9 Uze ukenyeze Aroni n’abahungu biwe vya bikenyezo, wongere uzingire kuri bo ka kambarwa ko mu mutwe. Ubuherezi buze bucike ubwabo, bibe icagezwe gushika igihe kitagira urugero+. Ukwo ni ko uzokwuzuza ububasha ukuboko kwa Aroni n’ukw’abahungu biwe+.
13 Musa araheza yigiza hafi abahungu ba Aroni+, abambika amakanzu yongera abakenyeza ibikenyezo+, araheza azingira kuri bo ka kambarwa ko mu mutwe+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.