-
Noganira gute n’abavyeyi banje?Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
-
-
IKIGABANE CA 1
Noganira gute n’abavyeyi banje?
“Nta ko ntagize ngo mbwire abavyeyi banje uko niyumva, ariko ntacavuyemwo. Baciye banzibagiza. Nari nariye umutima amenyo ngo ndababwire akambakiye, ariko biba ivy’ubusa!”—Rosa.
UKIRI mutoyi cane, abavyeyi bawe bashobora kuba ari bo bantu ba mbere wirukira kugira ubasabe impanuro. Warabayagira vyose, vyaba ibihambaye canke ibidahambaye. Ntiwitinya kubabwira ivyiyumviro vyawe n’ukuntu wiyumva, kandi warizigira impanuro baguha.
Ariko ubu, ushobora kuba ubona yuko abavyeyi bawe batakigutahura. Umwigeme umwe yitwa Edie avuga ati: “Umusi umwe ku mugoroba turiko turafungura, naratanguye kurira, ndasuka ivyari bindi ku mutima. Abavyeyi banje baranteze ugutwi, mugabo wamengo ntibantahura.” Uti ingaruka yabaye iyihe? Avuga ati: “Naciye nja mu cumba canje, ndarira rero nya kurira!”
Ku rundi ruhande, hari ibihe ushobora kuba uhitamwo kwinumira ntihagire ico ubwira abavyeyi bawe. Agahungu kamwe kitwa Christophe kavuga gati: “Ndayagira ivyanje abavyeyi banje. Mugabo rimwe na rimwe, ndashima ko batamenya akantu kose niyumvira.”
Vyoba ari bibi kugira ivyiyumviro wibikiye? Si ngombwa! Ukire gusa kuba utariko urahendana. (Imigani 3:32) Ariko rero, waba ubona ko abavyeyi bawe batagutahura canke ukaba udashima kugira ico ubabwira, ico womenya co, urakeneye kuyaga n’abavyeyi bawe, kandi na bo barakeneye kwumva iryo ugona.
Ntureke kubayagira!
Kuyaga n’abavyeyi bawe, hari ukuntu bisa n’ugutwara umuduga. Uhuye n’ikintu gitambitse mw’ibarabara, ico twise intambamyi, ntuca utana n’akabando. Uca urondera iyindi nzira. Reka dufate uburorero bubiri.
INTAMBAMYI YA 1 Urashaka kuyagira abavyeyi bawe, mugabo bo basa n’abatumviriza. Umwigeme yitwa Leya avuga ati: “Birangora kuyaga na dawe. Hari igihe mara umwanya ndiko ndamuyagira, agaca avuga ati: ‘Urantunga, burya ni je wariko urabwira?’ ”
IKIBAZO: Bite hamwe mu vy’ukuri Leya yoba afise ingorane ashaka ko bayaga? Arafise n’imiburiburi inzira zitatu.
Inzira A
Gukankamira se. Leya arasemerera ati: “Erega nyumviriza! Ni ikintu gihambaye!”
Inzira B
Kureka kuvugana na se. Leya arinumira, ntasubire kugerageza kubwira ingorane yiwe se.
Inzira C
Kurindira igihe ciza, agasubira kuvyura nya kibazo. Leya mu nyuma arayaga na se amaso mu yandi, canke akamubwira nya ngorane mw’ikete.
Wewe ubona Leya akwiye guhitamwo inzira iyihe? ․․․․․
Reka dusuzume inzira imwimwe yose turabe aho yoshikana.
Se wa Leya ubwenge buri ahandi, akaba rero atazi akabakiye umukobwa wiwe. Rero, Leya niyahitamwo inzira A, se wiwe ntaza kumenya igituma yamukankamiye. Hari aho bitotuma se wiwe arushiriza kumwumviriza, kandi ntibiza kwerekana ko amwubaha be n’uko amutera iteka. (Abanyefeso 6:2) Mu vy’ukuri rero, iyo nzira nta ho ishikana.
Naho inzira B yoba ari yo yoroshe, si yo nziza kurusha izindi. Uti kubera iki? Kubera ko ‘imigambi ipfa ahatagira ikiyago c’akabanga.’ (Imigani 15:22) Kugira Leya atorere umuti ingorane ziwe, arakeneye kuyaga na se, kandi no kugira se wiwe amufashe, arakeneye kumenya ibiba mu buzima bwiwe. Kureka kuvugana na se nta co bishikako.
Ariko ku nzira C, Leya ntareka ngo intambamyi imutangire bibe biheze. Ahubwo riho, aragerageza kuyaga na we iyo ngorane ikindi gihe. Ahisemwo na ho kwandikira ikete se wiwe, hari aho vyotuma aca yumva yorohewe. Kwandika ikete vyoshobora kandi gutuma aserura neza ivyo ashaka kuvuga. Se niyasoma iryo kete, araza kumenya ico yashaka kumubwira, ivyo bikaba vyoshobora kumufasha gutahura neza ingorane umukobwa wiwe afise. Uca ubona ko inzira C igirira akamaro Leya na se wiwe.
Ni izindi nzira izihe Leya yoba afise? Raba ko hari iyo wokwiyumvira, uce uyandika aha munsi, wandike n’aho yoshikana.
․․․․․
INTAMBAMYI YA 2 Abavyeyi bawe barashaka ko muyaga, mugabo weho ukumva ata vyo ushaka. Umwigeme umwe yitwa Sara avuga ati: “Nta kintu kibabaza nko gucucagirwa ibibazo ukiva kw’ishure ubwenge bwayamye. Mba nshaka kwiyibagiza ivyo kw’ishure, ariko abavyeyi bagaca batangura kumbazagiza ngo: ‘Wiriwe ute? Hari ingorane wagize?’ ” Nta gukeka ko abavyeyi ba Sara babaza ivyo bibazo babigiranye intumbero nziza. Ariko Sara we yidoga ati: “Ntivyoroshe kuvuga ivyo kw’ishure kandi wiruhiye, n’umutwe washushe.”
IKIBAZO: Ico gihe none Sara yokora iki? Nk’uko twabibonye mu karorero ka mbere, arafise n’imiburiburi inzira zitatu.
Inzira A
Kwanka kuvuga. Sara aravuga ati: “Ndabasavye mumpe amahoro! Ubu sinshaka kuvuga!”
Inzira B
Kuvuga. Naho yashushe umutwe, arishura abavyeyi biwe, ariko akabishura atabishaka.
Inzira C
Kwigiza inyuma ukuyaga ivyo kw’ishure, mugabo bakabandanya bayaga ibindi. Sara arasaba ko boyaga ivyo kw’ishure ikindi gihe, igihe abona ko azoba atekanye. Maze aca ababaza iki kibazo, arondera vy’ukuri kumenya: “Mbwira! Mwiriwe gute?”
Wewe ubona Sara akwiye guhitamwo inzira iyihe? ․․․․․
N’ubu reka dusuzume inzira imwimwe yose turabe aho yoshikana.
Sara umutwe washushe, akaba adashaka kuvuga. Niyahitamwo inzira A, umutwe uza kuguma ushushe, ariko kandi araza kwumva yiyagirije kubera yakankamiye abavyeyi biwe.—Imigani 29:11.
Bisubiye, abavyeyi biwe ntibaza gushimishwa n’ukurandamuka kwiwe canke agacerere gaca gakurikira. Hari aho bohava bicura ko hari ikintu ariko arabahisha. Hari n’aho mbere boca bagerageza gutuma agira ico avuze, ivyo na vyo bikaba vyorushiriza kumubabaza. Impera n’imperuka, iyo nzira nta ho ishikana.
Inzira B biboneka ko ari nziza kuruta inzira A, kuko n’imiburiburi Sara n’abavyeyi biwe bariko barayaga. Ariko rero, kubera ko ico kiyago kitavuye ku mutima, yaba Sara canke abavyeyi biwe, nta n’umwe aza gushika ku co ashaka, ni ukuvuga kuyaga bisanzuye kandi ata guhishanya.
Ariko ku nzira C, Sara araza kwumva aruhutse kubera ko kuyaga ivyo kw’ishure vyigijwe inyuma. Abavyeyi biwe baraza gushima akigoro yagize ko kuyaga na bo; rero, na bo nyene baraza kunezerwa. Bisa n’uko iyo nzira ari yo ifise amahirwe yo kuroranirwa kubera ko bose bariko bakurikiza ingingo ngenderwako iri mu Bafilipi 2:4 igira iti: “Umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’abandi.”—Bibiliya Yera.
Niwirinde gutuma bagutahura nabi
Uribuka yuko amajambo uvuga be n’ico abavyeyi bawe baca batahura bitama bihura. Nk’akarorero, dufate ko abavyeyi bawe bakubajije igituma usa n’uwutamerewe neza. Nawe uti: “Nimunyirekere.” Mugabo abavyeyi bawe baciye batahura ko uvuze ngo: “Sindabizigiye rwose ku buryo nogira ico ndababwiye. Sindababwira ingorane yanje, nzoyibwira abagenzi banje.” Gerageza gukora uwu mwimenyerezo, ushireko inyishu zawe. Dufate ko ufise ingorane itoroshe, maze abavyeyi bawe bakaba bagusavye ko bogufasha.
Hamwe wovuga uti: “Nta ngorane. Ndavyimenyera.”
Hari aho boca batahura ko uvuze uti: ․․․․․
Vyoba vyiza wishuye uti: ․․․․․
Muri make wokora iki? Nuhitemwo witonze amajambo uvuga. Nuyavugane urupfasoni. (Abakolosayi 4:6) Abavyeyi bawe nubabone nk’abagenzi, ntubabone nk’abansi. Kandi ico womenya co ni iki: Urakeneye intererano y’abantu bose bogufasha gutorera umuti ingorane zigushikira.
Bite ho nimba kuyaga n’abavyeyi atari yo ngorane, mugabo ingorane ikaba ari uko igihe cose muyaze, haba impari?
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Mvuga ibivuye ku mutima kandi mvugisha ukuri.”—Yobu 33:3, The Holy Bible in the Language of Today ya William Beck.
IMPANURO
Nimba bikugora kwicara ukayaga n’umuvyeyi wawe ingorane yinaka, nimuyiganire muriko muragendagenda, muri ku rugendo n’umuduga canke muriko murasuma.
WARI UBIZI . . . ?
Nka kurya nyene bishobora kukugora kuyaga n’abavyeyi bawe ibibazo bikomeye, ni ko na bo nyene igihe bagerageza kuyaga nawe ivyo bibazo boshobora kwumva batorohewe kandi bakumva umengo nta vyo bashoboye.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Ninasubira kwumva ntashaka kuvugana n’abavyeyi banje, nzoca ․․․․․
Abavyeyi nibangobera kuyaga ku kintu ntashaka, nzovuga nti: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Mu bijanye n’ukuyaga, kubera iki ari vyiza guhitamwo igihe kibereye?—Imigani 25:11.
● Kubera iki ari vyiza ko wigora ukayaga n’abavyeyi bawe?—Yobu 12:12.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 10]
Kuyaga n’abavyeyi ntivyama vyoroshe, ariko iyo wuguruye umutima ukabayagira, uca wumva umengo wiremuruye urubuye amahanga mu mutima.’’—Devenye
[Ifoto ku rup. 8]
Nka kurya nyene uhuye n’intambamyi mw’ibarabara bidasobanura ko biba biheze, urashobora kurondera ukuntu woyaga n’abavyeyi bawe!
-
-
Kubera iki twama mu mpari?Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
-
-
IKIGABANE CA 2
Kubera iki twama mu mpari?
Mu kiganiro gitangura ku rupapuro rukurikira, Rasheli arandurutsa impari mu buryo butatu. Woba ubona ubwo ari bwo? Andika aha munsi inyishu zawe, hanyuma uzigereranye n’iziri mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 20 ruvuga ngo “Inyishu.”
․․․․․
Ni ku wa gatatu mw’ijoro. Rasheli, umwigeme w’imyaka 17, arahejeje udukorwa twiwe two muhira. Agira rero aze yaruhuka, kandi birakwiriye! Ng’uyo arakije televiziyo maze yicara mu ntebe yikundira.
Apfuye gusa kuyatsa nyina aca aseruka mu muryango, kandi asa n’uwutaryohewe. Aciye amubwira ati: “Rashe! Kubera iki uriko uta umwanya kuri televiziyo kandi wari kuba uriko urafasha mwene wanyu agakorwa ko kw’ishure? Wewe ntiwigera ukora ivyo bakubwiye!”
Rasheli na we ati: “Ehe ng’uyo aratanguye!”, akavugira mu ntamatama, ariko akavuga ku buryo nyina amwumva.
Nyina arunama, akavuga ati: “Uti iki, ga muko?”
Rasheli na we ati: “Nta na kimwe, ma!” akabivuga yiruhutsa, aberanguye amaso.
Nyina aciye ashavura nyagushavura, avuga ati: “Urumva ingene umvugisha!”
Rasheli asubizayo ati: “Weho uriko umvugisha gute?”
Ivy’akaruhuko biraheze . . . ng’izo izindi mpari ziratanguye.
HARI ico ivyo bikwibukije? Mwe n’abavyeyi bawe, mwoba mwama mu mpari? Niba ari ukwo bimeze, fata akanya usuzume uko ibintu vyifashe. Ni ibiki bikunze gutera impari? Shira aka kamenyetso ✔ ahabereye, canke wandike iciyumviro cawe imbere y’ahavuga ngo “Ikindi.”
□ Inyifato
□ Udukorwa two muhira
□ Inyambaro
□ Isaha yo gutahirako
□ Ukwisamaza
□ Abagenzi
□ Abo tudasangiye igitsina
□ Ikindi ․․․․․
Ikibitera caba ikihe, impari ziratuma uranda imitsi, eka mbere n’abavyeyi bawe. Ego ni ko, woshobora kwinumira, ugasa n’uwemera ivyo abavyeyi bakubwira vyose. Ariko none ivyo vyoba ari vyo Imana ishaka? Eka da! Ni ivy’ukuri yuko Bibiliya igusaba “[gu]tera iteka so na nyoko.” (Abanyefeso 6:2, 3) Ariko kandi ikuremesha gutsimbataza “ubushobozi [bwawe] bwo kwiyumvira” no gukoresha “ububasha bwa[we] bwo kwiyumvira.” (Imigani 1:1-4; Abaroma 12:1) Ivyo ubikoze, ntuzobura kugira ivyiyumviro wemera udakekeranya, bimwe muri vyo bigashobora kuba bitandukanye n’ivy’abavyeyi bawe. Yamara rero, mu miryango ikurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya, abavyeyi n’urwaruka barashobora kuyaga mu mahoro, naho batama bahuza ku kantu kose.—Abakolosayi 3:13.
Woserura gute ivyiyumviro vyawe ikiyago kitiriwe kiravamwo impari zishushe? Biroroshe kuvuga uti: “Iyo ni ingorane y’abavyeyi banje. Nakare ni bo bama bantegeka ico nkora!” Ariko iyumvire gatoyi: Woba ushobora guhindura abandi, ushizemwo n’abavyeyi bawe? Mu vy’ukuri, nta wundi ushobora guhindura atari wewe gusa. Kandi uzi n’inkuru, uranguye uruhara rwawe mu gusukamwo mabisi, vyoshoboka rwose ko abavyeyi bawe baguma batekanye kandi bakagutega ugutwi igihe hari ico ugomba kuvuga.
Reka turabe rero ico wewe wokora kugira urangize impari. Ushize mu ngiro izi nama zikurikira, hari aho wotangaza abavyeyi bawe biciye ku buhanga bushasha bwo kuyaga uzoba wubuye, eka na wewe nyene ugatangara.
● Niwiyumvire imbere yo kwishura. Igihe wumva ko usagirijwe, ntupfe kurekura ikintu ca mbere kikuje mu mutwe. Nk’akarorero, dufate ko nyoko wawe akubwiye ati: “Kubera iki utogeje ivyombo? Wewe ntiwigera ukora ivyo bakubwiye!” Hari aho woca wumva wokwishura uti: “Kubera iki uguma ungora?” Mugabo nukoreshe ubwenge bwawe. Gerageza kubona ukuntu nyoko wawe yiyumva, ufatiye ku vyo avuze. Akenshi, amajambo nka “wama” canke “ntiwigera,” ntakwiye gufatwa ukwo nyene. Yamara rero, aba yerekana inyiyumvo yinaka iba itaseruwe. Uti nk’iyihe?
Hari ari aho nyoko wawe yoba ashavuye, akaba yumva arengewe n’ibikorwa vyo muhira. Yoshobora kuba ashaka gusa kumenya ko utamutanye ibikorwa. Hamwe vyoba ari ukwo bimeze, kuvuga ngo “Kubera iki uguma ungora?”, nta handi vyogushikana atari ku mpari! Rero, aho kumwishura gutyo, ubona gute umuhoyahoye? Nk’akarorero, woshobora kuvuga uti: “Mbabarira ma! Ngira ndavyoze ubu nyene.” Uragaba: Ntubivugane agahemo. Wishuranye ugutahura, hari aho nyoko wawe yokworoha akakubwira ingorane nyakuri iyo ari yo.a
Andika aha munsi amajambo so wawe canke nyoko wawe ashobora kuvuga agahava agushavuza, utabaye maso.
․․․․․
Ubu na ho, iyumvire inyishu irangwa ugutahura wotanga igatuma aturura.
․․․․․
● Nuvugane urupfasoni. Umwigeme yitwa Michelle, afatiye ku vyo amaze kubona, arazi yuko ukuntu avugisha nyina wiwe bihambaye. Avuga ati: “Ingorane yaba iyihe, ikibazo kiguma ari ca kindi: mama ntashima ijwi nkoresha.” Nimba nawe bikunda kukugendera gutyo, niwige kuvuga utekanye kandi buhorobuhoro, wongere wirinde kuberangura amaso canke kugira ikindi kimenyetso cerekana ko ushavuye. (Imigani 30:17) Wumvise vyanse ko wigumya, nuture isengesho rigufi mu gacerere. (Nehemiya 2:4) Ariko ntiwumve, ntukwiye gusenga urondera ko Imana igufasha ‘kwiganzura abavyeyi bawe,’ ahubwo ni ukugira ngo ubandanye kwigumya, ntusongere isibe.—Yakobo 1:26.
Andika aha munsi ivyo ukunze kuvuga canke ivyo ukunze kugira vyoba vyiza wirinze.
Ivyo ukunze kuvuga:
․․․․․
Ivyo ukunze kugira (ibimenyetso vy’umubiri):
․․․․․
● Niwumvirize. Bibiliya ivuga iti: “Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ugucumura.” (Imigani 10:19, Bibiliya Yera) Rero, raba neza ko ureka so wawe canke nyoko wawe akavuga, kandi ukamutega yompi. Ntumuciremwo kugira wisigure. Wewe gusa umviriza. Mu nyuma, nibarangiza kuvuga, uzoronka umwanya uhagije wo kubaza ibibazo canke kwerekana aho uhagaze. Ariko udadaje ukaguma urondera guserura ukuntu wewe ubona ibintu muri uwo mwanya, nta kindi vyovamwo atari ukwunyura ibintu. Naho woba ufise n’ibindi ushaka kuvuga, kumbure uwo mwanya ni “igihe co kunuma.”—Umusiguzi 3:7.
● Nugire umutima wo gusaba imbabazi. Vyama ari vyiza kuvuga ngo “mbabarira” ku kintu cose uba wakoze kigatuma haba amatati. (Abaroma 14:19) Mbere urashobora no kuvuga ko ubabajwe no kubona habaye amatati. Nimba ubona vyokugora kubivuga amaso mu yandi, niwandike agakete. Nuce ‘utera iyindi ntambwe’ mu guhindura inyifato iyo ari yo yose yakweze amatati. (Matayo 5:41) Nk’akarorero, nimba impari zavyuwe n’agakorwa utakoze, ubona gute uciye utangaza abavyeyi bawe mu kugakora? Naho utoba ukunda ako gakorwa, ubwo kugakora ntivyoba ari vyiza kuruta kwibonerako inkurikizi zohaba abavyeyi bawe babonye ko katarakorwa? (Matayo 21:28-31) Zirikana ivyiza uzokwironkera niwashitsa uruhara rwawe mu kugabanya ingorane hagati yawe n’abavyeyi bawe.
Imiryango irangwamwo agahimbare irabamwo ingorane, mugabo irazi ingene izitorera umuti mu mahoro. Nukurikize inama wagiriwe muri iki kigabane, maze uzokwibonera yuko ushobora kuganira n’abavyeyi bawe mbere n’ibibazo bigoye, mutiriwe muraja mu mpari!
Woba ubona ko abavyeyi bawe bakwiye kuguha umwidegemvyo wiyongereye? Nimba ari ukwo biri, wokora iki?
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 21.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Umutima w’umugororotsi urazirikana kugira ngo wishure.”—Imigani 15:28.
IMPANURO
Igihe abavyeyi bawe bariko barakuvugisha, nuzimye iradiyo, ushire ku ruhande igitabu canke ikinyamakuru uriko urasoma, hanyuma ugume ubaraba.
WARI UBIZI . . . ?
Kwihatira gutunganya amatati canke kuyakinga biratuma urushiriza kworoherwa mu buzima. Nakare, Bibiliya ivuga yuko “umuntu w’ubuntu bwuzuye urukundo yigirira neza.”—Imigani 11:17.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Impanuro yo muri iki kigabane nkwiye canecane kwihatira gukurikiza ni ․․․․․
Niyemeje gutangura gukurikiza iyo mpanuro kuva (andika itariki) ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Kubera iki bamwe mu runganwe rwawe babona ko kuba umuhanga mu vyo guharira ari vyiza?
● Kubera iki Yehova Imana abona ko umuntu w’umunyabihari ari igipfu?—Imigani 20:3.
● Ni ivyiza ibihe uzokwironkera niwagabanya ingorane hagati yawe n’abavyeyi bawe?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 18]
Rimwe na rimwe mama arangwa mu nda, akambwira ati: ‘Mbabarira,’ kandi birandyohera. Ingorane ziba ziheze. Na jewe ndagerageza kumwigana. Kurengera ubwibone maze nkavuga ata buryarya ngo “mbabarira” birafasha cane, naho mu vy’ukuri bitoroshe.’’—Lauren
[Uruzitiro ku rup. 20]
Inyishu
1. Kuvugana agahemo (“Ehe ng’uyo aratanguye!”) nta kindi vyavuyemwo atari ukwunyura ishavu rya nyina.
2. Mu kugira ico kimenyetso n’amaso (kuberangura amaso), Rasheli yariko ararukwega.
3. Kutishurana urupfasoni (“Weho uriko umvugisha gute?”) vyama bisongera isibe.
[Ifoto ku rup. 19]
Guharira n’umuvyeyi ni nko kwiruka uri kuri ico cuma. Urakoresha inguvu nyinshi ariko kubera ko kitagenda, nta ho uja; uguma aho nyene
-