ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 7:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Kuko ya nkoro y’ishikanwa rizungagizwa+, be na kwa kuguru kw’umugabane mweranda, ndabitwaye bene Isirayeli ndabikuye ku bimazi vyabo vy’ugusangira, nkabiha Aroni umuherezi n’abahungu biwe bikuwe kuri bene Isirayeli, iyo ikaba ari ingingo nyobozi gushika igihe kitagira urugero.

  • Abalewi 10:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ya nkoro y’ishikanwa rizungagizwa+ be na kwa kuguru kw’umugabane mweranda+ muzobirira ahantu hadahumanye, wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe bari kumwe nawe+, kuko vyatanzwe ngo bibe ingaburo yawe n’ingaburo y’abahungu bawe ivuye ku bimazi vy’ugusangira vya bene Isirayeli.

  • Guharura 15:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 haze rero habe ibi: nimwarya umukate uwo ari wo wose w’ico gihugu+, muze mutange intererano ihabwa Yehova.

  • Guharura 18:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Kuko ic’icumi ca bene Isirayeli, ico bazoterera bagiha Yehova bwa ntererano, nagihaye Abalewi bwa ntoranwa. Ni co gituma nababwiye yuko ‘ata ntoranwa bazoronka hagati muri bene Isirayeli+.’”

  • Gusubira mu vyagezwe 18:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Ibi rero ni vyo bikwiye kuguma ari uburenganzira bw’abaherezi bivuye ku bantu, bivuye ku bashikana ikimazi c’imbagwa, yaba ishūri canke intama: Umuntu ategerezwa guha umuherezi ibega n’imibangabanga n’umushishito.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika