28 na ca gitambara co mu mutwe+ c’ilino nziza, na twa twambarwa two mu mutwe+ tw’ugushariza tw’ilino nziza, na ya mabutura y’ilino+ akozwe mw’ilino nziza ihinzwe,
13 Musa araheza yigiza hafi abahungu ba Aroni+, abambika amakanzu yongera abakenyeza ibikenyezo+, araheza azingira kuri bo ka kambarwa ko mu mutwe+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.