1 Samweli 26:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Nuko Sauli avuga ati: “Nacumuye+. Garuka mwananje Dawidi, kuko ntazosubira kukugirira nabi, kubera yuko ubuzima bwanje bwabaye ubw’agaciro+ mu maso yawe uyu musi. Ehe nakoze ivy’ubupfu, kandi nahuvye cane.” Zaburi 12:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Baguma babwirana ivy’ububeshi+;Baguma bavugisha akanwa gasosa+, n’imitima ibiri+. Matayo 27:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 avuga ati: “Nacumuye mu kugura amaraso y’umugororotsi+.” Na bo bati: “Bidutwaye iki? Birakuraba+!”
21 Nuko Sauli avuga ati: “Nacumuye+. Garuka mwananje Dawidi, kuko ntazosubira kukugirira nabi, kubera yuko ubuzima bwanje bwabaye ubw’agaciro+ mu maso yawe uyu musi. Ehe nakoze ivy’ubupfu, kandi nahuvye cane.”