ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 17:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ntibakwiye rero kwongera gushikanira ibimazi vyabo ya madayimoni* asa n’impene+, ayo bashurashurana+. Ico kizobabera icagezwe gushika igihe kitagira urugero, mu mayaruka yanyu yose.”’

  • Gusubira mu vyagezwe 31:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Yehova rero abwira Musa ati: “Ehe ugira uryame hamwe na ba sogokuruza bawe+; kandi aba bantu ntibazobura guhaguruka+ bagashurashura n’imana z’inyamahanga z’igihugu bariko barajamwo+, hagati yabo nyene, kandi bazonta koko+ barenge kw’isezerano ryanje nagiranye na bo+.

  • Abacamanza 2:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Banka kwumviriza n’abacamanza babo nyene, mugabo bashurashurana+ n’izindi mana+ bongera barazunamira. Ntibateba gukevya bava mu nzira ba sekuruza babo bari baragendeyemwo mu kugamburuka amabwirizwa ya Yehova+. Ntibakora nk’ukwo.

  • Abacamanza 8:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Gideyoni akimara gupfa, bene Isirayeli bongera gushurashura na za Bayali+, ku buryo Bayali-beriti bayigira imana yabo+.

  • Yeremiya 3:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ubumaraya bwiwe bwatumwe n’uko adafatana ibintu uburemere, kandi yagumye ahumanya igihugu+ yongera asambana n’amabuye be n’ibiti+;

  • Ezekiyeli 6:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kandi abacitse kw’icumu banyu ntibazobura kunyibuka mu mahanga bazoba baratwawemwo ari imbohe+, kuko nasabijwe n’umutima wabo usambana wakebeje ukamvako+, be n’amaso yabo akurikira ibigirwamana vyabo vy’umwanda ku bw’intumbero y’ubusambanyi+; kandi ntibazobura kwumva bashishwe mu maso habo kubera ibibi bakoze mu bintu vyabo vyose biteye ishishi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika