5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;
18 ‘Yehova, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, aharira ikosa n’ikigabitanyo+, mugabo ntazogenda akuye igihano ku muntu+, azana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane+.’
2 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo+ avuze: ‘Ntegerezwa kugira ico mbajije+ Amaleki ku vyo yagiriye Isirayeli igihe yamurwanya mu nzira ariko araduga avuye mu Misiri+.