyo Yehova agomba.”

      Mike: “Nari nsigaye mbona ko ntakiri umuntu. Naragerageje kwiyobagiza ko ivyo nakora vyagira ingaruka ku bandi, ariko vyaranse. Vyarambabaza kubona nariko ndondera kwiryohera mu gutuntuza abandi.”

      ● Wohanura iki abakiri bato bibaza ko Bibiliya ibaboha?

      Tracy: “Nubeho wisunga ingingo ngenderwako za Yehova wongere wifatanye n’abazisunga. Gutyo, uzorushiriza kugira agahimbare.”

      Deborah: “Ivyo ukora ntibigira ingaruka kuri wewe gusa, birazigira no ku bandi. Niwirengagiza impanuro z’Imana na ho, uzokwikwegera akarambaraye.”

      André: “Utarabona kure, wibaza ko abagenzi bawe baryimara. Inyifato zabo zirashobora kukwandukira. Ku bw’ivyo, nuhitemwo neza abagenzi. Niwizigire Yehova, uzoba wirinze amaganya menshi.”

      Mike: “Mu bintu vy’agaciro Yehova yaguhaye harimwo iteka n’ukudahumana. Ubitakaje kubera ukutigumya uba witesheje agaciro. Nubwire ingorane ufise abavyeyi bawe canke abandi bantu bahumuye. Bishitse ugakora ikosa, nubivuge udatebaganye maze ukosore ibintu. Niwakora ivyo Yehova agomba, uzokwumva ufise amahoro nyakuri.”

      Bibiliya yoba ikuboha canke iragukingira?

      Yehova ni “Imana ihimbawe” kandi ashaka ko na wewe uhimbarwa. (1 Timoteyo 1:11; Umusiguzi 11:9) Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziriho ku neza yawe. Woshobora kubona ko zikuboha zikakubuza umwidegemvyo. Ariko mu vy’ukuri, amategeko yo muri Bibiliya agenga inyifato runtu ariho kugira agukingire.

      Urashobora vy’ukuri kwizigira Bibiliya. Niwabaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri yo, uzotuma Yehova ahimbarwa ariko kandi na wewe uzohungukira.—Yesaya 48:17.

      MU KIGABANE GIKURIKIRA

      Urashobora kuba umugenzi w’Imana. Raba ingene wobishikako.

      ICANDITSWE NYAMUKURU

      “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura.”—Yesaya 48:17.

      IMPANURO

      Iyumvire ukuntu wofasha mutoyi wawe gutahura ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ari ngirakamaro. Kubwira abandi ivyo wemera ni uburyo bwiza cane bwo kubitsimbataza mu mutima wawe.

      WARI UBIZI . . . ?

      Mu kanya isase urashobora kuba wononye ubucuti ufitaniye na Yehova, ariko kubunagura vyoshobora gutwara imyaka n’iyindi.

      ICO NTEGEKANYA GUKORA!

      Kugira ntahure ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ari ngirakamaro, nzokora ibi: ․․․․․

      Ninatangura kunohokera ababayeho nk’uko isi ishaka, nzokora ibi: ․․․․․

      Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

      UVYIBAZAKO IKI?

      ● Ku bijanye n’ingaruka ziva ku kurenga amategeko y’Imana, kubera iki umuntu adakwiye kwiga abanje kwibonerako?

      ● Ivyo Deborah, Mike, André na Tracy bavuze bikwigisha iki?

      ● Kubera iki vyoshika bamwebamwe bakabona ko Bibiliya ibaboha, ariko ni kuki ivyo atari vyo?

      [Iciyumviro nyamukuru ku rup. 285]

      “Umubabaro umuntu agira kubera ahaniwe ikosa yakoze ntungana n’intuntu agira ariko arondera kurinyegeza.”—Donna

      [Ifoto ku rup. 288]

      Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ntizikubuza umunezero, ahubwo ziragukingira

  • Noba umugenzi w’Imana gute?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
    • IKIGABANE CA 35

      Noba umugenzi w’Imana gute?

      Igihe Jeremy yashikirwa n’ivyago, yaratahuye ko bihambaye kugiranira ubugenzi n’Imana. Asigura ati: “Igihe nari mfise imyaka 12, papa yaradutaye. Umusi umwe mw’ijoro ndiko ndasenga, naratakambiye Yehova ngo amugarukane.”

      Jeremy yaratanguye gusoma Bibiliya n’umwiheburo mwinshi. Igihe yasoma Zaburi 10:14, yarakozwe ku mutima cane. Ku bijanye na Yehova, uwo murongo uvuga uti: “Umuntu yigorewe, mbere impfuvyi, ni wewe yiragiza. Ni wewe wacitse umufasha wiwe.” Jeremy avuga ati: “Wamengo Yehova ariko aranyagisha, ambwira ko ari umufasha wanje akaba na Dawe. Hari uwundi muvyeyi aruta uwo nari kuronka ga yemwe?”

      WABA umerewe nka Jeremy canke utamerewe nka we, Bibiliya yerekana ko Yehova ashaka ko umubera umugenzi. Nkako, ivuga iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Zirikana ku co ayo majambo asobanura: Naho udashobora kubona Yehova Imana kandi mukaba mutogereranywa mu buryo na bumwe, aragutumira ngo umubere umugenzi!

      Ariko kugira ube umugenzi w’Imana bisaba akigoro. Dufate akarorero: Nimba ufise ishurwe ryo mu nzu, urazi ko ridakura ata co ukoze. Kugira ritotahare, utegerezwa kwama urivomera kandi ukarigumiza ahantu haryorohereza gukura. Ni ko bimeze no ku bijanye n’ubugenzi ugiranira n’Imana. None wokora iki kugira ubwo bugenzi bukomere?

      Kwiyigisha birahambaye

      Abagenzi barayaga, aho hakaba harimwo ukuvuga n’ukwumviriza. Ni na ko bimeze ku bugenzi tugiranira n’Imana. Igihe dusoma Bibiliya tukongera tukayiga, tuba turiko turumviriza ivyo Imana itubwira.—Zaburi 1:2, 3.

      Woshobora kuba udakunda kwiga. Abakiri bato benshi boshima kwirabira televiziyo, gukina udukino canke guteramana n’abagenzi. Ariko nimba ushaka kuba umugenzi w’Imana, nta yindi nzira iriho: Utegerezwa kuyumviriza mu kwiga Ijambo ryayo.

      Yamara rero ntibigutere ubwoba. Kwiga Bibiliya si umuzigo. Naho woba utavyiyumvamwo, urashobora kwiga kubikunda. Ikintu ca mbere ukeneye gukora ni ugutegekanya umwanya wo kuyiga. Umwigeme yitwa Laïssa avuga ati: “Narishingiye urutonde. Ikintu ca mbere nkora buri gitondo ni ugusoma ikigabane kimwe co muri Bibiliya.” Uwitwa Maria w’imyaka 15 afise urutonde rutandukanye n’urwo. Avuga ati: “Imisi yose mw’ijoro imbere yo kuja kuryama ndasoma igice gitoya ca Bibiliya.”

      Imbere yo kwishingira urutonde rwo kwiga, nubanze wihweze ibiri ku rupapuro rwa 292. Nuce wandika aha hepfo igihe woshobora kumara iminuta nka 30 uriko uriga Ijambo ry’Imana.

      ․․․․․

      Kwishingira umwanya ni intango gusa. Umaze gutangura kwiga, woshobora kubona ko gusoma Bibiliya bitama vyoroshe. Hari aho wosanga ivyo Joël w’imyaka 11 avuga ari ukuri. Yiyemerera ati: “Ibice bimwebimwe vyo muri Bibiliya ntivyoroshe gutahura kandi ntibiryoshe cane gusoma.” Nimba ubona ibintu gutyo, ntucike intege. Igihe cose ugira wige Bibiliya, nubone ko ari akanya uronse ko kwumviriza umugenzi wawe Yehova Imana. Kugira ngo kwiga Bibiliya bikuryohere bizovana n’akigoro uzoba wagize!

      Isengesho ni ntahara

      Isengero ni bwo buryo bwo kuyagira Imana. Ese ukuntu ari ingabirano nziza igitangaza! Urashobora kwitura Yehova Imana igihe cose ushatse, haba ku murango canke mw’ijoro. Yama yiteguriye kukwumviriza. N’igihambaye kuruta, aripfuza kwumva ivyo uvuga. Ni co gituma Bibiliya iduhimiriza iti: “Muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”—Abafilipi 4:6.

      Nk’uko ico canditswe kivyerekana, hariho ibintu vyinshi ushobora kuyagira Yehova. Hoshobora kuba harimwo ibikugoye n’ibikuraje ishinga. Hoshobora kujamwo n’ibintu ukenguruka. None ubundi ho ntuhora ushimira abagenzi bawe ku vyiza baba bakugiriye? Urashobora kubigenza gutyo no kuri Yehova, uwagukoreye ivyiza vyinshi kuruta uwundi mugenzi uwo ari we wese.—Zaburi 106:1.

      Andika aha hepfo ibintu bimwebimwe Yehova yagukoreye ukenguruka.

      ․․․․․

      Nta gukeka ko bihora bishika ugahagarika umutima canke ukagira amaganya. Muri Zaburi 55:22 havuga hati: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi anyiganyiga.”

      Andika aha hepfo ibintu ivyo ari vyo vyose biguhagaritse umutima woshima gushira mw’isengesho.

      ․․․․․

      Fatira ku vyo wiboneye

      Hariho uwundi muce w’ubugenzi ufitaniye n’Imana udakwiye kwirengagiza. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yanditse ati: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe.” (Zaburi 34:8) Igihe Dawidi yatunganya Zaburi ya 34, yari aherutse gushikirwa n’ibintu biteye ubwoba. Yariko arahunga wa Mwami w’umwicanyi Sauli, ico ubwaco kikaba cari ikintu c’agacavutu. Ariko kandi ico gihe yabwirijwe guhungira mu bansi biwe b’Abafilisitiya. Amaze kubona ko kabaye, yaciye yigira umusazi abona kurusimba.—1 Samweli 21:10-15.

      Dawidi ntiyabona ko yahakuwe n’ubwenge bwiwe. Ahubwo yavuze ko abikesha Yehova. Mu mirongo itangurira ya Zaburi twavuga, yanditse ati: “Narasiguje Yehova, na we aranyishura, andokora mu binca ivutu vyose.” (Zaburi 34:4) Dawidi rero yahimirije abandi ngo “nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe,” afatiye ku vyo yari yariboneye.a

      Hoba hari ikintu cagushikiye mu buzima kikwereka ko Yehova akwitwararika? Nimba kihari, candike aha hepfo. Impanuro: Si ngombwa ngo kibe ari igihanitse. Niwiyumvire ivyiza bisanzwe wama wironkera buri musi, ivyo umuntu yoshobora kubona ko bidahambaye.

      ․․․․․

      Abavyeyi bawe bashobora kuba barakwigishije Bibiliya. Nimba ari ko biri, urahiriwe. Ariko rero, wewe ubwawe urakeneye gutsimbataza ubugenzi n’Imana. Nimba utarabigira, urashobora kwikora ku vyiyumviro biri muri iki kigabane kugira utangure. Yehova azohezagira utwigoro uzogira. Bibiliya ivuga iti: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka.”—Matayo 7:7.

      RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 38 N’ICA 39

      MU KIGABANE GIKURIKIRA

      Vyoba bikugora kuyagira abandi ivyerekeye Imana? Raba ingene woburanira ivyo wemera.

      [Akajambo k’epfo]

      a Iyo mvugo ngo “nimuhonje, mubone” Bibiliya zimwezimwe ziyihindura ngo “nimwibonere,” “nimwirabire.”—Contemporary English Version na Today’s English Version.

      ICANDITSWE NYAMUKURU

      “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”—Matayo 5:3.

      IMPANURO

      Ugiye urasoma impapuro zitanu gusa za Bibiliya ku musi, nko mu mwaka umwe woba uyimaze yose.

      WARI UBIZI . . . ?

      Kuba uriko urasoma iki gitabu ukaba wemera gushira mu ngiro impanuro zo muri co zishingiye kuri Bibiliya ni icerekana ko Yehova akwitwararitse.—Yohani 6:44.

      ICO NTEGEKANYA GUKORA!

      Kugira ngo kwiyigisha Bibiliya birushirize kungirira akamaro, nzokora ibi: ․․․․․

      Kugira ndushirize gusenga ntahorereza, nzokora ibi: ․․․․․

      Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

      UVYIBAZAKO IKI?

      ● Wokora iki kugira ngo kwiyigisha Bibiliya birushirize kukuryohera?

      ● Kubera iki Yehova ahimbarwa no kwumviriza amasengesho y’abantu badatunganye?

      ● Woryohora gute amasengesho yawe?

      [Iciyumviro nyamukuru ku rup. 291]

      “Nkiri muto, amasengesho yanje kwari ugusubiramwo vya bindi nyene. Ubu ndagerageza gushira mu masengesho yanje ivyiza n’ibibi biba vyanshikiye. Kubera ko imisi idasa, bituma ntasubiramwo vya bindi nyene.”​—Eve

      [Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 292]

      Nusuzume Bibiliya yawe

      1. Nuhitemwo inkuru yo muri Bibiliya woshima gusoma. Nusenge usaba ubukerebutsi kugira utahure ivyo uza gusoma.

      2. Nusome iyo nkuru witonze. Ntiwihutagize. Nugerageze kubona mu bwenge ivyo uriko urasoma. Nubicokeremwo wese: Nuse nk’uwubona ibiriko biraba, wumve amajwi y’abavugwamwo, wumve akamoto kaharangwa, uhonje ibifungurwa, n’ibindi. Nubone ibivugwamwo nk’ibiriko biraba koko!

      3. Nuzirikane ku vyo wasomye. Niwibaze ibibazo nk’ibi:

      ● Kubera iki Yehova yashize iyi nkuru mw’Ijambo ryiwe?

      ● Mu bavugwamwo, ni bande nkwiye kwigana? Ni bande bombera akarorero ko kumburira?

      ● Ni ivyigwa ngirakamaro ibihe nohakura?

      ● Iyi nkuru inyigisha iki ku bijanye na Yehova no ku kuntu akora ibintu?

      4. Nuture Yehova isengesho rigufi. Numubwire ivyo wize n’ingene uzobishira mu ngiro mu buzima bwawe. Niwame umukengurukira ku ngabirano yaguhaye, na yo ikaba ari Ijambo ryiwe Bibiliya nyeranda!

      [Ifoto]

      “Ijambo ryawe ni itara ry’ikirenge canje, rikaba n’umuco w’ibarabara ryanje.”​—Zaburi 119:105.

      [Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 294]

      Nushire imbere ibihambaye kuruta

      Woba ufatirwa cane nturonke umwanya wo gusenga canke wo kwiga Bibiliya? Akenshi bivana n’ukuntu ushinga ibija imbere y’ibindi.

      Gerageza iki kintu: Nufate imbegeti, uyishiremwo amabuye maninimanini nk’angahe. Nuce uyishiramwo umusenyi gushika yuzuye. Ubu ufise imbegeti yuzuye amabuye be n’umusenyi.

      Ubu na ho nucuranure ibiri muri iyo mbegeti, ariko ugumane wa musenyi na ya mabuye. Nuce usubira ubishiremwo mugabo uhereye ku musenyi. Ikibanza coba giciye caga? Ivyo vyatumwe n’uko wabanje gushiramwo umusenyi.

      None icigwa ni ikihe? Bibiliya ivuga iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Abafilipi 1:10) Niwashira imbere ibintu bidahambaye cane nk’ukwiruhura, uzokwama ubona umengo ntufise umwanya uhagije wo gukora ibintu bihambaye kuruta, ni ukuvuga ibijanye n’ugukorera Imana. Ariko niwakurikiza iyo mpanuro Bibiliya iguha, uzoronka umwanya wo gukora ivyungura Ubwami be n’uwo kwiruhura. Vyose bivana n’ivyo ushira imbere!

      [Ifoto ku rup. 290]

      Nka kurya kw’ishurwe ryo mu nzu, ubugenzi umuntu agiranira n’Imana busaba ko abwitwararika kugira bukomere

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika