Zaburi 51:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ewe Yehova, ese woteranura iyi minwa yanje+,Kugira ngo akanwa kanje kamenyeshe ishemezo ryawe+. Zaburi 143:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Nyigisha gukora ukugomba kwawe+,Kuko uri Imana yanje+.Impwemu yawe ni nziza+;Ninyobore mu gihugu c’ukugororoka+. Yesaya 50:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Umukama Segaba Yehova ubwiwe yampaye ururimi rw’abigishijwe+, ngo menye ingene nishurisha ijambo uwurushe+. Ankangura uko bukeye; ugutwi kwanje agukangurira kwumva nk’abigishijwe+. Mariko 13:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Mugabo igihe bazoba babashoreye ngo babashengeze, ntimuze mwiganyire imbere y’igihe ku vyo muzovuga+; mugabo ico muzohabwa cose muri iyo saha, kizobe ari co muvuga, kuko atazoba ari mwebwe muvuga, mugabo azoba ari impwemu nyeranda+. Luka 12:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 kuko impwemu nyeranda+ izobigisha kuri iyo saha nyene ivyo mubwirizwa kuvuga+.”
10 Nyigisha gukora ukugomba kwawe+,Kuko uri Imana yanje+.Impwemu yawe ni nziza+;Ninyobore mu gihugu c’ukugororoka+.
4 Umukama Segaba Yehova ubwiwe yampaye ururimi rw’abigishijwe+, ngo menye ingene nishurisha ijambo uwurushe+. Ankangura uko bukeye; ugutwi kwanje agukangurira kwumva nk’abigishijwe+.
11 Mugabo igihe bazoba babashoreye ngo babashengeze, ntimuze mwiganyire imbere y’igihe ku vyo muzovuga+; mugabo ico muzohabwa cose muri iyo saha, kizobe ari co muvuga, kuko atazoba ari mwebwe muvuga, mugabo azoba ari impwemu nyeranda+.