ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/10 rup. 3
  • Kubera iki wokwitaho Bibiliya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki wokwitaho Bibiliya?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki wokwiga Bibiliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ni igitabu dukwiye gutahura
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Bibiliya Iva ku Mana Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/10 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA IVUGA IKI MURI MAKE?

Kubera iki wokwitaho Bibiliya?

Bibiliya irazwi cane kw’isi kuruta ibindi bitabu vyose. Kubera iki? Kimwe coco, ivuga ibintu dushobora gutahura. Irimwo inkuru z’ukuri zivuga abantu babayeho koko, imigenderanire bagiraniye n’abantu nka bo hamwe n’iyo bagiraniye n’Imana. Izo nkuru ziratanga ivyigwa ngirakamaro zikoresheje amajambo yoroshe kandi arashe ashobora guhindurwa mu ndimi amajana n’amajana, agatahurwa n’abantu bo mu mihingo yose kandi bo mu gihe ico ari co cose. Vyongeye, ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zama ari kirumara.

N’igihambaye kuruta, Bibiliya ntivuga gusa ko ari igitabu kivuga ivyerekeye Imana, ariko kandi ivuga ko yavuye ku Mana. Irahishura izina ry’Imana, kamere zayo, be n’umugambi udahinduka yari ifise igihe yarema isi n’abantu. Bibiliya iravuga kandi inkuru y’ukuntu iciza n’ikibi vyamye bidacana uwaka, ikaba ari inkuru ikora ku mutima iraba abantu bose kandi ifise insozero nziza. Gusoma Bibiliya ata ho uhengamiye birashobora rero gutuma ugira ukwizera n’icizigiro.

Bibiliya irimwo amakuru ata handi hantu woyasanga. Nk’akarorero, Bibiliya iratubwira ukuri ku bijanye n’ibi bintu:

  • Ingene twabayeho be n’igituma dushikirwa n’imibabaro

  • Ico Imana yakoze kugira ngo icungure abantu

  • Ivyo Yezu yadukoreye

  • Kazoza k’isi n’abantu

Ubona gute ufashe akanya ugasoma ibiganiro bikurikira, ukaraba ivyo Bibiliya ivuga muri make?

IVYEREKEYE BIBILIYA MURI MAKE

  • Umutwe-shimikiro: Ukuntu Ubwami bw’Imana buri mw’ijuru buzotuma isi isubira kurangwamwo ubugororotsi n’amahoro

  • Ibiyigize: Ibitabu 39 vyari mu giheburayo mu ntango (ushizemwo ibice bimwebimwe vyari mu giharameya), 27 na vyo vyari mu kigiriki

  • Abayanditse: Yanditswe n’abantu nka 40 mu myaka nka 1.600, kuva mu 1513 imbere y’igihe cacu gushika mu 98 mu gihe cacu.

  • Indimi: Yaba yose canke igice cayo, ubu iboneka mu ndimi zirenga 2.500

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika