Itanguriro 37:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Bene wabo bamugirira ishari+, mugabo se wiwe azigama iryo jambo+. 1 Samweli 18:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kuva uwo musi, Sauli yama arabana Dawidi umwikeko+. Imigani 27:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Hariho ubunyamaswa bw’ubushangashirwe, be n’isegenya ry’ishavu+, mugabo ni nde yohagarara imbere y’ishari+? Abaroma 1:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 n’ingene bari buzuye ukutagororoka kwose+, ububisha+, umwina+, ububi+, buzuye agashari+, ubwicanyi+, ugushihana+, ubuhendanyi+, agatima ko gukora ikibi+, bakaba abavuga ubwongoshwe+, Tito 3:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kuko na twebwe kera twari imburabwenge, abagambarazi, tuzimizwa, turi abaja b’ivyipfuzo n’ibinezereza bitari bimwe, dushishikara kugendera mu bubi no mu gashari, turi abo kuzinukwa, twankana+.
4 Hariho ubunyamaswa bw’ubushangashirwe, be n’isegenya ry’ishavu+, mugabo ni nde yohagarara imbere y’ishari+?
29 n’ingene bari buzuye ukutagororoka kwose+, ububisha+, umwina+, ububi+, buzuye agashari+, ubwicanyi+, ugushihana+, ubuhendanyi+, agatima ko gukora ikibi+, bakaba abavuga ubwongoshwe+,
3 Kuko na twebwe kera twari imburabwenge, abagambarazi, tuzimizwa, turi abaja b’ivyipfuzo n’ibinezereza bitari bimwe, dushishikara kugendera mu bubi no mu gashari, turi abo kuzinukwa, twankana+.