3 “‘Nimba ishikanwa ryiwe ari ishikanwa riturirwa+ ryo mu busho, ikigabo kitagira agahonzi+ ni co akwiye gushikiriza. Akwiye kugishikiririza ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro avyigombeye, imbere ya Yehova+.
5 “‘Maze ca kimasa kize gikerererwe imbere ya Yehova; kandi bene Aroni, abaherezi+, baze bashikirize amaraso bongere bayamijagire hirya no hino kuri ca gicaniro*+ kiri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro.