-
Nosigura gute ukuntu Bibiliya ibona ukuryamana kw’abasangiye igitsina?Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
-
-
IKIGABANE CA 23
Nosigura gute ukuntu Bibiliya ibona ukuryamana kw’abasangiye igitsina?
Hariko haraba ibirori vyo gutanga udushimwe. Abagore babiri b’abakinyi rurangiranwa b’amasenema ng’abo barasomanye mu buryo bugera kure, haca humvikana urwamo rwinshi cane. Abarorerezi babanza gutangara gatoyi, bagaca biha akamo babashigikira. Ico kintu abaryamana n’abo basangiye igitsina babona ko ari intsinzi, abandi na bo bakabona ko abo bagore babikoze kugira gusa bavugangwe. Mu misi iri imbere, amasanamu y’ukwo gusomana azoca ku mateleviziyo incuro n’izindi yongere arabwe incuro n’izindi kuri “Internet.”
IVYO bihejeje kuvugwa birerekana iki kintu: si ibintu vyinshi bivugangwa mu bimenyeshamakuru nk’igihe umuntu rurangiranwa yerekanye ko aryamana n’abo basangiye igitsina canke ko agomwa abo mu bitsina vyompi. Bamwe barahayagiza mwene abo bantu ngo ni abarindutsi, abandi na bo bakabatera ivyatsi ngo ni ibihumbu. Abandi benshi na bo bari hagati na hagati, bakabona ko ukuryamana kw’abasangiye igitsina ari ubundi buryo gusa bwo kubaho. Uwitwa Daniel w’imyaka 21 avuga ati: “Nkiri ku ntebe y’ishure, mbere n’abana bataryamana n’abo basangiye igitsina babona ko igihe ubona nabi ico kintu uba winubana ukaba n’uwuhinyura abandi.”
Ukuntu ivy’ukuryamana kw’abasangiye igitsina bibonwa vyoshobora gutandukana bivanye n’amayaruka be n’ibihugu. Ariko abakirisu bobo “[ntiba]janwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho.” (Abanyefeso 4:14) Ahubwo riho, bisunga uko Bibiliya ibona ibintu.
None Bibiliya ibona gute ico kintu? Vyongeye, nimba ubaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, wokwishura gute abavuga ko winubana, uhinyurana, canke ko mbere uterekwa abaryamana n’abo basangiye igitsina? Ng’ibi ivyo abantu boshobora kuvuga canke kubaza be n’ico wosubizayo.
“Bibiliya ivuga iki ku kuryamana kw’abasangiye igitsina?”
“Bibiliya iratomora yuko Imana yashinze ko ivyo guhuza ibitsina bigirwa gusa hagati y’umugabo n’umugore, na ho nyene bakaba ari abubakanye. (Itanguriro 1:27, 28; Abalewi 18:22; Imigani 5:18, 19) Igihe Bibiliya yiyamiriza ubusambanyi, iba iriko ivuga ukuryamana kw’abasangiye igitsina be n’ukuryamana kutemewe kw’abadasangiye igitsina.”a—Abagalatiya 5:19-21.
“Wewe ubona gute ukuryamana kw’abasangiye igitsina?”
“Sinanka abaryamana basangiye igitsina, ariko sinshigikira iyo ngeso.”
Ibuka iki kintu: Nimba wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, iryo ni ihitamwo ryawe kandi urabifitiye uburenganzira. (Yosuwa 24:15) Ntuterwe isoni n’ukuntu ubona ibintu.—Zaburi 119:46.
“None abakirisu ntibakwiye kwubaha abantu bose ata kuraba abo bashima kuryamana na bo?”
“Ego cane. Bibiliya ivuga iti: ‘Mutere iteka abantu b’uburyo bwose,’ canke nk’uko Bibiliya Yera ibivuga, ‘Mwubahe abantu bose.’ (1 Petero 2:17) Ku bw’ivyo, abakirisu ntibanka abaryamana n’abo basangiye igitsina. Baragirira ubuntu abantu bose, ushizemwo n’abaryamana n’abo basangiye igitsina.”—Matayo 7:12.
“None ukuntu ubona ukuryamana kw’abasangiye igitsina ntikuremesha kwinuba ababigira?”
“Habe namba! Sinanka abo bantu, ahubwo nanka iyo ngeso.”
Woshobora kwongerako uti: “Nk’akarorero, jewe sinywa itabi. Mbere ico ciyumviro ubwaco kiranshisha. Mugabo dufate ko wewe urinywa, tukaba rero tutabona ibintu kumwe. Nawe nu sinoca ndakwinuba ndaguhora uko ubona ibintu, nk’uko nyene nzi neza ko na wewe utoca unyinuba umpora uko mbona ibintu, none ndabeshe? Ni ko biri no ku vyiyumviro bitandukanye dufise ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina.”
“None Yezu ntiyigishije kwihanganira abandi? Wumva none abakirisu bari bakwiye kurenza urugero mu kuntu babona ukuryamana kw’abasangiye igitsina?”
“Yezu ntiyaremesheje abayoboke biwe kwemera uburyo bwo kubaho ubwo ari bwo bwose. Ahubwo yigishije ko inzira ijana ku bukiriro yugururiwe ‘umuntu wese amwizera.’ (Yohani 3:16) Kwizera Yezu birimwo no kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu, zino zikaba zibuza ingeso zimwezimwe, harimwo n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina.”—Abaroma 1:26, 27.
“Abaryamana n’abo basangiye igitsina ntibashobora guhinduka; bavutse gutyo.”
“Bibiliya nta co ivuga ku kuntu abaryamana n’abo basangiye igitsina baremwe, naho idahakana ko hari ingeso usanga zarashinze imizi rwose mu muntu. (2 Abakorinto 10:4, 5) Naho hari abagomwa abo basangiye igitsina, Bibiliya isaba abakirisu guhunga ivyo kuryamana kw’abasangiye igitsina.”
Inama tukugiriye: Aho kuja mu mpari zijanye n’igituma hari abipfuza kuryamana n’abo basangiye igitsina, nushimike ku vy’uko Bibiliya ibuza iyo ngeso. Woshobora gutanga akarorero uti: “Urazi, abantu benshi bavuga yuko agatima k’ubukazi gashobora kuba mvukanwa, ngo rero abantu bamwebamwe babwirizwa kumera gutyo. (Imigani 29:22) Vyogenda gute hamwe ico ciyumviro coba ari co? Ngira ngo urazi ko Bibiliya yiyamiriza ugutwarwa n’ishavu. (Zaburi 37:8; Abanyefeso 4:31) None twoca tuvuga ko iryo tegeko ari iry’akarenganyo kubera gusa hari aboba bafise agatima k’ubukazi?”
“Bishoboka gute ngo Imana isabe umuntu agomwa abo basangiye igitsina kwirinda kuryamana na bo? Ubwo ni ububisha.”
“Ico kintu gishingiye ku vyiyumviro bitari vyo vy’uko ngo abantu bategerezwa kugira uko inambu y’umubiri igize. Bibiliya iratera iteka abantu mu kubakura amazinda yuko babishatse bashobora guhitamwo kudahaza inambu yabo y’umubiri itabereye.”—Abakolosayi 3:5.
“Naho utaryamana n’abo musangiye igitsina, urakwiye guhindura ukuntu ubona ico kintu.”
“Dufate ko ntemera ivy’ugukira akamari mugabo wewe ukaba uvyemera. None woca umpata ngo mpindure ivyiyumviro ngo ni uko gusa abantu amamiliyoni bakina akamari?”
Ibuka iki kintu: Abaryamana n’abo basangiye igitsina, be n’abandi bantu benshi, barafise ingingo bisunga zigenga ikibereye n’ikitabereye zituma biyamiriza ibintu bimwebimwe, nk’ibiturire, akarenganyo canke intambara. Bibiliya iriyamiriza ivyo bintu; iriyamiriza kandi ingeso zimwezimwe zijanye n’igitsina, harimwo n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina.—1 Abakorinto 6:9, 10.
Bibiliya ntirenza urugero, eka kandi ntiremesha kwinubana. Gusa, itegeka abipfuza kuryamana n’abo basangiye igitsina gushitsa ikintu nyene gisabwa ku bipfuza kuryamana n’abo badasangiye igitsina, na co kikaba ari ‘uguhunga ubusambanyi.’—1 Abakorinto 6:18.
Ico womenya co, abantu amamiliyoni bagomwa abo badasangiye igitsina barigumya naho boshikirwa n’inyosha mbi zimeze gute kubera bipfuza kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Muri bo harimwo abatarubaka benshi bafise icizigiro gito co kwubaka be n’abandi benshi bubakanye n’abafise ubumuga butuma badashobora kurangura amabanga y’abubatse. Barabaho bahimbawe naho batarangura amabanga y’abubatse. Abagomwa abo basangiye igitsina na bo nyene barashobora kubigenza gutyo nimba bipfuza koko guhimbara Imana.—Gusubira mu vyagezwe 30:19.
RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 2, IKIGABANE CA 28
Hari abakobwa biyumvira ko kuryamana n’abahungu bakundana bituma barushiriza gukundana. Si ko biri! Raba igituma.
[Akajambo k’epfo]
a Muri Bibiliya, ijambo “ubusambanyi” ntiryerekeza gusa ku guhuza ibitsina. Ririmwo no kumara inambu y’umubiri uwundi muntu hakoreshejwe iminwe canke uguhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka canke kubicisha mu kibuno.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina ari kwo gusenga ibigirwamana.”—Abakolosayi 3:5.
IMPANURO
Naho inyifato y’abandi yoshobora kukubabaza, niwirinde kuvuga nk’uwibona ubugororotsi. Mu vy’ukuri, barafise uburenganzira bwo kwihitiramwo ivyo bemera, nk’uko nawe ubufise.
WARI UBIZI . . . ?
Abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bari bahoze baryamana n’abo basangiye igitsina barashoboye guheba iyo ngeso mbi, baba ‘abogejwe’ imbere y’Imana.—1 Abakorinto 6:9-11.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Nihagira uwuvuga yuko ukuntu Bibiliya ibona ukuryamana kw’abasangiye igitsina kwataye igihe, nzomubwira nti: ․․․․․
Kugira nerekane ko ntanka abaryamana n’abo basangiye igitsina ahubwo ko nanka iyo ngeso, nzovuga nti: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Kubera iki Imana ifise uburenganzira bwo gushingira abantu amategeko agenga inyifato runtu?
● Wungukira gute ku gukurikiza amategeko yo muri Bibiliya agenga inyifato runtu?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 170]
“Kw’ishure hari umuhungu yabona ko ndi umumenja kubera niyamiriza ukuntu abayeho. Ariko maze kumusigurira ko atari we niyamiriza, agatahura kandi ko ntiyamiriza gusa ukuryamana kw’abasangiye igitsina ahubwo ko niyamiriza ubwoko bwose bw’ubuhumbu, yaciye atangura kunyubaha, mbere akaza aramvugira igihe abandi bandwanije.”—Aubrey
[Uruzitiro ku rup. 168]
Bite ho ku bagomwa abo mu bitsina vyompi?
Naho iyo ngeso iri mu bantu bo mu bitsina vyompi, bisa n’uko irushiriza kwigaragaza mu bakobwa. Bamwe babitumwa n’urusaku. Uwitwa Lisa w’imyaka 26 avuga ati: “Igihe mu masenema, kuri televiziyo canke mu miziki herekanywe ivy’abakobwa bariko barasomana, imiyabaga ica yumva yobigerageza, na canecane igihe itabona ko ari bibi.”
Abandi na bo bisa n’uko baba bagomwa vy’ukuri abo basangiye igitsina. Uwitwa Vicky w’imyaka 13 avuga ati: “Narahuriye ku rubanza n’abakobwa babiri baryamana n’abo mu bitsina vyompi. Mu nyuma hari umugenzi yambwiye ko bangomwe. Nahavuye ntangura kwandikiranira ubutumwa n’umwe muri bo, gutyo ntangura kumwiyumvamwo.”
Woba urigera wiyumva nk’ukwo kwa Vicky? Benshi boguhimiriza kwemera gusa ko ari ukwo wimereye, ugaca uvyatura. Ariko rero, ukwiye kumenya ko kugomwa abo musangiye igitsina akenshi usanga ari ikintu gusa c’akanya gatoyi. Vicky ni ko yasanze bimeze. Na Lisette w’imyaka 16 ni ko yabisanze. Avuga ati: “Kubwira abavyeyi banje uko niyumva vyaratumye numva nduhutse. N’ikindi kandi, biciye ku cigwa c’ibinyabuzima nize kw’ishure, naramenye ko mu myaka y’ubuyabaga, urugero rw’inkabuzo zo mu mubiri rushobora kuza rurahindagurika cane. Niyumvira ata kwihenda yuko iyaba abakiri bato bazi vyinshi ku bijanye n’imibiri yabo, botahuye yuko kugomwa uwo musangiye igitsina ari ikintu c’akanya gato, kandi vyotuma batiyumvamwo ko babwirizwa kuba abantu baryamana n’abo basangiye igitsina.”
Naho woba wumva ko ico kintu atari ic’akanya gato ariko ko gisa n’icashinze imizi cane muri wewe, numenye ko Bibiliya igusaba gukora iki kintu gishoboka: Urashobora guhitamwo kudatwarwa n’ivyipfuzo bibi, uko vyoba bimeze kwose.
[Ifoto ku rup. 169]
Ku bijanye n’ivyiyumviro vyemerwa na benshi, abakirisu baragira uburindutsi bwo kutajana n’agakuku
-
-
Notsinda gute ingeso yo kwimara inambu y’umubiri ndi jenyene?Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
-
-
IKIGABANE CA 25
Notsinda gute ingeso yo kwimara inambu y’umubiri ndi jenyene?
“Natanguye iyo ngeso mfise imyaka umunani. Nahavuye menya ukuntu Imana iyibona. Igihe cose ndabigize narumva niyanse. Naribaza nti: ‘Imana yokunda gute umuntu nkanje?’ ”—Luiz.
IGIHE utanguye ubuyabaga, inambu y’umubiri irashobora gukomera rwose. Ivyo vyoshobora gutuma ugira ingeso yo kwimara inambu y’umubiri uri wenyene.a Abenshi bovuga ko ata co bitwaye, bakavuga bati: “Nta we mba ngiriye nabi.” Ariko rero, hariho imvo yumvikana yotuma wirinda iyo ngeso. Intumwa Paulo yanditse ati: ‘Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu ku bijanye n’inambu y’umubiri.’ (Abakolosayi 3:5) Iyo ngeso ntiyica inambu y’umubiri, ahubwo irayongereza. N’ikindi kandi, rimbura ibi bikurikira:
● Biratuma umuntu aba umwikunzi ruhebwa. Nk’akarorero, igihe umuntu ariko arimara inambu y’umubiri ari wenyene nta kindi yiyumvira atari ukuryoherwa kw’umubiri wiwe.
● Biratuma umuntu abona abo badasangiye igitsina nk’ibikoresho gusa vyo kwimarirako inambu.
● Agatima iyo ngeso ivyura mu muntu ko kwiyumvira ivyiwe gusa karashobora gutuma bigorana gushika ku mabanga y’abubatse amara akanyota mu mubano w’abubatse.
Igihe inambu y’umubiri ivyutse, aho guca uja muri iyo ngeso urondera kuyitururuza, niwihatire gutsimbataza ukwigumya. (1 Abatesalonika 4:4, 5) Kugira ngo Bibiliya igufashe kubishikako, igusaba kwirinda ibintu vyohava bituma inambu y’umubiri ivyuka. (Imigani 5:8, 9) Ariko none tuvuge iki nka hamwe woba wariziziwe n’iyo ngeso? Ushobora kuba waragerageje kuyiheba bikanka. Biroroshe guca ubona yuko kabaye utakivayo, ko udashobora kubaho wisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Ukwo ni ko umuhungu yitwa Pedro yabona ivyiwe. Avuga ati: “Igihe naba nsubiye kubigira, narumva niyanse. Nabona ko ntokwigeze mbabarirwa ivyo naba nakoze. Vyarangora gutura isengesho.”
Nimba nawe wiyumva gutyo, ntiwihebure. Ntikabaye. Abakiri bato benshi, be n’abakuze, baratsinze iyo ngeso. Na wewe urashobora kuyitsinda!
Ingene wotsinda ukwiyagiriza
Nk’uko twabibonye, abafise ingeso yo kwimara inambu y’umubiri ari bonyene akenshi bariyagiriza cane. Ni ivy’ukuri yuko “ukubabara . . . guhuye n’ukugomba kw’Imana” gushobora kuguha inguvu zo gutsinda iyo ngeso. (2 Abakorinto 7:11) Mugabo kwiyagiriza birenze birashobora kuvamwo igihushane. Birashobora gutuma wumva ucitse intege cane gushika n’aho ushaka gutana n’akabando.—Imigani 24:10.
Niwihatire rero kubona ibintu mu buryo bwiza. Kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene ni ubwoko bw’ubuhumane. Birashobora kukugira ‘umuja w’ivyipfuzo n’ibinezereza bitari bimwe,’ bikanatuma ubona ibintu mu buryo butari bwo. (Tito 3:3) Ariko kandi, kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene si ubwoko bukomeye bw’ubuhumbu nk’ubusambanyi. (Yuda 7) Nimba ufise iyo ngorane, ntuce wiyumvira ko wakoze igicumuro kitababarirwa. Igihambaye ni ukunanira icipfuzo co kwimara inambu y’umubiri uri wenyene, ntiwigere uta hasi muri urwo rugamba!
Biroroshe kuvunika umutima bishitse ugasubira kubigira. Igihe bishitse, niwibuke amajambo ari mu Migani 24:16 agira ati: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka; mugabo ababisha bazotsitazwa n’ivyago.” Gaciyemwo ugasubira gukora ico kintu ntibica bituma uba umubisha. Ntutane n’akabando rero. Ahubwo nusuzume ivyatumye ubisubira, maze uvyirinde.
Fata akanya uzirikane ku rukundo rw’Imana no ku mbabazi zayo. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi, uwo vyari vyarashitse akagira ubugoyagoye, yavuze ati: “Nk’uko se w’abana agirira imbabazi abana biwe, ni ko Yehova yagiriye imbabazi abamutinya. Kuko ubwiwe azi neza ingene tubumbwe, akibuka ko turi umukungugu.” (Zaburi 103:13, 14) Ego cane, Yehova ntiyirengagiza ko turi abanyagasembwa, kandi ‘yiteguriye kutubabarira.’ (Zaburi 86:5) Ariko rero, ashaka ko twigora tukagira ico duhinduye. None ni intambwe ziboneka izihe wotera kugira utsinde iyo ngeso?
Suzuma ingene wisamaza. Woba uraba amasenema, ibiganiro vyo kuri televiziyo canke imihora yo kuri Internet, bikabura inambu y’umubiri? Umwanditsi wa Zaburi yasenze Imana abigiranye ubukerebutsi ati: “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro.”b—Zaburi 119:37.
Shira umuzirikanyi wawe ku bindi bintu. Umukirisu umwe yitwa William atanga iyi mpanuro: “Imbere yo kuja kuryama, nusome ikintu kijanye n’ivy’Imana. Birahambaye cane ko iciyumviro gisozera umusi kiba ari ikijanye n’ivy’Imana.”—Abafilipi 4:8.
Raba uwo woyagira iyo ngorane. Vyoshobora kukugora kubiyagira umuntu kubera isoni. Yamara, kubigira birashobora kugufasha gutsinda iyo ngeso. Ukwo ni ko umukirisu umwe yitwa David yabibonye. Avuga ati: “Narayaze na dawe mu mwiherero. Sinzokwigera nibagira ivyo yavuze. Yambwiye amwenyura ati: ‘Urandyoheye cane!’ Yari azi ko nari narwanye urugamba rukomeye kugira ndabimubwire. Emwe, ayo majambo yarandemesheje cane yongera arakomeza umwiyemezo wanje.”
Abandanya ati: “Papa yaciye anyereka ivyanditswe bikeya kugira amfashe kubona ko ntari bwashike kure, aca anyereka n’ibindi nka bingahe kugira yiyemeze neza ko ntahura uburemere bw’iyo ngeso yanje itabereye. Yavuze ko nogerageza kumara igihe nirinda iyo ngeso, maze tukazokwongera kubiganira mu nyuma. Yambwiye ko bishitse nkongera kugwa muri iyo ngeso ntoreka ngo bimvune umutima, ahubwo ko noca nihata nkamara igihe kirekire kuruta ntongeye kubikora.” None David yashitse ku ciyumviro ikihe? Avuga ati: “Kuba mfise uwundi muntu azi ingorane yanje kandi ariko aramfasha, vyarangiriye akamaro kanini cane.”c
Gupfa kwiryamanira si ikintu ata co gitwaye. Raba igituma.
[Utujambo tw’epfo]
a Kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene (masturbation) ntibikwiye kwitiranywa n’ukwiyadukiza kw’inambu y’umubiri. Nk’akarorero, umuhungu yoshobora kwikangura inambu y’umubiri yavyutse canke intanga zigasohoka aryamye mw’ijoro. N’abakobwa bamwebamwe vyoshobora gushika inambu ikavyuka bitabavuyeko, canecane iyo bagira baje mu butinyanka canke bavuyeyo. Iyo ngeso yoyo ni ikintu umuntu agira nkana arondera gukabura inambu y’umubiri.
b Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 33.
c Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 2, urupapuro rwa 239-241.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Hunga . . . ivyipfuzo bijana n’ubuto, mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwizera, urukundo, amahoro, uri kumwe n’abambaza Umukama n’umutima udahumanye.”—2 Timoteyo 2:22.
IMPANURO
Nusenge imbere y’uko inambu y’umubiri igukomerana. Saba Yehova Imana aguhe “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira unanire inyosha mbi.—2 Abakorinto 4:7.
WARI UBIZI . . . ?
Umuntu wese agoyagoya arirekerana agatwarwa n’inambu y’umubiri. Ariko umugabo nyawe canke umugore nyawe arigumya n’igihe aba ari wenyene.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Icomfasha kugumiza umuzirikanyi ku bintu bitanduye ni ․․․․․
Aho kureka ngatwarwa n’inambu y’umubiri, nzokora ibi: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Kubera iki bihambaye ko wibuka yuko Yehova ‘yiteguriye kutubabarira’?—Zaburi 86:5.
● Ko Imana, yo yaremye inambu y’umubiri, ivuga kandi ko ukwiye gutsimbataza ukwigumya, yizigiye ko ushoboye gukora iki?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 182]
“Kuva aho ntsindiye iyo ngorane, ubu ndafise ijwi ryo mu mutima ryiza imbere ya Yehova, ico kikaba ari ikintu ata kindi nogikaba!”—Sara
[Ifoto ku rup. 180]
Iyo uguye uriko uriruka, ntuca usubira inyuma guhera ku ntango. N’igihe bishitse ugasubira kwimara inambu y’umubiri uri wenyene, ntibica bihanagura iterambere umaze kugira
-
-
Nokwikingira gute abarondera kunshurashuza?Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
-
-
IKIGABANE CA 32
Nokwikingira gute abarondera kunshurashuza?
Ku mwaka ku mwaka, abantu amamiliyoni barafatwa ku nguvu canke bagakorerwa ayandi mabi mu vy’igitsina, kandi amatohoza yagizwe yerekana ko abakiri bato ari bo canecane babangamiwe. Nk’akarorero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bigereranywa yuko hafi ica kabiri c’abafatwa ku nguvu bose ari abatarashikana imyaka 18. Kubera ko ubwo bubisha bwiraye, birahambaye rwose ko wihweza iki kiganiro.
“Yarancakiye, kerakera aba yankubise hasi, sinamenya n’ivyo ari vyo. Nta ko ntagize ngo ndamurwanye. Narasokoroye akagopo karimwo vya vyuka bikoroza amosozi, aca aragakubita gatarikira nka hariya. Naragerageje gukoma induru, ijwi riranka gusohoka. Naramusunitse, ndamutera imigere, ndamudidagura, ndamuharatura ivyara, nza numva ancumise imbugita. Inguvu zose nagiye numva ziheze.”—Annette.
ABABISHA nk’abo baruzuye muri iki gihe, kandi barondera canecane abakiri bato. Nk’ukwo kwa Annette, abakiri bato bamwebamwe ayo mabi bayakorerwa n’umuntu batazi. Abandi na bo bayakorerwa n’umubanyi. Ivyo ni vyo vyashikiye uwitwa Natalie. Igihe yari afise imyaka 10 gusa, yarafashwe ku nguvu n’umuhungu w’umuyabaga w’umubanyi. Avuga ati: “Naragize ubwoba cane n’ibimaramare vyinshi ku buryo ata n’umwe nashotse ndabibwira.”
Hari abakiri bato benshi bakorewe amabi n’umuntu wo mu muryango. Umugore umwe yitwa Carmen avuga ati: “Kuva mfise imyaka 5 gushika nshikanye imyaka 12, narakorewe amabi mu vy’igitsina na dawe. Nahavuye ndamuhangara ndabimubaza igihe nari mfise imyaka 20. Yaransavye imbabazi, ariko haciye amezi makeyi aca aranyirukana muhira.”
Gukorerwa amabi mu vy’igitsina n’umubanyi, umugenzi canke umuntu wo mu muryango, biriraye rwose muri iki gihe.a Ariko gukorera amabi abakiri bato si ikintu gishasha. Iyo ngeso igayitse yariho no mu gihe Bibiliya yariko irandikwa. (Yoweli 3:3; Matayo 2:16) Ubu tubayeho mu bihe bitoroshe. Abantu benshi ‘ntibiyumvamwo ababo,’ kandi biramenyerewe ko abakobwa (mbere n’abahungu) bakorerwa amabi mu vy’igitsina. (2 Timoteyo 3:1-3) Naho ata buryo bwo kwikingira ijana kw’ijana buhari, hari vyinshi wokora ngo wikingire. Rimbura izi nama zikurikira:
Nugende ugavye. Igihe uriko uratembera hanze, numenye ibiba irya n’ino yawe. Ibibanza bimwebimwe usanga bizwi ko birimwo akaga, canecane mw’ijoro. Uko bishoboka kwose, niwirinde ivyo bibanza canke na ho igihe uciye aho hantu witwararike kutaba uri wenyene.—Imigani 27:12.
Ntutume bakwiyumvirako ibindi. Niwirinde kwiyegereza cane abo mudasangiye igitsina canke kwambara mu buryo bukabura inambu y’umubiri. Ivyo vyotuma abandi biyumvira ko ushaka uwo muryamana, canke ko n’imiburiburi utovyanka hagize uwubigusaba.—1 Timoteyo 2:9, 10.
Nimuganire ku turimbi ntarengwa. Nimba hari uwo muriko muragenderanira ku bwo kureshanya, nimuganire inyifato ibereye mwogira n’iyitabereye mwokwirinda.b Mumaze gushinga uturimbi, ntiwishire mu bintu vyohava bituma ufatwa ku nguvu.—Imigani 13:10.
Ntutinye kuvuga. Nta kibi kiri mu kuvuga ushikamye uti: “Ntukorwe!” canke uti: “Nkurako ukuboko!” Ntugire ubwoba ngo uwo muhungu mukundana yohava aguheba. Niyaguheba kubera ico kintu, azoba atari rwawe! Nakare, ukwiriye umugabo nyawe, umugabo yubaha umubiri wawe n’ingingo ngenderwako wisunga.c
Niwiyubare igihe uri kuri Internet. Ntiwigere utanga amakuru akwerekeye canke ngo ushire kuri Internet amafoto yerekana aho umuntu yogutora.d Uronse ubutumwa buvuga ivy’igitsina mu buryo bweruye, akenshi inyishu nziza ni ukutishura. Kwinumira bituma benshi mu barondera kuri Internet abo bashurashuza ata co bashikako.
Izo ngingo duhejeje kuvuga zirashobora gutuma utabangamirwa cane. (Imigani 22:3) Ariko tuvugishije ukuri, hari aho bitokwama bishoboka ko wikingira ijana kw’ijana. Nk’akarorero, hari aho utokwama uronka uwo mujana canke ngo wame wirinda ibibanza biteye akaga. Woshobora mbere no kuba uba mu karere gateye akaga.
Ufatiye ku bintu bibabaje vyagushikiye, ushobora kuba uzi ko ibintu bibi bishobora kugushikira naho wokora ibishoboka vyose ngo wirinde ingorane. Nka kumwe kwa Annette twavuga, hashobora kuba hari uwakwubiriye akakurusha inguvu. Canke na ho nka kumwe kwa Carmen, ushobora kuba wakorewe amabi ukiri umwana, gutyo ukaba ata co wari ushoboye gukora canke ukaba utanatahura neza ivyariko biraba. Wovyifatamwo gute nimba wiyagiriza cane nk’uko bikunze gushikira abakorewe amabi mu vy’igitsina?
Uko wovyifatamwo
Annette araciyagiriza ku bijanye n’ivyabaye. Avuga ati: “Numva niyanka rwose. Ivyabaye iryo joro biguma bingaruka mu bwenge. Mbona umengo nari kugerageza kumurwanya kuruta uko nabigize. Ico nzi co ni uko aho mariye gucumitwa imbugita, naciye ntekerwa n’ubwoba. Nta kindi nari gukora, mugabo numva umengo nari nkwiye gukora n’ibindi.”
Natalie na we nyene ariyagiriza. Avuga ati: “Sinari nkwiye kumwizigira ukuraho. Abavyeyi banje bari barashizeho itegeko ry’uko twe na mwene wacu dutegerezwa kugumana igihe turiko turakinira hanze, ariko narabirenzeko. Mbona rero ko nahaye uwo mubanyi wanje akaryo ko kungirira nabi. Ivyabaye vyarababaje cane umuryango wacu kandi mbona ko ari jewe nabiteye. Ico ni co kimbuza amahoro kuruta ibindi vyose.”
Nimba wiyagiriza nka Annette canke Natalie, wokora iki? Ubwa mbere hoho, niwibuke ko nimba wafashwe ku nguvu, bitavuye ku gushaka kwawe. Hari abafatira mu rwara ico kibazo, bakitwaza ya mvugo ngo “umuhungu yama ari umuhungu,” be n’uko ngo bene gufatwa ku nguvu ari bo baba bavyikwegeye. Ariko nta n’umwe abereye gukorerwa iryo bara. Nimba warakorewe ico kibi kibishe, si wewe wabitumye!
Ariko ntiwumve, kwumva ngo “si wewe wabitumye” biroroshe; ariko kuvyemera hari aho bitokworoha na gato. Hari abigumizamwo ivyabashikiye bagasinzikazwa n’inyiyumvo z’ukwiyagiriza be n’izindi nyiyumvo mbi. Ariko none, unumye wibaza ko ari nde bigirira akamaro, ni wewe canke ni nyene kugukorera amabi? Vyoba vyiza uravye ukundi wobigenza.
Nugire uwo uvyiganira
Bibiliya itubwira yuko igihe wa mugabo w’umugororotsi Yobu yari arembejwe n’umubabaro, yavuze ati: “Nzosuka amaganya yanje y’ibinyerekeye. Nzovuga ndundumiwe mu mutima!” (Yobu 10:1) Na wewe ubigenjeje gutyo bizokugirira akamaro. Kuyagira ivyagushikiye umuntu wizigiye birashobora buhorobuhoro kugufasha kurengera ivyabaye maze ukumva uruhutse mu mutima.
Mu vy’ukuri, nimba uri umukirisu, birahambaye ko umenyesha umukurambere wo mw’ishengero ivyabaye. Amajambo ahumuriza ubwiwe n’umwungere yuzuye urukundo arashobora kugusubiriza umutima mu nda yuko utahumanijwe n’icaha cakozwe n’uwundi muntu, narirya wafashwe ku nguvu. Ivyo ni vyo Annette yiboneye. Avuga ati: “Narabiyagiye umugenzi somambike, maze andemesha kubibwira abakurambere babiri bo mw’ishengero iwacu. Kuba narabigize vyarangiriye akamaro. Twaricaranye nka kangahe barambwira amajambo ampumuriza, yuko ivyabaye bitari vyamvuyeko. Nta na kimwe cari camvuyeko.”
Kuvuga ivyabaye be n’ukuntu wiyumva birashobora gutuma utarengerwa n’ishavu n’umujinya. (Zaburi 37:8) Vyoshobora kandi kugufasha kwumva uruhutse mu mutima, kumbure inyuma y’imyaka wari umaze udundumiwe. Natalie yasanze ari ukwo biri, aho amariye kubwira abavyeyi biwe amabi yakorewe. Avuga ati: “Baramfashe mu mugongo. Bandemesheje kutavyigumizamwo, kandi ico kintu caramfashije kutarengerwa n’umubabaro n’ishavu.” Natalie yarahumurijwe kandi n’isengesho. Avuga ati: “Kubiyagira Imana vyaramfashije, na canecane mu bihe naba numva ko ata wundi muntu nobibwira. Iyo ndiko ndasenga, ndashobora kuvuga ntitinya. Biratuma numva vy’ukuri mfise amahoro kandi ntekaniwe.”e
Na wewe woshobora gusanga hariho ‘igihe co gukira.’ (Umusiguzi 3:3) Nurondere gufashwa n’abagenzi bameze nka ba bakurambere badondorwa ko ari “ubwikingo bw’umuyaga be n’ubwihisho bw’ikirura c’imvura.” (Yesaya 32:2) Nubungabunge amagara yawe kandi ntureke ngo utwarwe n’umubabaro. Nuruhuke bihagije. Ikiruta vyose, niwiheke kuri Yehova ya Mana y’uruhoza rwose, we agiye kuzana isi nshasha aho “inkozi z’ikibi zizorandurwa, ariko [abamwizigira bakaba ari] bo bazokwigabira isi.”—Zaburi 37:9.
[Utujambo tw’epfo]
a Hari igihe umukobwa afatwa ku nguvu n’umuhungu amureheje, akamuhata ngo baryamane canke akabanza kumuha ibiyovyabwenge.
b Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 4.
c Ariko ntiwumve, iyo mpanuro irakora no mu gihe ari umukobwa ahase umuhungu ngo baryamane.
d Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 11.
e Rimwe na rimwe abakorewe amabi baragira akabonge gakomeye. Ico gihe, hari aho vyoba vyiza bituye umuganga. Ushaka ayandi makuru ajanye n’ukuntu umuntu yovyifatamwo igihe yumva ababaye mu mutima, raba ikigabane ca 13 n’ica 14 vy’iki gitabu.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, . . . batiyumvamwo ababo, . . . batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza.”—2 Timoteyo 3:1-3.
IMPANURO
Nimba warakorewe amabi mu vy’igitsina, niwandike ivyanditswe bishobora kuguhoza. Muri ivyo hoshobora kuba harimwo Zaburi 37:28; 46:1; 118:5-9; Imigani 17:17; n’Abafilipi 4:6, 7.
WARI UBIZI . . . ?
Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abarenga 90 kw’ijana mu rwaruka rwakorewe amabi mu vy’igitsina barazi uwayabakoreye.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Ninumva niyagirije ku bijanye n’ivyabaye, nzokora ibi: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Ni ivyiza ibihe biva ku kuvuga amabi wakorewe?
● Kubinuma vyogira ingaruka iyihe kuri wewe no ku bandi?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 232]
“Biragoye cane kuvuga amabi wakorewe, ariko ni vyiza cane kubigira. Kuyavuga biragufasha kwikuramwo umubabaro n’ishavu, bikagufasha no kugarura inkomezi.’’—Natalie
[Uruzitiro ku rup. 230]
“Iyaba unkunda . . . ”
Bamwe mu bashurashuza abigeme ntibabahata, ahubwo bagerageza gufatira ku nyiyumvo zabo ku ruyeri ku rwenge. Uti gute? Mu kuvuga ibintu nk’ibi ngo: “Bose barabigira,” “Nta wuzobimenya,” canke nk’uko bivugwa mu kigabane ca 24 c’iki gitabu, ngo “Iyaba unkunda, wari kwemera.” Ntuhendwe n’umuhungu arondera kukwemeza ko kuryamana ari rwo rukundo. Ico womenya co, uwiyumvira gutyo wese aba yironderera gusa kwiryoherererwa. Ntaba yiyumvira wewe canke ineza yawe. Ariko umugabo nyawe, inyungu zawe ni zo ashira imbere y’iziwe, kandi arerekana ko afise ishaka ryo gushigikira ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu. (1 Abakorinto 10:24) Umugabo nyawe ntafata abakobwa nk’ibikoresho vyo kwimarirako inambu y’umubiri. Ahubwo abona ‘abagore bakiri bato nka bashikiwe, mu kutandura kwose.’—1 Timoteyo 5:1, 2.
[Ifoto ku rup. 233]
Umubabaro uva ku gukorerwa amabi woshobora kuba uremereye cane ku buryo utowitwaza wenyene. Ubona gute urondeye imfashanyo mu kubiyagira uwundi muntu?
-