6 Nuko umwami abwira nya muntu w’Imana y’ukuri ati: “Ndakwinginze utakambire Yehova Imana yawe, usenge ku bwanje kugira ngo nsubizwe ukuboko kwanje+.” Nya muntu w’Imana y’ukuri aca atakambira+ Yehova, ku buryo umwami asubizwa ukuboko kwiwe, gusubira kumera nk’ubwa mbere+.