IKIGABANE CA 30
Twoba koko tugeze kwubaka urwacu?
Wararonse uwo mukwiranye, kandi muramaze igihe gihagije mugenderanira ku bwo kuzoreshanya, muramenya ko mukundana vy’ukuri. Uratanguye kubona ko nimwamara kwubakana ubuzima buzoba ari agahimbare gasa. Ubwo ni vyo? Kubera ko ugira ufate imwe mu ngingo zihambaye kuruta izindi zose mu buzima, utanguye kwibaza uti . . .
Twoba koko tugeze kwubaka urwacu?
KUGIRA inkeka ku bijanye n’ukwubaka urwawe ni ibisanzwe, mbere n’igihe hari uwo mukundanye. Uravye ukuntu imibano myinshi itagiramwo agahimbare, ukaraba n’ukuntu igitigiri c’ingo zisambuka kiguma kiduga bwampi, ni ivyumvikana ko woshima kwiyubara igihe uzirikana gutera iyo ntambwe ihambaye mu buzima. None womenya gute ko ugeze kuyitera? Ubu kuruta ikindi gihe cose, urakeneye kurandurana n’imizi indoto zose woba ufise ku bijanye n’umubano w’abubatse, ukazisubiriza ivyiyumviro vy’ukuri. Nk’akarorero:
INDOTO YA 1 “Tuzotungwa n’urukundo.”
Uko ibintu biri: Urukundo ntiruzobarihira amafagitire canke ngo rutorere umuti ingorane z’amahera muzoba mufise. Nkako, abahinga basanze amahera ari co kintu nyamukuru gitera amahane hagati y’abubakanye, bakaruhira kwahukana. Kutabona amahera mu buryo bwiza birashobora kwonona ubucuti ufitaniye n’Imana bikongera bikakugirira nabi mu mutima, kandi birashobora kwonona ubucuti ufitaniye n’uwo mwubakanye. (1 Timoteyo 6:9, 10) Icigwa? Ntimurindire gushika inyuma y’ubugeni ngo abe ari ho muganira ingene muzokoresha amahera!
Bibiliya ivuga iti: “Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka?”—Luka 14:28.
Inama tukugiriye: Nuganire n’uwo muzokwubakana ingene ivy’amahera bizoba bitunganijwe, ubigire ubu imbere y’uko mwubakana. (Imigani 13:10) Nimwihweze ibibazo nk’ibi: Tuzokoresha gute amahera turonka? Twoba tuzogira ikonte imwe canke umwe wese azogira rwiwe? Ni nde azoba ashoboye neza kurusha uwundi kuza arandika amahera asohoka n’ayinjira, akongera akaraba ko amafagitire arihwa?a Ni amahera angana iki umwe wese muri twebwe ashobora gusohora atiriwe arabaza uwundi? Ubu ni co gihe co gutangura gukorera hamwe!—Umusiguzi 4:9, 10.
INDOTO YA 2 “Umubano wacu uzoba utagira agahaze kuko duhuza muri vyose, nta na rimwe tutumvikana!”
Uko ibintu biri: Nimba hatigera haba ukutumvikana, hari aho vyoba bitumwa n’uko mukora ibishoboka vyose ngo mwiyobagize ibibazo vyotera amahane. Ariko nimwamara kwubakana muzobwirizwa kubiyaga! Ico womenya co, nta bantu babiri b’abanyagasembwa bahuza ijana kw’ijana; rero, habwirizwa kuba ukutumvikana ku rugero runaka. (Abaroma 3:23; Yakobo 3:2) Ntimukwiye kuraba gusa aho mugeza mu kwumvikana, ariko murakwiye no kuraba ingene bigenda iyo mutumvikanye. Umubano ukomeye ugizwe n’abantu babiri bashobora kwemanga batarya umunwa ikintu badahurijeko, maze bakihatira kugitorera umuti nk’abantu bakuze kandi mu mahoro.
Bibiliya ivuga iti: “Izuba ntirirenge mugishavuye.”—Abanyefeso 4:26.
Inama tukugiriye: Nuzirikane witonze ku kuntu gushika ubu uhora utorera umuti amatati ufitaniye n’abavyeyi bawe be n’abo muvukana. Nugire igicapo nka kirya kiri ku rupapuro rwa 93 muri iki gitabu canke ku rupapuro rwa 221 mu Gitabu ca 2. Niwandike ibintu vyabaye bikavyura ukutumvikana, ukuntu wavyifashemwo, be n’ingene wari kuvyifatamwo neza kuruta. Nk’akarorero, nimba iyo habaye ingorane uca wivumbura ukitera mu cumba ugaca ukubitako urugi waratse, andika uburyo wovyifatamwo neza kuruta, uburyo bwotorera umuti iyo ngorane aho kuyunyura. Wize kuvyifatamwo neza ubu igihe habaye amatati, uzoronka ubuhanga buhambaye rwose buzotuma umubano wanyu urangwamwo agahimbare.
INDOTO YA 3 “Ninubaka urwanje, nzokwimara inambu y’umubiri uko nshaka.”
Uko ibintu biri: Kuba wubatse ntibica bituma urangura amabanga y’abubatse igihe cose ubishakiye. Ibuka ko uwo muba mwubakanye ari umuntu afise inyiyumvo ubwirizwa kwitaho. Tuvugishije ukuri, hazobaho ibihe aho uwo mwubakanye azokwumva adashaka kurangura amabanga y’abubatse. Kuba wubatse ntibiguha uburenganzira bwo kuremera uwo mwubakanye ngo aguhe ivyo ushaka. (1 Abakorinto 10:24) Rero, kwigumya biba bihambaye cane haba igihe umuntu atarubaka be n’igihe amaze kwubaka.—Abagalatiya 5:22, 23.
Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese muri mwebwe [akwiye kumenya] kuganza umubiri wiwe bwite mu kwezwa no mw’iteka, atari mu nambu y’umubiri y’intahomwa.”—1 Abatesalonika 4:4, 5.
Inama tukugiriye: Nusuzume witonze inambu y’umubiri yawe n’ivyipfuzo vyawe, maze uzirikane ku kuntu ivyo bishobora kuzogira ico bikoze ku mubano wanyu. Nk’akarorero, woba wariziziwe na ya ngeso y’ubwikunzi yo kwimara inambu y’umubiri uri wenyene? Woba warigeze kugira akamenyero ko kuraba amashusho y’ubushegabo? Woba ukunda kuza uraraba ku mayeri abo mudasangiye igitsina mu buryo butuma ubipfuza? Niwibaze uti: ‘Nimba bingora gucungera inambu y’umubiri imbere y’uko nubaka urwanje, nzoshobora gute kuyicungera maze kwubaka?’ (Matayo 5:27, 28) N’ikindi kandi, woba uzwi ko uri umuntu akwegana n’abakobwa benshi? Nimba ari ukwo, utegekanya gute kwirinda iyo ngeso niwamara kurushinga, igihe uzoba ubwirizwa kugaragariza igishika umuntu umwe gusa, ni ukuvuga uwo mwubakanye?—Imigani 5:15-17.
INDOTO YA 4 “Ninubaka urwanje agahimbare kazoba ari kose.”
Uko ibintu biri: Umusiribateri adahimbawe akenshi avamwo umunega canke umukenyezi adahimbawe. Uti kubera iki? Kubera ko agahimbare ahanini kavana n’ukuntu umuntu abona ibintu aho kuvana n’ukuntu ivyiwe vyifashe. (Imigani 15:15) Abakunda kubona nabi ukuntu ubuzima bwabo bwifashe akenshi bibanda ku bibuze mu bucuti kanaka aho kwibanda ku biba bihari. Vyoba vyiza kuruta utsimbataje agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza utarubaka urwawe. Maze niwubaka urwawe, bizogufasha cane vyongere bifashe uwo mwubakanye.
Bibiliya ivuga iti: “Ni vyiza kubumbwa n’ivyo ufise aho kwama wipfuza ibindi.”—Umusiguzi 6:9, Today’s English Version.
Inama tukugiriye: Birashika umuntu ntabone ibintu neza bitumwe n’ukwitega ibidashoboka. Fata urupapuro wandike ibintu bibiri canke bitatu witeze ku mubano w’abubatse. Bisome, uce wibaza uti: ‘Ivyo niteze vyoba ari indoto nsa canke ni ibintu bishoboka koko? Vyoba biterwa n’ivyo nabonye mu bimenyeshamakuru, kumbure mu masenema canke mu bitabu bivuga ivy’urukundo? Ivyo niteze vyoba bishimika ku vyo umubano uzondonsa, nk’ukūmara irungu ridahera nari mfise, kwimara inambu y’umubiri, gutuma abo mu runganwe barushiriza kunyubaha?’ Nimba ari ukwo, urakeneye kubogora ukuntu wiyumvira, ntiwiyumvire ivyawe gusa ariko wiyumvire n’ivy’uwo muzokwubakana. Kugira tubigufashemwo, andika ibintu bibiri canke bitatu witeze ku mubano vyokwungura wewe hamwe n’uwo muzokwubakana.
Izo ndoto duhejeje kuvuga zirashobora gutuma mutagira agahimbare mu mubano wanyu. Niwihatire rero kwikuramwo ivyiyumviro nk’ivyo, ubone ibintu nk’uko biri koko. Ibiri ku rupapuro rwa 216 n’urwa 217 birashobora kubafasha mwe n’uwo muzokwubakana, uko mwitegana umushasharo igishobora kubabera umwe mu mihezagiro myiza kuruta iyindi yose mu buzima: urugo ruhire!—Gusubira mu vyagezwe 24:5; Imigani 5:18.
Iyo uhebanye n’uwo mwakundana womengo ubuzima burahagaze. Wokwihanganira gute ingaruka ziva kuri ico kintu?
[Akajambo k’epfo]
a Wa “mugore abishoboye” avugwa mu Migani 31:10-28 adondorwa ko arangura amabanga atari make aremereye afitaniye isano cane n’amahera y’umuryango. Raba umurongo wa 13, 14, 16, 18, n’uwa 24.
ICANDITSWE NYAMUKURU
‘Umugabo azosiga se na nyina yifatanye n’umugore wiwe maze babe umubiri umwe.’—Itanguriro 2:24.
IMPANURO
Ganira n’umugabo n’umugore bamaze igihe bubakanye, ubabaze impanuro boha umugabo n’umugore bacubakana ku bijanye n’ingene umuntu yororanirwa mu mubano.—Imigani 27:17.
WARI UBIZI . . . ?
Mu mubano uroraniwe, umugabo n’umugore bafatana nk’abagenzi, bagaseruranira akari ku mutima neza, bakamenya gutorera umuti amatati, kandi bakabona ko bazobana ubuzima bwabo bwose.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Kamere notsimbataza izotuma ubucuti bwanje n’uwo tuzoba twubakanye burushiriza kumera neza ni
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni
UVYIBAZAKO IKI?
● Mu bihugu bimwebimwe, imibano myinshi iruhira gusambuka. Wibaza ko biva ku ki?
● Kwubaka kugira gusa uhunge ubuzima bw’i muhira butarimwo agahimbare, birimwo akaga akahe?
● Mu mubano wanyu, kubera iki bizoba bihambaye ko mwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 220]
Kwubaka ni intambwe ikomeye. Birahambaye ko umenya iyo ugiye, ukamenya n’uwo mujanyeyo.’’—Audra
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 216, 217]
Ivyiyumviro wokwifashisha
Woba ugeze kwubaka urwawe?
Rimbura ibibazo biri kuri izi mpapuro zibiri. Woshobora mbere kwisunga ibiri kuri izo mpapuro mu kuyaga n’uwo muzokwubakana. Niwitwararike gusoma ivyanditswe vyatanzwe.
Amahera
◻ Ubona gute amahera?—Abaheburayo 13:5, 6.
◻ Werekana gute ko ukoresha neza amahera?—Matayo 6:19-21.
◻ Woba ufise amadeni? Nimba uyafise, uriko ukora iki kugira uyarihe?—Imigani 22:7.
◻ Ubugeni bwanyu buzotwara amahera angana iki? Nimba wiyumvira gufata ideni, iryo wibaza ko atari ikirenga ryoba ringana gute?—Luka 14:28.
◻ Mumaze kwubakana, mwese mwoba muzokora akazi? Nimba mwese muzokora, muzotunganya gute ibijanye n’imyanya yanyu itandukanye be n’ivyo kwiyunguruza?—Imigani 15:22.
◻ Muzoba he? Muzokoresha amahera angana iki mu kuriha inzu, ibifungurwa, ivyambarwa n’ibindi bintu, kandi muzoyariha gute?—Imigani 24:27.
Umuryango
◻ Wumvikana n’abavyeyi bawe be n’abo muvukana ku rugero rungana iki?—Kuvayo 20:12; Abaroma 12:18.
◻ Utorera umuti gute ingorane z’i muhira?—Abakolosayi 3:13.
◻ Nimba uri inkumi, ugaragaza gute “umutima utekereje kandi witonda”?—1 Petero 3:4.
◻ Mwoba mutegekanya kuvyara? (Zaburi 127:3) Nimba ata vyo mutegekanya, ni uburyo ubuhe bwo kwirinda kuvyara muzokoresha?
◻ Nimba uri umusore, utegekanya gute guhagarikira urugo rwawe mu vy’ugusenga?—Matayo 5:3.
Kamere
◻ Werekana gute ko uri umunyamwete?—Imigani 6:9-11; 31:17, 19, 21, 22, 27.
◻ Werekana gute agatima ko kwitanga?—Abafilipi 2:4.
◻ Nimba uri umusore, werekana gute ko ushobora gukoresha ubukuru bwawe nka Kristu?—Abanyefeso 5:25, 28, 29.
◻ Nimba uri inkumi, ni igiki cerekana ko ushobora kuyobokera ubukuru?—Abanyefeso 5:22-24.
[Ifoto ku rup. 219]
Umubano ni nk’uruzi: Ntupfe kurusimbiramwo utabanje kumenya uko rureha