ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lff icig. 44
  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
  • Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • TWINJIRE MU MIZI
  • INCAMAKE
  • RONDERA N’IBINDI
  • Nusenge Imana mu kuri
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru imwimwe?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Nushikame ku gusenga kw’ukuri
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
lff icig. 44
Icigwa ca 44. Isinzi ry’abantu barekuriye amatara mu kirere mw’ijoro ku musi mukuru ku musi mukuru.

ICIGWA CA 44

Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

Yehova yipfuza ko duhimbarirwa ubuzima, mbere rimwe na rimwe tukagira imisi mikuru. Ariko none imisi mikuru yose yoba imuhimbara? Twokwerekana gute ko dukunda Yehova mu kuntu tubona imisi mikuru?

1. Kubera iki imisi mikuru myinshi idahimbara Yehova?

Imisi mikuru imwimwe usanga ishingiye ku vyiyumviro bitandukanye n’ivyo Bibiliya yigisha canke ikaba ikomoka mu madini y’ikinyoma. Hari aho usanga ifitaniye isano n’ubupfumu canke ishingiye ku ciyumviro c’uko umuntu adapfa buhere. Hari n’imisi mikuru ishingiye ku bintazi canke ku kwemera ibijanye n’igihamana. (Yesaya 65:11) Yehova aburira abasavyi biwe ati: “[Nimwitandukanye] na bo . . . kandi mureke gukora ku gihumanye.”—2 Abakorinto 6:17.a

2. Yehova abona gute imisi mikuru itera iteka abantu mu buryo burenze?

Yehova aratugabisha kutagwa mu mutego wo “[kwizigira] umuntu yakuwe mw’ivu.” (Soma Yeremiya 17:5.) Imisi mikuru imwimwe itera iteka abategetsi canke intwazangabo. Iyindi usanga ari iyo guhimbaza ibimenyetso vy’igihugu canke ukwikukira. (1 Yohani 5:21) Iyindi na yo usanga ihayagiza imigambwe canke ivyo guteza imbere imigwi kanaka y’abantu. Yehova yokwumva amerewe gute hamwe twotera iteka mu buryo burenze urugero abantu canke amashirahamwe, canecane abashira imbere ivyiyumviro bitandukanye n’ivyo Imana igomba?

3. Ni ibintu ibihe bishobora gutuma imisi mikuru iba iyitemewe?

Bibiliya iriyamiriza “kunywa umuvinyu birenze urugero, . . . kwidagadura . . . [no] guhiganwa mu kunywa.” (1 Petero 4:3) Mu misi mikuru imwimwe, abantu baragaragaza ingeso ziranga ukutigumya be n’ubushegabo. Kugira tugume turi abagenzi ba Yehova, turakeneye kwamirira kure ibintu bihumanye nk’ivyo.

TWINJIRE MU MIZI

Nurabe ukuntu ushobora kunezereza Yehova mu gufata ingingo zibereye ku bijanye n’imisi mikuru.

Umugore ariko araha umuvukanyi ingabire ya Noweli.

4. Niwamirire kure imisi mikuru idahimbara Yehova

Nimusome Abanyefeso 5:10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni igiki dukwiye kwiyemeza neza igihe duhitamwo nimba twohimbaza umusi mukuru kanaka?

  • Ni imisi mikuru iyihe imenyerewe aho iwanyu?

  • Woba wibaza ko iyo misi mikuru ihimbara Yehova?

Nk’akarorero, woba umaze kwibaza ingene Imana ibona ibijanye n’isabukuru y’amavuka? Muri Bibiliya, nta musavyi wa Yehova n’umwe yahimbaje isabukuru y’ivuka. Ahubwo haravugwamwo abantu babiri batasenga Yehova bahimbaje ivuka ryabo. Nimusome Itanguriro 40:20-22 na Matayo 14:6-10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ayo masabukuru y’amavuka ahuriye ku ki?

  • Wisunze izo nkuru zo muri Bibiliya, wibaza ko Yehova abona gute isabukuru y’amavuka?

Ariko woshobora kwibaza uti: ‘Kugira uruhara mw’isabukuru y’amavuka canke mu wundi musi mukuru udashingiye ku Vyanditswe, Yehova abibona gute?’ Nimusome Kuvayo 32:1-8. Nimuce muraba iyo VIDEWO hanyuma muganire kuri ibi bibazo:

IVIDEWO: Imisi mikuru idahimbara Imana (5:07)

  • Kubera iki bihambaye ko tumenya neza ivyo Yehova abona ko bibereye?

  • Twobigira gute?

Ingene twomenya imisi mikuru idahimbara Imana

  • Woba ushingiye ku nyigisho idahuye n’Ivyanditswe? Kugira ubimenye, nurondere kumenya inkomoko yawo.

  • Woba utera iteka abantu, amashirahamwe canke ibimenyetso biranga igihugu? Turatera iteka Yehova kuruta ikindi kintu ico ari co cose kandi tukizigira ko ari we azotorera umuti ingorane zo kw’isi.

  • Imigenzo n’imigirwa yawo yoba itandukanye n’ivyo Bibiliya yigisha? Dukeneye kuguma tudahumanye.

5. Nufashe abandi kugira bubahirize ivyo wemera

Igihe abandi bariko baraduhata ngo tugire uruhara mu misi mikuru idahimbara Yehova, hari aho vyotugora kubankira. Nubasigurire ingingo wafashe wihanganye kandi ubigiranye ukwiyubara. Kugira urabe ingene wobigenza nimurabe iyo VIDEWO.

IVIDEWO: Nusigure ivyo wemera ubigiranye ukwiyubara (2:01)

Nimusome Matayo 7:12, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Twisunze ico canditswe, twoba dukwiye kubuza incuti zacu tudasangiye ukwemera guhimbaza umusi mukuru kanaka?

  • Wokora iki kugira uhumurize incuti zawe ko naho utagize uruhara muri uwo musi mukuru, ubakunda kandi ukenguruka ivyo bakora?

6. Yehova yipfuza ko duhimbarwa

Yehova yipfuza ko tumarana umwanya n’incuti be n’abagenzi kandi bikaduhimbara. Nimusome Umusiguzi 8:15, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ico canditswe cerekana gute ko Yehova yipfuza ko duhimbarwa?

Yehova aripfuza ko abasavyi biwe bamara umwanya bari kumwe kandi bakiryohera. Nimurabe iyo VIDEWO kugira wibonere ukuntu ivyo vyagaragaye cane ku mahwaniro mpuzamakungu.

IVIDEWO: Kugaragaza ubwakiranyi ku mahwaniro mpuzamakungu (5:40)

Nimusome Abagalatiya 6:10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Twoba dukeneye kuja mu misi mikuru ikundwa kugira gusa dukorere “iciza” abandi?

  • Hagati yo gutanga ubikuye ku mutima no gutanga kubera gusa ari ku musi mukuru, ni ikihe coguhimbara kuruta?

  • Rimwe na rimwe, Ivyabona benshi baratunganya ibiringo bidasanzwe ku bw’abana babo, kandi mbere bakabaha ingabire batari bavyiteze. Nimba ufise abana, ni ibintu bidasanzwe ibihe wobagirira?

Agakobwa kakiriye ingabire gahawe n’abavyeyi katari kavyiteze.

HARI ABAVUGA BATI: “Inkomoko y’umusi mukuru nta co itwaye. Igihambaye ni ukwiryohera uri kumwe n’incuti be n’abagenzi.”

  • Wokwishura gute?

INCAMAKE

Yehova yipfuza ko turyoherwa turi kumwe n’incuti be n’abagenzi. Ariko kandi yipfuza ko twirinda imisi mikuru itamuhimbara.

Wize iki?

  • Ni ibibazo ibihe twokwibaza kugira tumenye nimba umusi mukuru kanaka udahimbara Yehova?

  • Twosigurira gute incuti n’abagenzi igituma tudahimbaza imisi mikuru imwimwe?

  • Twemezwa n’iki ko Yehova yipfuza ko duhimbarwa kandi tukanezeranwa n’abandi?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe imisi mikuru imwimwe abakirisu badahimbaza.

“Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru imwimwe?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe imvo zine zituma twemera ko isabukuru y’amavuka idahimbara Imana.

“Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru y’ivuka?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe ukuntu uwukiri muto yakoranye ukwiyubara igihe bamutwenga kw’ishure kubera yanse guhimbaza Noweli.

Nukorane ukwiyubara igihe bagutwenze (2:04)

Abakirisu amamiliyoni bahisemwo kudahimbaza Noweli. Babona gute iyo ngingo bafashe?

“Barubuye ikintu ciza kuruta Noweli” (Umunara w’Inderetsi, 1 Kigarama 2012)

a Raba Akajambo ko ku mpera ka 5 kugira ubone ico wokora igihe abandi bariko barahimbaza umusi mukuru kanaka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika