INKURU Y’UBUZIMA
Twararonse “imaragarita . . . y’agaciro kanini”
WINSTON Payne n’umukenyezi wiwe Pamela (Pam) bakorera ku biro vy’ishami rya Australasie. Naho bagize ubuzima buhimbaye bari kumwe, ingorane zo ntizabuze. Aho twovuga nko kumenyera imico kama mishasha no kwihanganira intuntu yo kubura umwana wabo atari bwavuke. Ariko muri izo ngorane zose, barazigamye urukundo bakunda Yehova n’abasavyi biwe bongera baragumana umunezero mu busuku. Muri iki kiganiro co kubabaza ibibazo, twarabasavye ngo batwiganire bimwe mu vyo baciyemwo.
Winston, watanguye gute kurondera ukuri kwerekeye Imana?
Nakuriye mu muryango uterekwa ivy’Imana, mu gisagara ca Queensland muri Ostraliya. Kubera ko twaba ukwa twenyene, nabona gake abandi bantu uretse abo mu muryango wacu. Nshikanye imyaka nka 12, naratanguye kurondera ukuri kwerekeye Imana. Narayisenze, ndayisaba ngo imfashe kumenya ukwo kuri. Mu nyuma naravuye muhira maze ndaronka akazi i Adelaide mu bumanuko bwa Ostraliya. Nshikanye imyaka 21, narabonanye na Pam igihe nari mu karuhuko i Sydney. Yarambwiye ibijanye n’idini rimwe ryavuga ko Abongereza bakomoka kuri ya miryango ya Isirayeli bivugwa ko yashwiragiye. Iryo dini rivuga ko iyo miryango ari ya miryango cumi yari igize ubwami bwo mu buraruko, yajanywe mu bunyagano mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu. Igihe rero nasubira i Adelaide, narabajije ico kintu uwo twakorana yari yatanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Tumaze amasaha makeya gusa tuganira, na canecane ku vyerekeye ivyo Ivyabona vya Yehova bemera, narabonye ko rya sengesho natura nkiri umwana ryariko ririshurwa. Emwe, nariko ndiga ukuri kwerekeye Umuremyi wanje n’Ubwami bwiwe! Nari nubuye “imaragarita . . . y’agaciro kanini.”—Mat. 13:45, 46.
Pam, na wewe watanguye kurondera iyo maragarita ukiri muto. None wayitoye gute?
Nakuriye mu muryango ukunda gusenga, mu gisagara ca Coffs Harbour mu ntara ya Nouvelle-Galles du Sud. Abavyeyi banje n’abavyeyi ba mawe baremeye inyigisho za rya dini nabwira Winston. Jewe, musazanje muto, mwene wacu mukuru na bavyara bacu benshi, twakuze twigishwa ko Imana itonesha abantu bose bakomoka ku Bongereza. Ariko rero, ivyo sinavyemera cane kandi nagumana inyota y’ivy’impwemu. Igihe nari mfise imyaka 14, naragiye mu madini atandukanye yo mu karere iwacu, harimwo abangilikani, ababatiste be n’abaventisi b’umusi w’indwi. Mugabo na ho nyene nta co bamfashije mu vy’impwemu.
Mu nyuma umuryango wacu warimukiye i Sydney, aho nahuriye na Winston ari mu karuhuko. Nk’uko yabivuze, ivyo twaganiriye ku bijanye na rya dini ni vyo vyahavuye bituma yiga Bibiliya n’Ivyabona. Mu nyuma, amakete yanyandikira yaba yuzuyemwo ivyanditswe. Mvugishije ukuri, mu ntango vyarampagarika umutima mbere bikambabaza. Ariko bukebuke, naratahuye ko ivyo ambwira ari ukuri.
Mu 1962, narimukiye i Adelaide kugira negere Winston. Yari yansabiye indaro mu muryango wa Thomas Sloman n’umukenyezi wiwe Janice, bari bahoze ari abamisiyonari muri Papuasie Nouvelle Guinée. Barangaragarije ubuntu budasanzwe. Nari mfise imyaka 18 gusa kandi baramfashije cane mu vy’impwemu. Na jewe rero naciye ntangura kwiga Ijambo ry’Imana kandi sinatevye kujijuka ko nubuye ukuri. Jewe na Winston tumaze kwubaka urwacu, twaciye ubwo nyene twihebera igikorwa c’Imana, bukaba bwari ubuzima buryoshe cane bwatumye turushiriza gufatana uburemere imaragarita y’agaciro kanini twubuye, naho tutabuze guhura n’ibigeragezo.
Winston, twiganire ingene vyari bimeze mu myaka ya mbere wamaze mu murimo wa Yehova.
A. Ikarata yerekana aho twakoreye igikorwa co kugendera amashengero
B. Udutembure twa posita tw’amwamwe muri ayo mazinga. Kiribati yahoze yitwa Gilbert, Tuvalu na yo amazinga ya Ellice
C. Izinga riteye igomwe ryitwa Funafuti ryo mu gihugu ca Tuvalu. Ni rimwe mu mazinga menshi twagendeye imbere y’uko abamisiyonari barungikwayo
Haciye igihe gito nubakanye na Pam, Yehova yaratwugururiye uwa mbere mu ‘miryango minini’ myinshi ijana ku gikorwa. (1 Kor. 16:9) Umuvukanyi Jack Porter ni we yaturemesheje guca muri uwo muryango, akaba yari umucungezi w’umuzunguruko wacu. (Ubu turi kumwe muri Komite y’ishami rya Australasie.) Jack n’umukenyezi wiwe Roslyn baraturemesheje gukora ubutsimvyi busanzwe, tukaba twabukoze imyaka itanu. Igihe nari mfise imyaka 29, twe na Pam twarasabwe gukora igikorwa co kugendera amashengero mu mazinga yo mu bumanuko bw’Ibahari Pasifike, ico gihe akaba yari ahagarikiwe n’ishami rya Fiji. Ayo mazinga yari Samoa américaines, Samoa, Kiribati, Nauru, Niue, Tokelau, Tonga, Tuvalu na Vanuwatu.
Ico gihe abantu bo muri amwe mu mazinga ari kure cane y’ayandi ntibaraba ryiza Ivyabona vya Yehova. Twabwirizwa rero kwiyubara no gukorana ubukerebutsi. (Mat. 10:16) Amashengero wasanga ari matomato kandi hari ayatashobora kuturonsa uburaro. Twaca rero dusaba indaro abantu bo mu bigwati vyaho, kandi igihe cose baratugaragariza umutima mwiza.
Winston, urakunda igikorwa c’ubuhinduzi. Vyagenze gute ngo ugikunde?
Muri Samoa, ndiko ndigisha mw’ishure ry’abakurambere
Muri ico gihe, abavukanyi bo mu mazinga ya Tonga bari bafise udupapuro tw’inkuru nziza n’udutabu duke tubaho mu rurimi rw’igitonga. Mu busuku kugira bigishe umuntu Bibiliya, bakoresha igitabu Ukuri kujana mu buzima budahera cari mu congereza. Mw’ishure ry’abakurambere ryamaze amayinga ane, hari abakurambere batatu bo muri ako karere bari bazi akongereza gakeyi bemeye guhindura ico gitabu mu gitonga. Pam yaranditse n’imashini ivyo bari bandikishije iminwe, duca turabirungika kw’ishami rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugira bicapurwe. Ico gikorwa cose camaze amayinga umunani. Naho nya gitabu kitari gihinduye neza cane, carafashije abantu benshi bavuga igitonga bariga ukuri. Twe na Pam ntituri abahinduzi, ariko ico gikorwa caratumye dukunda ubuhinduzi.
Pam, ubuzima bwo mu mazinga bwari butandukanye gute n’ubwo muri Ostraliya?
Aho twigeze kuba igihe twari mu gikorwa co kugendera amashengero
Vyari bitandukanye cane! Bivanye n’aho twaba turi, twarabangamirwa n’imibu myinshi, ubushuhe canke imbeho bikaze, imbeba, indwara, rimwe na rimwe na ho ibifungurwa bigakeha. Ku rundi ruhande, buri mugoroba twarumva turuhuriwe twitegereje ibahari, twibereye mu kazu kacu gasakajwe ivyatsi kandi katagira impome ko muri ayo mazinga ya Polynésie (ako bita fale mu gisamowa). Mw’ijoro ririmwo ukwezi waca ubona ibiti vy’inazi vyigaragaje neza, ukwezi na kwo kugaca ibibatsi mu mazi y’ibahari. Ivyo biringo biteye umunezero vyaraduha akaryo keza ko kuzirikana no gusenga, tugaca twibagira ibibi tukibanda ku vyiza.
Twarakunze cane abana, bakaba baragira utugugu kandi bakadutangarira cane batubonye twebwe abazungu. Igihe kimwe twari i Niue, maze agahungu kamwe gakorakora ku bwoya bwo ku kuboko kwa Winston, gaca kavuga gati: “Yoo, ufise amoya meza!” Mu bisanzwe ntikari bwigere kabona umuntu w’ubwoya nk’ubwo ku kuboko, kakaba rero karabuze ingene kobidondora.
Twarababara cane tubonye ingene abantu benshi bari babaye mu bukene. Baba mu gihugu giteye igomwe, ariko ntibashobora kwivuza neza canke kuronka amazi meza. Naho ari ukwo, abavukanyi bacu wamengo nta co bibatwaye. Babona ari ibisanzwe. Barahimbarwa no kuba bagize umuryango witwararikana, bafise ikibanza co gusengeramwo be n’agateka ko gushemeza Yehova. Baratwigishije kuguma dushira imbere ibihambaye kuruta be no kworosha ubuzima.
Pam, vyarashika ukabwirizwa kuja kuvoma canke ugateka mu buryo utari umenyereye. None wabishoboye gute?
I Tonga, Pam ariko aramesa impuzu
Ndashimira dawe. Yaranyigishije ibintu vyinshi nko gucana umuriro, guteka ku nkwi be no kubumbwa na bike. Igihe kimwe turi i Kiribati, twashikiye mu kazu gasakajwe ivyatsi, katarimwo isima kandi gafise impome z’imigano. Mu guteka, narimvye kugira ndonke iziko, ndaheza ncana ibishishwa vy’inazi. Mu kuvoma naja gutonda umurongo hamwe n’abandi bagore kw’iriba. Kugira bavome amazi, bakoresha inkoni y’imetero nka zibiri iboheyeko umugozi nka kurya kw’igera. Ariko aho kuboherako igera, baca baboherako ikigopo. Umugore yaba ashikiriwe yaraterera mu mazi wa mugozi, agaca ahindukiza bukwi na bukwi igikonjo ciwe. Ca kigopo caca cihengeka maze kikadaha amazi. Ntarashikirwa nibaza ko vyoroshe. Naratereye ca kigopo mu mazi akatari gake, ariko kigaca kireremba ku mazi! Bose bahejeje gutwenga, umugore umwe yaciye amfasha, kandi bama bamfasha babigiranye umutima mwiza.
Mwahavuye mukunda cane igikorwa mwaranguye mu mazinga. Mwotubwira ibintu bimwebimwe mutazokwigera mwibagira?
Winston: Vyadusavye igihe kugira tumenyere imigenzo imwimwe. Nk’akarorero, igihe abavukanyi baba batuzimanye ibifungurwa, kenshi baduha ivyo baba bafise vyose kuri uwo musi. Mu ntango, ntitwari tuzi ko dutegerezwa kubasigariza. Twaca rero tubirya vyose! Ariko tumaze kubitahura, twarabasigariza. Naho vyatugora, abavukanyi baradutahura. Kandi barahimbarwa no kutubona uko haciye nk’amezi atandatu, igihe twaba tugendeye ishengero ryabo. Ico gihe nta bandi bavukanyi bo mu mahanga babona atari twebwe.
Kw’izinga rya Niue, tujanye n’abandi bamamaji mu ndimiro
Igihe tubagendeye, vyarashinga intahe no mu kibano. Abantu benshi baho, biyumvira ko idini ry’Ivyabona ari icaduka. Igihe rero baba babonye abanyamahanga bagendeye abo bavukanyi, vyarabatangaza.
Pam: Kimwe mu bintu ntazokwibagira ni icabereye i Kiribati, ahari ishengero ryari rigizwe n’abavukanyi be na bashiki bacu bakeya gusa. Umukurambere umwe rudende yari ahari ari we Itinikai Matera, yaratwitwararika ukwo ashoboye kwose. Umusi umwe, yaratugendeye azanye igapo irimwo irigi rimwe. Yavuze ati: “Ni rwanyu.” Ico gihe twaronka irigi ry’inkoko gake kabaho. Ico kintu gisanzwe ariko kiranga umutima mwiza caradukoze ku mutima.
Pam, haciye imyaka, mwarabuze umwana wanyu atari bwavuke. Ni igiki cagufashije kwihangana?
Narasamye inda mu 1973 igihe twe na Winston twari mu bumanuko bw’Ibahari Pasifike. Twaciye dufata ingingo yo gusubira muri Ostraliya, ariko haciye amezi ane nya nda yarakorotse. Na Winston yarababaye cane. Umubabaro nari mfise waragabanutse uko haca igihe, ariko wagiye guhera neza igihe twaronka Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ndamukiza 2009. Warimwo ikiganiro c’“Ibibazo vy’abasomyi” cabaza giti: “Hoba hari icizigiro c’uko akana gapfiriye mu nda y’umuvyeyi wako kazozuka?” Ico kiganiro caraduhumurije yuko ico kibazo kiri mu maboko ya Yehova, uwama akora ibigororotse. Azodukiza imibabaro myinshi twatejwe n’iyi si mbi, niyategeka Umwana wiwe ngo “asambure ibikorwa vya Shetani.” (1 Yoh. 3:8) Vyongeye, ico kiganiro caratumye turushiriza guha agaciro “imaragarita” nziza twebwe Ivyabona vya Yehova twifitiye! Mbega iyo tutaba dufise icizigiro c’Ubwami tuba tumerewe gute?
Tumaze kubura uwo mwana wacu, twaciye dusubira mu gikorwa c’igihe cose. Twarakoreye kuri Beteli yo muri Ostraliya amezi makeyi, mu nyuma na ho dusubira mu gikorwa co kugendera amashengero. Mu 1981, tumaze imyaka ine dukorera mu ntara ya Nouvelle-Galles du Sud be n’i Sydney, twarasabwe gusubira gukorera ku biro vy’ishami vya Ostraliya kandi n’ubu ni ho tukiri.
Winston, ivyo waciyemwo mu mazinga yo mu bumanuko bwa Pasifike vyoba bigufasha mu gikorwa urangura uri mu bagize Komite y’ishami rya Australasie?
Ego cane, mu buryo bwinshi. Ubwa mbere, Ostraliya yarasabwe kwitwararika Samoa américaines be na Samoa. Mu nyuma, ishami rya Nouvelle Zélande ryarashizwe hamwe n’irya Ostraliya, bica bicika ishami rya Australasie. Ubu icibare c’ishami rya Australasie kigizwe na Ostraliya, Samoa, Samoa américaines, amazinga ya Cook, Nouvelle Zélande, Niue, Timor-Leste, Tokelau na Tonga. Naratewe agateka ko kugendera vyinshi muri ivyo bihugu nserukiye ibiro vy’ishami. Kuba narakoranye n’abo bavukanyi na bashiki bacu b’abizigirwa bo muri ayo mazinga biramfasha cane mu gikorwa ndangurira ku biro vy’ishami.
Winston Payne na Pam kw’ishami rya Australasie
Sinosozera ntavuze ko jewe na Pam twiboneye kuva kera yuko atari abakuze bonyene bipfuza kumenya Imana. N’abakiri bato baripfuza kuronka iyo “maragarita . . . y’agaciro kanini,” n’igihe incuti zabo zitoba zibikunda. (2 Abm. 5:2, 3; 2 Ngo. 34:1-3) Vy’ukuri, Yehova ni Imana y’urukundo yipfuza ko bose baronka ubuzima, baba abato canke abakuze.
Igihe twe na Pam twatangura kurondera ubumenyi bwerekeye Imana mu myaka irenga 50 iheze, ntitwari tuzi aho bizodushikana. Ukuri kw’Ubwami ni imaragarita y’agaciro ntangere koko. Twiyemeje kutarekura iyo maragarita y’agaciro kanini.