Itanguriro 15:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nuko atangura kubwira Aburamu ati: “Umenye neza yuko uruvyaro rwawe ruzocika kavamahanga mu gihugu kitari icabo+, kandi bazobwirizwa gukorera abantu baho, kandi bano bazobateza amarushwa imyaka amajana ane+. Kuvayo 6:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Kandi narashinze isezerano ryanje hamwe na bo ryo kubaha igihugu ca Kanani, igihugu babayemwo ari ba kavamahanga+. Kuvayo 23:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “Kandi ntugahahaze kavamahanga+, kuko namwe ubwanyu muzi ubuzima bwa kavamahanga ico ari co, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+. Ivyakozwe 7:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Vyongeye, kuri ivyo Imana yavuze yuko uruvyaro rwiwe rwobaye kavamahanga+ mu gihugu kinyamahanga+ kandi abantu baho bakabagira abaja bakongera bakabateza amarushwa imyaka amajana ane+. Abaheburayo 11:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kubera ukwizera, yabayeho ari kavamahanga mu gihugu yahaweko umuhango nko mu gihugu co mu mahanga+, abana mu mahema+ na Izahaki+ na Yakobo+, abasangiye na we kuba ba samuragwa ba nya muhango nyene+.
13 Nuko atangura kubwira Aburamu ati: “Umenye neza yuko uruvyaro rwawe ruzocika kavamahanga mu gihugu kitari icabo+, kandi bazobwirizwa gukorera abantu baho, kandi bano bazobateza amarushwa imyaka amajana ane+.
4 Kandi narashinze isezerano ryanje hamwe na bo ryo kubaha igihugu ca Kanani, igihugu babayemwo ari ba kavamahanga+.
9 “Kandi ntugahahaze kavamahanga+, kuko namwe ubwanyu muzi ubuzima bwa kavamahanga ico ari co, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+.
6 Vyongeye, kuri ivyo Imana yavuze yuko uruvyaro rwiwe rwobaye kavamahanga+ mu gihugu kinyamahanga+ kandi abantu baho bakabagira abaja bakongera bakabateza amarushwa imyaka amajana ane+.
9 Kubera ukwizera, yabayeho ari kavamahanga mu gihugu yahaweko umuhango nko mu gihugu co mu mahanga+, abana mu mahema+ na Izahaki+ na Yakobo+, abasangiye na we kuba ba samuragwa ba nya muhango nyene+.