ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 25
  • Ni nde azotuma isi isubira kumera neza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni nde azotuma isi isubira kumera neza?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abantu boba bazokwigera baroranirwa?
  • Igituma twogira icizigiro
  • Iyi si yoba izohonywa?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Abantu boba bazokwonona isi ubutakivayo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Imana isezerana ko iyi si izorusimba
    Be maso!—2023
  • Ingabirano izokwamaho twahawe n’Umuremyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 25
Agakobwa kariko kavomera ishurwe. Hirya y’aho, hari amahinguriro yonona ibidukikije.

Ni nde azotuma isi isubira kumera neza?

Abantu barahagaritse umutima kubera ko hariho abariko barahonya iyi si be n’ibiri kuri yo. Abahinga mu bijanye n’ibidukikije bamwebamwe, bavuga ko abantu bariko barakora ibintu bibangamira ibidukikije bishobora gutuma mbere bimwebimwe bihona.

Abantu boba bazohonya isi? Canke vyoba bizokwigera bishoboka ko babaho batonona ibidukikije?

Abantu boba bazokwigera baroranirwa?

Abahinga benshi bizigiye ko abantu bashobora gukingira isi kandi bakabaho batonona ibidukikije. Abashakashatsi bamwebamwe bemera ko kugira abantu baroranirwe hari ibintu vyinshi bitegerezwa guhinduka kandi bikabera mu mwanya umwe. Muri ivyo harimwo:

  • Kuryohora ukuntu abantu bitwararika ubutaka, amashamba, ahantu hateze amazi, hamwe n’amabahari.

  • Gukoresha uburyo butandukanye bwo kurima hamwe n’amasoko ntanganguvu atandukanye.

  • Guhindura ingene abantu bafungura, bakagabanya inyama n’amafi, hanyuma bagafungura ahanini ibiterwa, maze bigatuma bagabanya ivyo bafungura n’ivyononekara.

  • Kwemera ko ubuzima bwiza butava ku kuronka amatungo menshi.

Uvyibaza ko iki? Twoba twokwitega ko hazogera igihe intwaro, amashirahamwe, n’abantu bazoja hamwe kuruta uko bahora babigira kugira bitwararike ico kibazo? Canke wibaza ko bitoshoboka kubera ko abantu bamwebamwe bagaragaza umwina, bikunda, kandi batitaho ivya kazoza?​—2 Timoteyo 3:1-5.

Igituma twogira icizigiro

Bibiliya iradukura amazinda ko kazoza k’iyi si ari keza. Bibiliya iratubwira igituma utwigoro tw’abantu tudahagije kugira iyi si ibe nziza, ikongera ikatubwira ibintu bitegerezwa guhinduka. Vyongeye, iratubwira ukuntu ivyo bintu bizohinduka.

Igituma utwigoro tw’abantu tudahagije kugira isi ibe nziza. Yehovaa Imana yararemye isi, aca aha abantu ibanga ryo kuyitwararika. (Itanguriro 1:28; 2:15) Kugira babishobore, vyasaba ko bemera yuko Umuremyi wabo abafasha kandi bakagamburuka ivyo abasaba. (Imigani 20:24) Ariko aho kubigenza gutyo, barateye akagere Yehova, bahitamwo kwigenga. (Umusiguzi 7:29) Abantu ntibashoboye kwitwararika isi badafashijwe n’Imana. Naho bogira utwigoro tumeze gute, ntibashobora guhindura ibintu vyose bikenewe kugira isi imere neza.​—Imigani 21:30; Yeremiya 10:23.

Ibintu bitegerezwa guhinduka. Imana ifise umugambi wo guhonya abahonya isi. (Ivyahishuwe 11:18) Aho gufasha intwaro z’abantu ziriko zironona isi, izozisubiriza. (Ivyahishuwe 21:1) Ku bw’iyo mvo, Yehova avuga ati: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.”​—Ivyahishuwe 21:5.

Ukuntu ibintu bizohinduka. Yehova azokuraho intwaro z’abantu azisubirize intwaro yo mw’ijuru yitwa Ubwami bw’Imana. Iyo ntwaro Yezu Kristu azoba ayoboye izoca itwara isi yose.​—Daniyeli 2:44; Matayo 6:10.

Ubwami bw’Imana buzokwigisha abantu kubaho bakurikiza amategeko y’Imana agororotse. Igihe abantu bazoba bemerwa kuyoborwa n’Umuremyi wabo kandi bagakora ivyo abasaba, bazoshobora kubaho batonona ibidukikije. (Yesaya 11:9) Bibiliya iravuga ukuntu intwaro y’Imana izotuma abatwarwa bayo baronka ubuzima bwiza cane kandi butabangamira isi. Ng’ibi ivyo iyo ntwaro izokora:

  • Izoronsa abantu bose ibifungurwa.​—Zaburi 72:16.

  • Izotuma iyi si isubira kumera neza.​—Yesaya 35:1, 2, 6, 7.

  • Izotuma ibikoko n’abantu bibana mu mahoro.​—Yesaya 11:6-8; Hoseya 2:18.

  • Izokuraho ivyago vy’ivyaduka.​—Mariko 4:37-41.

Urashobora kwizigira ko Ubwami bw’Imana bugiye gukora ivyo bintu. Ushaka ayandi makuru, nusome ikiganiro kivuga ngo “Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?”

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.

Twokora iki kugira twerekane ko duha agaciro iyi si yacu?

Mu gihe tukirindiriye ko Ubwami bw’Imana bukuraho ingorane zose ziterwa n’ibidukikije, turashobora gukora ibishoboka ubu kugira ngo twerekane ko duha agaciro uwu mubumbe. Nk’akarorero, turashobora kwirinda kuba abantu bonona, kandi tukagamburuka amategeko y’igihugu ajanye no gukoresha neza imicafu mu kuyikoramwo ibindi bintu.​—Yohani 6:12, 13; Abaroma 13:1, 5.

  • Brett.

    Brett ni umuhinga mu bidukikije yakukurutse. Ivyo yize mu bijanye n’ibidukikije vyaramufashije kumenya yuko hariho Umuremyi azotuma iyi si isubira kumera neza. Nusome inkuru yiwe.

  • Abakozi babiri bariko baraba inyubakwa nshasha ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova.

    Bumwe mu buryo Ivyabona vya Yehova berekana ko bubaha Umuremyi wabo babigira mu kwubaka inyubakwa zikingira ibidukikije. Kugira ubone ingene ivyo babigize, nurabe ividewo ivuga ngo Inyubakwa zitabangamira ibidukikije ziratera iteka Yehova.

Ivyanditswe bivuga ibijanye n’isi

Itanguriro 2:15: “Yehova Imana afata wa muntu, amushira muri nya murima wa Edeni kugira awurime no kugira awitwararike.”

Ico bisobanura: Imana yarajeje abantu ibanga ryo kwitwararika isi.

Itanguriro 1:28: “Imana irabahezagira, ibabwira iti: ‘Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe, muganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere, n’ikinyabuzima cose kigendagenda kw’isi.’”

Ico bisobanura: Imana yarajeje abantu ibanga ryo kwitwararika ibikoko

Yesaya 45:18: “Ibi [ni] vyo Yehova avuze, Umuremyi w’amajuru, we Mana y’ukuri, uwabumvye isi akayihingura, we yayishimangiye, ntayiremere ubusa gusa, mugabo akayirema ngo ibeko abantu: ‘Ndi Yehova, kandi nta wundi n’umwe ariho.’”

Ico bisobanura: Umugambi Imana ifitiye isi ntiwahindutse. Izobako abantu bazoshitsa umugambi yari ifise mu ntango.

Zaburi 37:29: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”

Ico bisobanura: Abagamburuka amategeko y’Imana agororotse bazoronka akaryo ko kubaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi.

Zaburi 98:6-8: “Mwihe akaruru k’intsinzi imbere y’Umwami, Yehova. Ikiyaga nigituragare be n’ibicuzuye, ubutaka bwimbuka n’ababubako. Inzuzi nizikome amashi; imisozi, yose hamwe, niyihe akamo k’umunezero.”

Ico bisobanura: Intwaro y’Imana izotuma ibidukikije bisubira kumera neza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika