ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 2
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Abalewi 2:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 6:14; 9:17; Gh 15:4
  • +Kv 29:2; Gh 7:13

Abalewi 2:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 6:15; Gh 5:26

Abalewi 2:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 7:9
  • +Lw 10:12; Gh 18:9

Abalewi 2:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:23; Lw 8:26
  • +Gh 6:19; 1Kr 5:7
  • +Kv 29:2; Lw 7:10; Gh 6:15

Abalewi 2:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 6:21; 7:9; 1Ng 23:29

Abalewi 2:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:9

Abalewi 2:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 2:2; 5:12
  • +Kv 29:41; Gh 28:8

Abalewi 2:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 18:9; Heb 13:10

Abalewi 2:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 12:19; Lw 6:17; Mt 16:12; 1Kr 5:7; Gl 5:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2004, rup. 21-22

Abalewi 2:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:19; Gh 15:20; 2Ng 31:5; Img 3:9; 1Kr 15:20; Ivh 14:4

Abalewi 2:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 43:24
  • +Gh 18:19; 2Ng 13:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2004, rup. 22

Abalewi 2:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:16; 34:22; Gh 28:26

Abalewi 2:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 17:26; 41:5

Abalewi 2:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:25; Lw 5:12

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Lew. 2:1Lw 6:14; 9:17; Gh 15:4
Lew. 2:1Kv 29:2; Gh 7:13
Lew. 2:2Lw 6:15; Gh 5:26
Lew. 2:3Lw 7:9
Lew. 2:3Lw 10:12; Gh 18:9
Lew. 2:4Kv 29:23; Lw 8:26
Lew. 2:4Gh 6:19; 1Kr 5:7
Lew. 2:4Kv 29:2; Lw 7:10; Gh 6:15
Lew. 2:5Lw 6:21; 7:9; 1Ng 23:29
Lew. 2:6Gh 28:9
Lew. 2:9Lw 2:2; 5:12
Lew. 2:9Kv 29:41; Gh 28:8
Lew. 2:10Gh 18:9; Heb 13:10
Lew. 2:11Kv 12:19; Lw 6:17; Mt 16:12; 1Kr 5:7; Gl 5:9
Lew. 2:12Kv 23:19; Gh 15:20; 2Ng 31:5; Img 3:9; 1Kr 15:20; Ivh 14:4
Lew. 2:13Ezk 43:24
Lew. 2:13Gh 18:19; 2Ng 13:5
Lew. 2:14Kv 23:16; 34:22; Gh 28:26
Lew. 2:15Yr 17:26; 41:5
Lew. 2:16Kv 29:25; Lw 5:12
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
Bibiliya y’isi nshasha
Abalewi 2:1-16

Abalewi

2 “‘Umuntu rero niyagomba gushikiriza Yehova ishikanwa ry’intete+, ishikanwa ryiwe rikwiye kuba ari ifu inoze+. Aze asuke amavuta hejuru yaryo hanyuma ashire kuri ryo imibavu ya olibani. 2 Aze arizanire bene Aroni, abaherezi, kandi umuherezi aze akamate kuri ryo urushi rw’ifu yaryo inoze n’amavuta yaryo kumwe n’imibavu yaryo yose ya olibani. Aze arifumbishe umwotsi ku gicaniro bwa cibutsa+ caryo, bwa shikanwa rishikanishwa umuriro ry’akamoto karuhura kuri Yehova. 3 Ibisigaye kuri nya shikanwa ry’intete ni ivya Aroni n’abahungu biwe+, bwa kintu ceranda rwose+ kivuye ku mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro.

4 “‘Kandi niwashikiriza ishikanwa ry’intete mu buryo bw’ikintu cokejwe mw’ifuru, rikwiye kuba ari iry’ifu inoze, udutsima tumeze nk’ikigōmbo+ tutarimwo umwambiro+, tubombekeshejwe amavuta, canke udukate tutarimwo umwambiro dusizwe amavuta+.

5 “‘Kandi nimba ishikanwa ryawe ari ishikanwa ry’intete ryo kw’ikarayi+, rikwiye kuba ari iry’ifu inoze ibombekeshejwe amavuta, itarimwo umwambiro. 6 Rikwiye kumanyagurwa mu tumanyu, kandi utegerezwa gusuka amavuta kuri ryo+. Ni ishikanwa ry’intete.

7 “‘Kandi nimba ishikanwa ryawe ari ishikanwa ry’intete rivuye mu nkono idengereyemwo amavuta, rikwiye kuba rigizwe n’ifu inoze iri kumwe n’amavuta. 8 Uze uzanire Yehova nya shikanwa ry’intete ryari rigizwe n’ivyo. Rize rishikirizwe umuherezi, na we aheze aryegereze ku gicaniro. 9 Umuherezi aze akureko bikeyi kuri nya shikanwa ry’intete bwa cibutsa+ caryo, abifumbishe umwotsi ku gicaniro, bwa shikanwa rishikanishwa umuriro ry’akamoto karuhura kuri Yehova+. 10 Ibisigaye kuri nya shikanwa ry’intete ni ivya Aroni n’abahungu biwe, bibe ikintu ceranda rwose co ku mashikanwa ya Yehova ashikanishwa umuriro+.

11 “‘Nta shikanwa ry’intete muzoshikiriza Yehova rikwiye kugirwa ikintu cambiye+, kuko ata gicumbe gikāta canke ubuki mukwiye gufumbisha umwotsi bwa shikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova.

12 “‘Muzobishikiriza Yehova bwa shikanwa ry’umushuzo+, kandi ntibize biduge ku gicaniro ngo bibe akamoto karuhura.

13 “‘Kandi ishikanwa ry’intete ryose ushikanye uze urirunge umunyu+. Ntuze ureke ngo umunyu w’isezerano+ ry’Imana yawe uhare kw’ishikanwa ryawe ry’intete. Ishikanwa ryawe ryose uzoshikiriza uzoritangana umunyu.

14 “‘Hamwe woshikiriza Yehova ishikanwa ry’intete ry’ivyeze ubwa mbere, ukwiye gushikiriza amahundo matoto ataze ku muriro, utujanjagu tw’intete nshasha, bwa shikanwa ry’intete ry’ivyo wejeje ubwa mbere+. 15 Kandi uze ushire amavuta kuri ryo, ushire n’imibavu ya olibani kuri ryo. Ni ishikanwa ry’intete+. 16 Umuherezi aze afumbishe umwotsi icibutsa+ caryo, ni ukuvuga dukeyi kuri twa tujanjagu twaryo n’amavuta, kumwe na ya mibavu yaryo yose ya olibani, bibe ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika