ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 30:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kandi uze ugishire imbere ya ya rido iri hafi ya ya sandugu y’igishingantahe+, imbere y’umurumyo uri hejuru ya ca Gishingantahe, aho nzoseruka imbere yawe+.

  • Abalewi 16:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Yehova abwira Musa ati: “Barira Aroni mwene wanyu, ntaze arinjira ibihe vyose ha hantu heranda+ inyuma y’irido+, imbere ya wa murumyo uri kw’Isandugu, kugira ntapfe+, kuko nzoseruka mu gicu+ hejuru ya nya murumyo+.

  • Guharura 7:89
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 89 Igihe cose Musa yinjiye mw’ihema ry’ihuriro kuvugana n’Imana+, yarumva ijwi riyaga na we rivuye hejuru y’umurumyo+ wari kw’isandugu y’igishingantahe, rivuye hagati ya ba bakerubi* babiri+; kandi Imana yaravugana na we.

  • Abacamanza 20:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Inyuma y’ivyo, bene Isirayeli basiguza Yehova+, kuko aho ari ho isandugu y’isezerano+ ry’Imana y’ukuri yari muri iyo misi.

  • Zaburi 80:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 80 Ewe Mwungere wa Isirayeli, tega ugutwi+,

      Wewe uyobora Yozefu nk’umukuku+.

      Wewe wicaye ku bakerubi+, nusayangane+!

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika