ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;

  • Guharura 14:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 ‘Yehova, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, aharira ikosa n’ikigabitanyo+, mugabo ntazogenda akuye igihano ku muntu+, azana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane+.’

  • Gusubira mu vyagezwe 30:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Uno musi ntanze amajuru n’isi kw’ivyabona vyo kubagiriza+, yuko nshize imbere yawe ubuzima n’urupfu+, umuhezagiro+ n’umuvumo+; kandi utegerezwa guhitamwo ubuzima kugira ubandanye kubaho+, wewe n’uruvyaro rwawe+,

  • 1 Samweli 15:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo+ avuze: ‘Ntegerezwa kugira ico mbajije+ Amaleki ku vyo yagiriye Isirayeli igihe yamurwanya mu nzira ariko araduga avuye mu Misiri+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika