Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Intambara ya Harumagedoni izobera hehe?
Intambara ya Harumagedoni ntizobera mu kibanza kinaka na kimwe. Ahubwo, iyo ntambara izobera kw’isi yose. Uti kubera iki? Kubera yuko ingabo z’imigwi ibiri izoba iriko irarwana ari nyinshi cane ku buryo zitoshobora gukwira mu kibanza ico ari co cose na kimwe.
Harumagedoni, canke Haru–Magedoni, izwi kandi ko ari “intambara yo kuri wa musi ukomeye w’Imana Mushoboravyose.” Yehova Imana azokoresha Umwana wiwe Kristu Yezu kugira ngo akorakoranye ingabo z’abamarayika ngo zirwanye ingabo zose z’abategetsi babi bo kw’isi ziri hamwe.—Ivyahishuwe 16:14; 19:11-16.
Hari ukuntu amahanga ariko arakwegakwegwa ku rwenge n’ingabo za Shetani kugira ngo aje muri iyo ntambara. Bibiliya iravuga ivyerekeye “amajambo ahumetswe n’amadayimoni,” ikavuga ko aja “ku bami [abategetsi] b’isi yose, kubakoraniriza hamwe . . . ahantu hitwa Haru-Magedoni mu giheburayo.”—Ivyahishuwe 16:14-16.
Kuruta ikindi gitabu cose co muri Bibiliya, igitabu c’Ivyahishuwe caratumye abantu benshi basoma Bibiliya biyumvira ico ibintu bitandukanye vyahishuwe muri co bisobanura. Abantu benshi bafata ivyo basomye muri ico gitabu uko biba bivuzwe, baradomyeko ikibanza gitomoye aho biyumvira yuko iyo ntambara izotangurira, kandi bagumye bitegereza bahagaritse umutima ibintu vyabera mu micungararo y’ico kibanza. Iciyumviro c’uko Harumagedoni yerekeza ku kibanza kandondwa turashobora kugisanga mu majambo ya kera y’ikigiriki akiriho yavuzwe ku bijanye n’igitabu c’Ivyahishuwe, ano akaba yanditswe na Oecumenius mu kinjana ca gatandatu G.C.
Mu guserura iciyumviro gisa n’ico benshi mu bakuru b’amadini bumira ku nyigisho za kera bafise, uwitwa John F. Walvoord, uno akaba yahoze ari umukuru wa Seminari y’ivya tewolojiya y’i Dallas, avuga yuko Harumagedoni ari “intambara y’ibizigizigi vya nyuma vy’isi izoba iriko irinanata kugira ngo igire ivyo ihinduye, ikaba izobera mu karere k’ibihugu vy’Abarabu.” Walvoord avuga ko ahantu nyamukuru hazobera iyo ntambara ikomeye yimirije ari “‘ku musozi wa Megido,’ uwo ukaba ari umusozi mutoyi uri mu Buraruko bwa Palesitina ku mpera y’umwonga munini.”
Ariko rero, igitabu c’Ivyahishuwe ntigifise intumbero yo kwerekana ahantu nya hantu hitwa Harumagedoni. Amajambo atangura ico gitabu avuga yuko inkuru ivugwamwo ishikirizwa “mu bimenyetso.” (Ivyahishuwe 1:1) Kuva kera na rindi, Ivyabona vya Yehova bari baravuze mu gitabu kimwe basohoye (Études des Écritures), mu Mbumbe yaco ya kane, bati: “Ntidukwiye kwitega ko abantu bazokwigera bakoranirizwa nya gukoranirizwa ku Musozi Megido.”
Ibintu vyabereye i Megido, vyerekeza ku mimerere abansi b’Imana badashobora guhunga. Ku bw’ivyo rero, kuri Harumagedoni, Imana izokwiyemeza neza ko ukwononekara kwose be n’ubukozi bw’ikibi bwose, aho ari ho hose vyoba biri kuri uno mubumbe wacu, bizokurwaho ubutagisubira kugaruka.—Ivyahishuwe 21:8.
Abakunda Yehova Imana be n’Umwana wiwe Yezu Kristu, ntibakwiye gutinya Harumagedoni. Iyo ntambara y’Imana izohitana gusa abantu Imana ibona ko ari abanyakibi badashobora kuvayo. Iyo ntambara yayo ntizojaniranya mu gusangangura. Bibiliya ivuga iti: “Yehova arazi kurokora . . . abantu bari n’ukwihebera Imana.” (2 Petero 2:9) Hari umuhango weza umutima uri muri Zaburi 37:34, uwo na wo ukaba ugira uti: “Urorēre Uhoraho, ugumye inzira yiwe, na we azogushira hejuru ng’uragwe igihugu: abanyakibi bazorandurwa ubirorēra.”