ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/6 rup. 16-17
  • “Mbega yemwe umuntu yohagarara ng’aha arondera iki?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mbega yemwe umuntu yohagarara ng’aha arondera iki?”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Nta wushobora gukorera ba shebuja babiri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/6 rup. 16-17

Ikete rivuye muri Afirika y’Epfo

“Mbega yemwe umuntu yohagarara ng’aha arondera iki?”

“MURAGABA, AHA HANTU NI HABI CANE: HARI ABAMBUZI N’ABAMARAYA.” Ayo majambo ni yo yanditse ku capa kiri iruhande y’ibarabara ritoyi ry’ikirundi. Turava muri iryo barabara tukinjira mu rindi ry’ibivu kugira twegere izindi modoka nkeyi zirindiririye munsi y’icapa kiboneka cane cerekana inzira ija ku kibanza co kwinezerezamwo c’abifise be n’amazu akinirwamwo akamari (casino) biri epfo cane umanukanye iryo barabara. Imodokari zizimvye ziraduca iruhande ziruka cane, kandi turabona ko abantu baguma baturaba bacishije mu madirisha y’imodoka zabo, batavyumva. Ubaravye mu maso, basa n’abariko bibaza bati: ‘Mbega yemwe umuntu yohagarara ng’aha arondera iki?’

Turahagarika imodoka yacu maze tukayivamwo tukaja kwiyunga ku mugwi w’abantu bambaye neza bahagaze mu gitutu ca ca capa. Umugwi wacu ugizwe n’abantu b’amoko atandukanye n’amabara y’urukoba atandukanye, ico kikaba kikiri ikintu c’imbonekarimwe muri Afirika y’Epfo. Twaje muri aka karere kari nko ku bilometero 100 mu buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Johannesburg, twizigiye ko tuza kubwira abantu baba mu bigwati vyaho ukuri kwo muri Bibiliya.

Turahagarara iruhande y’ibarabara kugira ngo tuganire gatoyi ku canditswe co muri Bibiliya maze tukarangiza kuvugana ukuntu tuza kugendera abantu inzu ku nzu. Turatura isengesho, tugaca dusubira mu modoka zacu. Muri ico kiyaya no hakurya yaco hari amazu n’utururi bisabagiye ukuntu. Ayo mazu aboneka ko ari mato cane kubera ibigunguzi bigereza hariya vy’ibicafu vyakuwe aho bacukurira ubutare bwitwa platine. Ubukene bwinshi tubona aha hantu nta ho buhuriye n’ubutunzi bw’ubutare bwuzuye mu butaka bwaho.

Jewe n’umukenyezi wanje turi kumwe n’umugore n’umugabo b’abashitsi baje bava mu Budagi. Uko turi bane dutangura umusi mu kuja kwamamaza inzu ku nzu. Hafi ica gatatu c’ababa ng’aha nta kazi bafise, hakaba rero hari amazu abayabaye. Menshi muri yo ni utururi tw’amabati asakariye ku bisenge bigizwe n’ibiti bidakomeye, bakabifatanisha imisumari mininiminini bacishije mu dufuniko babataritse tw’amacupa y’inzoga kugira ngo dufate imisumari.

Uko dushikiriye umuhana, turaramutsa tukiri kw’irembo, kandi kenshi tuhasanga ba inarugo. Abo tuganiriza barashashaye kwumviriza ubutumwa tubashiriye, kandi badufata nk’abashitsi b’iteka. Izuba rikubita ku mabati rituma ku mutaga mu nzu hashuha nk’itanure. Akenshi abana barabatuma ngo basohore intebe hanze bazishire munsi y’igiti. Baraduha ikaze ngo twicare mu gatutu.

Umuryango urakorana bakicara ku dutebe tubayabaye canke ku bisandugu vyubitse. Mbere n’abana batoyi barabahamagara iyo bari gukina n’ibikinisho vyabo ngo baze kwumviriza. Turarabira hamwe ivyanditswe bikeyi hanyuma tugasaba abana biga ngo basome mu bitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya. Abantu nka bose duhura barahimbarwa no kwakira ibitabu vyacu, kandi benshi baradusaba ngo tuze tugaruke.

Sasita turaruhuka kugira ngo dufate agakate n’akantu ko kunywa gapfutse imbere y’uko dusubira kugendera abo twari twagendeye ubuheruka. Dutangura kuraba uwitwa Jimmy, akaba ari umwimukira yaje ava muri Malawi akora muri kimwe mu bibanza bacukuramwo bwa butare bwita platine muri ako karere. Haheze amezi atari make tumugendera. Yama anezerwa atubonye, kandi twaramaze umwanya tuganira na we kuri Bibiliya. Jimmy yubakanye n’umukenyezi w’aho w’Umusetswana akagira n’abana babiri beza utoraba. Igihe duherukira kumugendera ntitwamusanze i muhira, tukaba rero dushashaye kumubona.

Dushitse n’imodoka ku muhana usanzwe wo kwa Jimmy, duca ubwo nyene tubona ko hari ikintu kitagenda neza. Ubusitani bwiwe bwahoze bumeze neza buramaze kwononekara, ibigori vyiwe vyarakabiranye, n’inkoko zahora zinobagura mu rugo utwo zironse nta zihari. Urugi rwugajwe umunyororo uremereye. Hari umubanyi aciye aza kuraba. Turamubaza aho Jimmy yoba ari. Uwo mukenyezi aca atubwira inkuru y’agacamugongo y’uko Jimmy yapfuye, umugore wiwe na we akaba yarasubiye mu muryango iwabo n’abana.

Naho bibonwa ko kurondera kumenya amakuru y’ibanga ari ukubura urupfasoni, turabaza kugira ngo tumenye ido n’ido. Nya mubanyi atubwira ati: “Yararwaye hanyuma arapfa. Muri iyi misi hari indwara nyinshi. Kandi abantu benshi bariko barapfa.” Naho atadutomoreye icamwishe, narirya mwene ico kintu ari gake bagicisha mu kanwa, imva nshasha ziguma zigwira mw’itongo ry’abapfuye ryaho zirerekana bimwe biteye agahinda yuko ivyo uwo mukenyezi yavuze ari ukuri. Turaganira na we gatoyi ku bijanye n’icizigiro c’izuka, hanyuma tukahava agahinda gahindira mu mutima, tukaja kuraba uwundi muntu.

Turinjira mu kindi kigwati tukagenda n’imodoka gushika ku murongo wa nyuma w’amazu, aho hakaba hari ikirundo c’ibicafu vy’ubutare kigereza nka hariya. Tugeze aho ibarabara rigarukira, duca dukikamira mu kabarabara gashikana ku muhana. Mu busitani bw’uwo muhana hari ikibuye bandikishijeko irangi amajambo aboneka cane agira ati: “Kudafata ingingo ni igisuma c’umwanya; kuba nzobandabikora ni we somambike bikorana.” David,a ari na we yanditse ayo majambo, ariko arakanika imoteri y’imodoka yiwe ishaje yo mu bwoko bwa VW. Yunamuye amaso, aca agerageza kuturaba ahumaguza kubera izuba ryariko rirarenga, maze atumenye agaca amwenyura igitaburamunwa, tukabona ibibatsi ku menyo yiwe y’imbere y’inzahabu aharawe. Arihungura ku maboko maze akaza iyo turi kuturamutsa.

Ariha akamo ati: “Gute ga bagenzi? Mwahora he?” Turaryohewe no gusubira kubona David. Aradusaba imbabazi akavuga yuko uno musi ataza kumarana natwe umwanya munini kubera yuko inyuma y’aho duherukanira yaronse akazi aho bacukurira ubutare, akaba akeneye gusimbirayo mu kanya. Umwanya wose tumara tuganira na David, aguma amwenyura. Aratubwira aryohewe ati: “Urya musi wa mbere nahura namwe warahinduye ubuzima bwanje! Mvugishije ukuri, sinzi iyo nari kuba ndi uno musi iyo mutaza kuba mwaraje.”

Dutandukana na David tunezerewe cane. Izuba ritanguye gucokera ibuheramaso, turahindukiza imodoka tugataha. Turitegereza irya nyuma ico kiyaya, ariko ubu ntituhabona neza kubera umuco w’izuba uriko uraca ibibatsi mu kirere cuzuye ivumbi, tukibaza ukuntu inkuru nziza izoshikira abo bantu bose. Turatahura rwose amajambo ya Yezu agira ati: “Iyimbura koko ni rinini, mugabo abakozi ni bake.”​—Luka 10:2.

[Akajambo k’epfo]

a Si ko yitwa.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 17]

Tuyikesha: South African Post Office

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika