5 Kandi nta gisaka na kimwe co mu gahinga cari bwaboneke kw’isi, kandi nta bimera na bimwe vyo mw’itongo vyari bwamere, kuko Yehova Imana atari bwagwishe imvura+ kw’isi, kandi nta muntu n’umwe yariho wo kurima ubutaka.
19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.”