ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w17 Rusama rup. 31-32
  • ‘Batahanye umwete n’urukundo bidasanzwe’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Batahanye umwete n’urukundo bidasanzwe’
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
w17 Rusama rup. 31-32
Inyubakwa yuzuye amasinzi y’abitavye ihwaniro ryabereye i Cedar Point muri Ohio, mu 1922

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

‘Batahanye umwete n’urukundo bidasanzwe’

HARI ku wa gatanu mu gitondo muri Nyakanga 1922. Abantu 8.000 bari bakoraniye mu nyubakwa nini, hakaba hari hatanguye gushuha. Umuhagarikizi yaramenyesheje yuko muri ico kiringo gihambaye, uwushaka gusohoka yari gusohoka, mugabo ko ata wari gusubira kwinjira.

Iyo porogarama yuguruwe n’“Ikiringo c’amashemezo” cari kigizwe n’ukuririmba. Kirangiye, Joseph Rutherford yaciye aja ku mukiruruko. Abenshi mu bari ng’aho bari muri kabaza. Hari abaguma bagendagenda babuze amahoro kubera ubushuhe. Umushikirizansiguro yarabasavye ashimitse ngo bicare kugira bumvirize. Igihe iyo nsiguro yatangura, nta n’umwe yari yabonye igitambara kinini cari kimanitse hejuru kizinze neza.

Umuvukanyi Rutherford yarashikirije insiguro yari ifise umutwe uvuga ngo “Ubwami bwo mw’ijuru buregereje.” Ijwi ryiwe rikomeye ryaramaze isaha n’inusu risamirana muri iyo nyubakwa, igihe yariko asigura ingene abahanuzi ba kera batangaje badatinya ukuza kw’Ubwami. Ari mu gusozera iyo nsiguro, yabajije ati: “Mwoba mwemera yuko Umwami aninahaye yatanguye kuganza?” Abari ng’aho bose baciye bishura n’ijwi rirenga bati: “Ego!”

Umuvukanyi Rutherford yaciye asemerera ati: “Nimusubire rero ku gikorwa, yemwe bana b’Imana Musumbavyose! . . . Raba, Umwami ari ku ngoma! Muri abakozi bamwamamaza. Ku bw’ivyo rero, tangaze, tangaze, tangaze Umwami n’Ubwami bwiwe!”

Ako kanya nyene ca gitambara caciye cizingurura buhorobuhoro, abantu baca barabona icivugo cari canditseko cavuga ngo: “Tangaze Umwami n’Ubwami.”

Uwitwa Ray Bopp yavuze ati: “Abari ng’aho bose baciye bashwangamuka.” Anna Gardner na we yavuze ko “abantu bakomye amashi, n’amabati agahakwa kuguruka.” Uwitwa Fred Twarosh yavuze ati: “Abari aho bose baciye bahagurukira rimwe.” Uwitwa Evangelos Scouffas na we ati: “Wamengo sinzi ikitubatuye ku ntebe turahaguruka, amosozi adengereye mu maso.”

Abenshi mu bari kuri iryo hwaniro bari basanzwe bamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Ariko ico gihe, baciye bumva baronse inguvu zidasanzwe zo kubandanya ico gikorwa. Uwitwa Ethel Bennecoff yavuze ko Abatohoji ba Bibiliya ‘batahanye umwete n’urukundo bidasanzwe.’ Uwitwa Odessa Tuck, akaba yari afise imyaka 18 ico gihe, yatashe yiyemeje kwitaba ka kamo kavuga ngo “Ni nde azotugira?” Odessa yavuze ati: “Sinari nzi aho nokwamamaje, ingene nokwamamaje canke ico nokwamamaje. Ico nari nzi gusa ni uko nashaka kumera nka Yesaya, uwavuze ati: ‘Ndi hano! Ntuma.’” (Yes. 6:8) Uwitwa Ralph Leffler yavuze ati: “Uwo musi w’intibagirwa wabaye intango nyezina y’isekeza ryo gutangaza Ubwami, ubu rikwiye kw’isi yose.”

Ntibitangaje kubona iryo hwaniro ryabereye i Cedar Point muri Ohio mu 1922, ari intibagirwa muri kahise k’abasavyi ba Yehova! Uwitwa George Gangas yavuze ati: “Iryo hwaniro ryansizemwo icipfuzo co kutigera nsiba ihwaniro na rimwe.” Nkako agerageje kwibuka, yavuze ko bitigeze bimushikira. Uwitwa Julia Wilcox yanditse ati: “Igihe cose ibitabu vyacu bivuze ibijanye n’ivyabaye i Cedar Point mu 1922, sinodondora umunezero ngira uko ungana. Numva gusa nokwama mvuga nti: ‘Warakoze Yehova, kubona waramfashije nkaba ari ho nari ndi.’”

No muri iki gihe, birashoboka ko benshi muri twebwe bibuka ibintu bihambaye vyabakoze ku mutima kw’ihwaniro kanaka, bigaca bituma imitima yacu yuzura umwete n’urukundo dukunda Imana yacu n’Umwami yimitse. Igihe na twebwe tubizirikanyeko, biratuma umwe wese avuga ati: “Warakoze Yehova, kubona waramfashije nkaba ari ho nari ndi.”

Ivyapa vyazazaniye abantu

Indome “ADV” (impfunyapfunyo y’irivuga ry’icongereza risobanura ngo “gutangaza”) zari ahantu hose: uri ku biti, ku nyubakwa, mbere no ku gapapuro ka porogarama y’ihwaniro. Ivyo vyapa vyaratumye abari bitavye ihwaniro bagira amadidane menshi.a

“Kuri buri nkingi no kuri buri muryango, wasanga hari icapa cera canditseko ibidome ADV bininibinini vyirabura. Twarabajije ico izo ndome zasobanura, ariko wamengo nta n’umwe akizi. N’uwaba akizi, ntiyakubarira.”​—Edith Brenisen.

a Ivyo vyapa ni nk’aho bikiri amayobera, kuko gushika n’ubu ata foto yavyo dufise mu bushinguro bwacu.

Yarabaye inyishu y’isengesho

Arthur Claus n’umugore wiwe Nellie bashitse hakiri kare kugira ngo bafate ibibanza vyiza. Arthur avuga ati: “Naguma neraguza nsoma ibimanitse vyose.” Yagiye rero yumva atanguye kubabara mu nda. Yaciye asohoka agonanwa, kubera yari azi ko atari gusubira kwinjira. Umwe mu bakira abantu yamubajije ati: “Bigenze gute ngo usohoke mu kiringo nk’iki?” Mugabo Arthur nta kundi yari bubigenze.

Arthur agarutse, yagiye yumva amashi y’urudaca mu nyubakwa y’ihwaniro. Igihe yariko arondera aho yobona n’agatoboro kugira ngo yumve ivyariko biraba, yararonse aho yuririra maze aduga ku gisenge cari nko ku metero zitanu. Ashitseyo, yaciye agenda agana idirisha rinini ryo kuri ico gisenge ryari ryuguruye.

Arthur yahasanze abavukanyi batari bake bari bashinze ijisho umushikirizansiguro bataye umutwe. Bari basabwe gucira rimwe imigozi yari ifashe ca gitambara kugira gice cizingurura. Ariko kugira ngo bayicire rimwe, bari bakeneye iyindi mbugita. Amahirwe bagize, basanze Arthur yagendanye akabugita. We hamwe n’abo bavukanyi baciye bamera magabo, barindira ikimenyetso bari bahawe: Umuvukanyi Rutherford avuze ngo “Tangaze” ku ncuro ya kabiri, bategerezwa guca bacacura nya migozi.

Abari ng’aho bariganye ingene bagiye babona ico gitambara c’amabara atatu cizingurura buhorobuhoro. Hagati kuri co hari ishusho ya Yezu.

Mu nyuma, abo bavukanyi babwiye Arthur ko batari bazi uwatwaye ingazi bari buririyeko. Kubera ko ata kundi bari kubigenza, baciye basenga Yehova ngo abarungikire umuvukanyi afise imbugita. Abo bavukanyi baciye babona neza ko Yehova yari yishuye isengesho ryabo mu buryo butangaje.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika