ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 47
  • Amadayimoni yoba abaho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amadayimoni yoba abaho?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ukuri kwerekeye abamarayika
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ububasha Yezu afise ku madayimoni
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ukuntu abamarayika bagira ico bakoze kuri twebwe
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ibiremwa vy’impwemu bikorera iki abantu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 47

Amadayimoni yoba abaho?

Inyishu Bibiliya itanga

Egome. Amadayimoni ni ‘abamarayika bacumuye,’ ibiremwa vy’impwemu vyagararije Imana. (2 Petero 2:4) Umumarayika wa mbere yigize idayimoni ni Shetani wa Mubesheranyi, uwo Bibiliya yita “umutware w’amadayimoni.”—Matayo 12:24, 26.

Ubugarariji bwo mu gihe ca Nowa

Bibiliya iravuga ivy’abamarayika bagararije imbere ya rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa, iti: “Abana b’Imana y’ukuri batangura rero kwitegereza abakobwa b’abantu, babona ko ari beza; maze biyabirira abagore, ni ukuvuga abo batoranije bose.” (Itanguriro 6:2) Abo bamarayika b’ababisha, ni ukuvuga bononekaye, ‘barataye ahantu habo ho kuba hababereye’ mw’ijuru maze biyambika imibiri y’abantu kugira ngo baryamane n’abagore.—Yuda 6.

Igihe iryo Segenya ryaza, abo bamarayika b’abagarariji bariyambuye iyo mibiri y’abantu baca basubira mw’ijuru. Ariko rero, Imana yarabahanye mu kubirukana mu muryango wayo. Vyongeye, amadayimoni ntashobora gusubira kwambara imibiri y’abantu.—Abanyefeso 6:11, 12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika